Umusiguzi6

1Nabonye ikindi kibi musi y’izuba, kandi kiremereye abantu:2Imana iha umuntu ubutunzi bwinshi, n’icubahiro, kugira ngo ntagire ico akena mu vyo umutima wiwe wipfuza, ariko Imana ntimwemerere kubinezererwamwo, maze kavantara akaba ari we abinezererwamwo. Ivyo ni ubusa, ni ikibi giteye umubabaro.
3Umuntu ashobora kugira abana ijana akaramba imyaka myinshi; ariko naho yoramba, adashobora kunezererwa ubutunzi bwiwe kandi ntahambwe neza, ndavuga nti arutwa n’ikivutse gihwereye.4Kivuka ari ubusa, kikazimirira mu mwiza, izina ryaco rikazimirira mu mwiza.5Naho kitigeze kibona izuba canke ngo kimenye ikintu na kimwe, kiraruhuka neza kurusha uwo muntu,6naho yoramba imyaka igihumbi incuro zibiri ariko ntanezererwe ubutunzi bwiwe. Mbega bose ntibaja hamwe?7Igituma umuntu atama ni ukugira ngo aronke ico arya,ariko ntiyigera ahaga.8None umunyabwenge arusha iki igipfu?Umukene yunguka ikimu kumenya ingene yigenza imbere y’abandi?9Ivyo ijisho ribona birutaukwipfuza kw’akayabagu.N’ivyo na vyo ni ubusa,ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
10Ikiriho cose caramaze kwitwa izina,kandi ico umuntu ari camenywe kera;nta muntu ashobora guhariran’umuntu amurusha inkomezi.11Uko umuntu avuga menshi,ni ko avuga ibitagira ikimazi,none ivyo bimarira iki umuntu?
12None ni nde yoshobora kumenya icoba ciza mu buzima bw’umuntu, mu misi yiwe y’ubusa imeze nk’igitutu? Ni nde yomubwira ikizobaho musi y’izuba amaze gupfa?

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e