Yesaya62

Izina rishasha rya Siyoni

1Ku bwa Siyoni sinzocereza,no ku bwa Yerusalemu sinzotekereza,gushika ukugororoka kwiwe gukayanganye nk’umutwenzi,n’agakiza kiwe kamuritse nk’urumuri.2Amahanga yose azokwihweza ukugororoka kwawe,abami na bo babone ubwiza bwawe;uzokwitwa izina rishasha,iryo uzohabwa n’akanwa k’Uhoraho.3Uzoba urugori rw’ubwiza mu kuboko kw’Uhoraho,n’urugori rw’ubwami mu biganza vy’Imana yawe.4Ntuzoba ucitwa intabwa,canke ngo igihugu cawe bacite icahebwe.Ariko uzokwitwa Hefuziba, bisigura “umugwa Uhoraho anezerererwa”,igihugu cawe na co citwe Beyula, bisigura “Uwarongowe”;kuko Uhoraho azokunezerererwa,akwemere nk’uwiwe.5Nk’uko umukwe amenyana n’umugeni wiwe,ni ko abakwubaka muzomenyana,kandi nk’uko umukwe anezerererwa umugeni wiwe,ni ko Imana yawe izokunezerererwa.
6Nashize abateramyi ku nzitiro zawe, ewe Yerusalemu;ntibazigera bahora haba ku murango canke mw’ijoro.Yemwe abambaza Uhoraho,ntimuruhuke,7kandi na we nyene ntimumwemerere ko aruhuka, gushika ahinduye Yerusalemuishimwe ryiwe kw’isi yose.
8Uhoraho yararahiye n’ukuboko kwiwe kw’i buryo,ari kwo kuboko kw’inkomezi, ati:Sinzosubira kugabura ingano zanyungo ndazihe abansi banyu bazirye,kandi n’abanyamahanga ngo banywe imivinyu mishasha,iyo mwaruhiye;9ariko abavyimbura ni bo bazobiryakohanyuma bashime Uhorahokandi n’abazogana inzabibu bazozinywako,bazinywere mu rugo rw’Ingoro yanje.
10Nimurenge, nimurenge amarembo!Mutegurire inzira abantu.Nimuharure, muharure inzira zagutse!Nimukure amabuye mu nzira.Nimudugirize ibendera amahanga.
11Uhoraho yatanze itegekogushika ku mpera z’isi zose ati:“Nimubwire umukobwa w’i Siyoni muti:‘Ehe Umukiza wawe araje!Ehe aje azanye impera,kandi impembo yiwe iramuherekeje.’ ”12Bazokwitwa ubwoko bwera,abacunguwe n’Uhoraho;nawe uzokwitwa Uwipfuzwa,Igisagara Kitahebwe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e