1 Korinto4
Umuhamagaro w’Intumwa
1Nuko rero mwese mudufate nk’abakozi ba Kristo, abo Imana yajeje kumenyekanisha amabanga yayo yahishuye.2Iyo umukozi ajejwe ibintu, ico asabwa ni ukuba umwizigirwa.3Ku binyerekeye, nta co bintwaye gucirwa urubanza namwe canke n’ubundi bucamanza bwose bw’abantu. Ariko jewe ubwanje nta rubanza nicira.4Mu mutima wanje nta jwi rinyagiriza ikibi, ariko ivyo ntibisigura ko nera. Umwami Imana ni we ancira urubanza.5Ni co gituma mudakwiye guca urubanza igihe co guca imanza kitaragera; nimurindire gushika Umwami Yesu agarutse. Ni we azonyegurura ivyanyegejwe mu mwijima, yongere ashire ahabona ivyiyumviro vyo mu mitima y’abantu. Aho ni ho umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.6Bene Data, natanze akarorero kuri jewe no kuri Apolo ku bwanyu, kugira ngo mutwigireko iri jambo rivuga riti: “Ntimukarenge ku vyanditswe;” aho ni ho ata n’umwe muri mwebwe azokwirata kuba umwigishwa w’umwe ngo amurutishe uwundi.7Mbega ni nde yababwiye ko muruta abandi? Hari ico mufise mutahawe? None nimba ico mufise cose mwaragihawe, ni kuki mwishira hejuru nk’aho mutagihawe?8Mwibaza ko mukwije vyose! Mwibaza ko mumaze gutunga! Muramaze no kuba abami tutari kumwe! Icompa mukaba abami vy’ukuri kugira ngo tuganzanye namwe.9Ku bwanje, twebwe intumwa tumeze nk’imbohe z’intambara zigenewe kwicwa. Imana yadushize ku murongo inyuma y’abadufashe mpiri, mu birori vyabo vyo kwigina intsinzi. Twahindutse akamenyo kw’isi yose, mu maso y’abamarayika no mu maso y’abantu.10Turi ibijuju ku bwa Kristo, ariko mweho mwigira abanyabwenge muri Kristo. Turi abanyantegenke, ariko mweho mwigira abanyenkomezi. Muri abanyacubahiro, ariko twebwe turakengeretse.11Gushika n’ubu turasonza kandi tukanyoterwa, ntitugira ico twambara, turakubitwa, kandi ntitugira aho tuba.12Dukoresha amaboko yacu tukaruha kugira ngo turonke ibidutunga. Duhezagira abatuvuma, tukihanganira guhamwa.13Iyo batuvuze nabi, twishurana ubugwaneza. Gushika n’ubu dufatwa nk’umwavu wo kw’isi, ivyatawe na bose.Pawulo ahanura ab’i Korinto
14Sindabandikiye ibi kugira ngo ndabamaramaze, ahubwo nipfuza kubaburira nk’abana banje nkunda cane.15Kuko naho mufise abarezi ibihumbi cumi muri Kristo, ntimufise ba so benshi, kuko ni jewe nabavyaje Ubutumwa Bwiza muri Kristo Yesu.16Ndabinginga rero ngo munyigane.17Ni co gituma nabarungikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda kandi w’umwizigirwa mu Mwami. Azobibutsa ingene mbayeho muri Kristo Yesu, nk’uko ndavyigisha hose mu mashengero yose.18Bamwe muri mwebwe batewe n’ubwibone bibaza ko ntazoza kubagendera.19Ariko, Umwami Imana niyabikunda, nzobagendera vuba, kandi sinzokwumviriza gusa amajambo y’abo bantu b’ubwibone, ahubwo nzorondera kumenya nimba bakoreshwa n’ubushobozi bw’Imana.20Kuko Ubwami bw’Imana atari amajambo gusa, ahubwo ni ubushobozi.21Mbega mugomba nzobagendere nzanye inkoni yo kubahana? Canke icoba ciza ni uko noza mfise umutima w’urukundo n’ubugwaneza?Biblica, Inc.