Zaburi33

1Nimuririmbire Uhoraho munezerewe, yemwe bagororotsi;birabereye abatunganye kumuhimbaza.2Muhimbaze Uhoraho n’ikembe;mumucurarangire n’inanga y’imirya cumi.3Mumuririmbire indirimbo nshasha;mucurarangishe ubuhinga, muvuze impundu z’umunezero.
4Kuko ijambo ry’Uhoraho rigororotse kandi ari iry’ukuri;ni umwizigirwa mu vyo akora vyose.5Uhoraho akunda ubugororotsi n’imanza zibereye;isi yuzuye urukundo rwiwe rudashira.
6Amajuru yaremwe n’ijambo ry’Uhoraho,inyenyeri zo kw’ijuru zose zaremwe n’impwemu z’akanwa kiwe.7Yegeraniriza mu mibindi amazi yo mu kiyaga;ashira amazi yose yo mw’idamba mu bubiko.8Isi yose niyubahe Uhoraho;abo mw’isi bose nibamwunamire.9Kuko yavuze bikaba;agategeka, bigakomera.
10Uhoraho ahindura ubusa imigambi y’amahanga;asambura imigabo y’amoko.11Imigambi y’Uhoraho ihora ihangamye ibihe bidashira,imigabo y’umutima wiwe yamaho uko urunganwe rukuranwa n’urundi.
12Hahiriwe ihanga rifise Uhoraho nk’Imana yaryo,abantu yitoranirije ngo bamubere inyegu.13Uhoraho ari mw’ijuru arunguruka kw’isingo arabe abana b’abantu;14ari aho aba yitegerezaabari kw’isi bose;15Uwaremye imitima yabo bose,yitegereza ivyo bakora vyose.
16Nta mwami akizwa n’uko afise ingabo nyinshi;nta muhizi akizwa n’uko afise inkomezi nyinshi.17Ntukizigire ifarasi ngo igukize;naho ifise inkomezi nyinshi ntishobora gukiza.18Ariko inyonga z’Uhoraho ziri ku bamwubaha,ku bizigira urukundo rwiwe rudashira,19ngo rubakize urupfurubazigame bagume ari bazima mu gihe c’ikigoyi.
20Turindiriye Uhoraho twihanganye;kuko ari umutabazi wacu n’inkinzo yacu.21Imitima yacu inezererwa muri we,kuko twizigiye izina ryiwe ryera.22Urukundo rwawe rudashira rubane natwe, ewe Uhoraho,kuko ari wewe twizigiye.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e