Yesaya61

Umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho

1Mpwemu w’Uhoraho Nyeninganji, ari kuri jewe,kuko Uhoraho yansize amavutango mbwire aboro ubutumwa bwiza.Yantumye kwunga imitima isanzaye,kumenyesha inyagano ko zibohowe,no guha imbohe umwidegemvyo.2Yantumye kumenyesha umwaka wo kugirirwa ubuntu n’Uhoraho,n’umusi wo kwihora kw’Imana yacu,no kuremesha abagandaye bose,3nshirireho no kuri abo b’i Siyoni bagandaye,urugori rw’ubwizamu gishingo c’iminyota,amavuta y’akanyamunezamu gishingo c’ikigandaro,n’umwambaro w’amashimwemu gishingo c’umutima wihebuye.Bazokwitwa igiti c’ukugororoka,catewe n’Uhoraho,ngo cerekane ubwiza bwiwe.
4Bazosubira bubake ivyasambuwe kera,basanasane ahasanganguwe kera cane.Bazosanura ibisagara,vyasambuwe hakaba haciye igihe kirekire.5Ba kavantara bazokuragirira ibitungwa,abanyamahanga bazokurimira mu mirima y’imizabibu.6Namwe muzokwitwa abaherezi b’Uhoraho,muzokwitwa abakozi b’Imana yacu.Muzorya ku butunzi bw’amahanga,kandi muzokwiratira mu butunzi bwabo.
7Mu gishingo co kumaramara,muzoronka umugabane wanyu ugwije kabiri,mu gishingo co guteterwa,muzonezerererwa umugabane wanyu.Muzohabwa umugabane wanyu ugwije kabiri mu gihugu canyu,umunezero udashira uzoba uwanyu.
8Kuko jewe Uhoraho nkunda guca iziroranye;nkanka ubusuma n’ubugunge.Mu bwizigirwa bwanje nzoha impera abantu banje,nongere ngirane na bo isezerano ritazovaho.9Uruvyaro rwabo rumenyekane mu mahanga,n’abana babo bamenyekane mu bantu benshi.Abazobabona bosebazomenya ko ari ubwoko bwahezagiwe n’Uhoraho.
10Nzohimbarwa n’Uhoraho,umutima wanje unezerererwe Imana yanje.Kuko yanyambitse umwambaro w’agakiza,akantwikiriza umutamana w’ukugororoka,nk’uko umukwe ashariza umutwe wiwe nk’umuherezi,umugeni na we akishariza n’udusharizo twiwe tw’inzahabu.11Nk’uko isi isokorora ingemwe,maze itongo rigakuza ibiterwa,ni ko Uhoraho Nyeninganji azoshiraho ukugororoka,maze amashimwe yiburuke imbere y’amahanga yose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e