Umusiguzi7
Ubwenge
1Kuvugwa neza bifise agaciro kuruta imibavu imota neza,kandi umusi wo gupfa uruta umusi wo kuvuka.2Kuja mu nzu y’ikigandarobiruta kuja mu nzu y’ibirori,kuko urupfu ari iwabo wa twese;ni vyiza ko abariho babishira ku mutima.3Umubabaro uruta ibitwengo,kuko kugira mu maso hijiriwe bihingura umutima.4Umutima w’abanyabwenge wiyumvira ivyo mu nzu y’abagandaye,ariko umutima w’ibipfu wiyumvira ivyo mu nzu y’ibirori.5Ni vyiza kwumviriza igikangiro c’umunyabwengekuruta kwumviriza indirimbo z’ibipfu.6Nk’uko amahwa aturagurikira mu muriro,ni ko n’ugutwenga kw’ibipfu kumera.N’ico na co ni ubusa.7Gucinyiza abandi bihindura umunyabwenge igipfu,kandi igiturire conona ingeso nziza.8Iherezo ry’ikintu riruta intango yaco,kandi ukwihangana kuruta ubwibone.9Ntiwihute kuraka muri wewe,kuko uburake buba mu mitima y’ibipfu.10Ntukavuge ngo: “Ni kuki imisi ya kera yari myiza kurusha iy’ubu?”Kuko ata bwenge buri mu kubaza ibibazo nk’ivyo.11Ubwenge, ni nk’iragi, ni ikintu cizakandi bugirira ikimazi uwubona izuba wese.12Ubwenge ni ubwugamonk’uko amahera ari ubwugamo,ariko inyungu y’ukumenya ni iyi:ni uko ubwenge buzigama ubuzima bw’uwubufise.13Raba ivyo Imana yakoze:Ni nde yogororaico yagoramitse?14Iyo ibihe ari vyiza, nezerwa;ariko iyo bibaye bibi, menya ibi:Imana ni yo yashizeho ivyo bihe vya mberenk’uko ari yo yashizeho n’ivyo vya kabiri.Nuko rero, umuntu ntashobora kumenyaikintu na kimwe ca kazoza kiwe.15Muri ubu buzima bw’akanya gato ibi vyompi narabibonye:umugororotsi apfira mu bugororotsi bwiwe,n’umunyakibi arambana ubukozi bw’ikibi bwiwe.16Nuko rero ntiwigire intungane birengeje,kandi ntiwigire umunyabwenge arengeje,ni igiki cotuma wiyica?17Ntiwigire umunyavyaha arengeje,kandi ntiwigire igipfu,ni iki cotuma upfa hataragera?18Ni vyiza ko ukurikira kimweariko n’ikindi ntukireke.Uwubaha Imana azokwirinda kurenza urugero.19Ubwenge butuma umunyabwenge aba umunyabushobozikurusha abantu cumi baganza mu gisagara.20Nta mugororotsi kw’isiakora ibigororotse gusa ntacumure.21Nturondere kwumva ivyo abantu bavuga vyose,kuko wohava wumva umukozi wawe akuvuma,22kuko uzi mu mutima waweko nawe ubwawe kenshi wavumye abandi.23Ivyo vyose nabigerageresheje ubwenge maze ndavuga nti:“Mpisemwo kuba umunyabwenge.”Ariko ivyo vyari bindengeye.24Uko ubwenge bwomera kwose,bushika kure, ni nde yobumenya?25Maze mpindukiriza umutima wanje ku gutahura,ngo ndondere kandi ntohoze ivyerekeye ubwenge n’iminyuro y’ibintunongere ntahure ubupfu bw’ikibin’ubusazi n’ubupfu.26Nsanga ikirusha urupfu kururani umugore yikwegerako abagabo,umutima wiwe umeze nk’umutegoamaboko yiwe akamera nk’iminyororo.Umuntu yubaha Imana ni we wenyene azomuva mu maboko,ariko umunyavyaha we ntazomwifatura.27Umusiguzi aravuga ati: “Raba, ibi ni vyo namenye:maze kurabira ibintu mu nzira zose kugira ngo menye.28Nkiriko ndaronderaariko ntarabona,nasanze umugabo w’umugororotsi umwe mu gihumbi,ariko nta mugore n’umwe agororotse nabonye muri bo.29Iki ni co conyene nabonye:Imana yaremye abantu bagororotse,ariko abantu bironderera inzira nyinshi zigoramye.”Biblica, Inc.