Kuvayo35
Ivyagezwe bijanye n’umusi w’Isabato
1Mose akoranya Abisirayeli bose arababwira ati: “Ibi ni vyo vyagezwe Uhoraho abahaye ngo mubishitse:2Muzokore ibikorwa vyanyu vya misi yose mu misi itandatu, umusi ugira indwi uzobe Isabato y’akaruhuko y’Uhoraho. Uwuzogira igikorwa na kimwe akora kw’Isabato aze yicwe.3Ntihaze hagire n’uwucana umucanwa mu nsago zanyu ku musi w’Isabato.”Ibikoresho vyo mw’ihema ry’ibonaniro
4Mose abarira ikoraniro ryose ati: “Ibi ni vyo Uhoraho yadutegetse:5mufate mu vyo mutunze mushikanire Uhoraho. Abipfuza gushikanira Uhoraho bivuye ku mutima bazotange ibi bikurikira: inzahabu, ifeza, umwakaka,6inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane hamwe n’izera derere, n’ubwoya bw’impene,7insato z’intama n’iz’impene zisize irangi ritukura, n’imbaho z’ibiti vy’ikasiya,8amavuta ya elayo yo gushira mu matara, ivyo kuvanga n’amavuta y’abarobanurirwa amabango, n’ibindi bimota neza iyo bituriwe n’umuriro,9utubuye tw’agaciro twitwa onigisi hamwe n’utundi two gushariza efodi n’impuzu yo mu gikiriza y’umuherezi mukuru.10Abahinga bari muri mwebwe baheze baze kugira ngo bakore ivyo Uhoraho yatugeze:11Ihema n’ibiripfutse, imisumari, imbaho, ibiti vy’imitambikwa, inkingi n’ivyo zishingwako,12Isandugu n’imyamba yo kuyirerura n’umupfundikizo wo guhongerako, igitambara co kuyikingira,13imeza n’imyamba yayo yo kuyirerura, ibikoresho vyose vyo kuri iyo meza, hamwe n’imikate y’ishikanwa.14Igiterekwako amatara n’ibijana na co, n’amavuta yo gucana mu matara,15igicaniro co guturirirako ibimota neza n’imyamba yo kukirerura, amavuta yo kurobanura, ibitamirana, igitambara co gukinga urwinjiriro rw’Ihema,16igicaniro co guturirirako ibimazi n’ico kwokerezako gikozwe mu mwakaka, imyamba yo kukirerura, ibikoresho bijana na co, ibesani yo gukarabiramwo n’ivyo iterekwako,17igitambara co kumanika ngo gipfuke urugo, inkingi zaco n’ivyo zishingwako, igitambara co mu rwinjiriro rw’urugo,18imambo z’Ihema n’iz’urugo, hamwe n’imigozi yazo,19imyambaro y’abaherezi harimwo iyejejwe ya Aroni hamwe n’iy’abahungu biwe bazokwambara bariko barakora igikorwa c’ubuherezi.”20Nuko Abisirayeli bose baca bava imbere ya Mose,21kandi uwumva wese agomvye gutanga atagoberewe mu mutima yashikanira Uhoraho amashikanwa yo kwubaka Ihema ry’Ibonaniro, ayo gukora ibikorwa vyose n’ayo gukora vya vyambarwa vyejejwe.22Abagore, abagabo, umwe wese bivanye n’uko abikunze, batanga ivyo kwishariza vyabo vy’ubwoko bwose bikozwe mu nzahabu: amahereni yo ku matwi n’ayo ku mazuru, impeta, n’imigufu yo mw’izosi. Batanga ivyo kwishariza vy’ubwoko bwose bikozwe mu nzahabu, nk’ishikanwa ridasanzwe k’Uhoraho.23Abari bafise inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere, ubwoya bw’impene, insato z’impene n’iz’intama zigororotse, barazitanga.24Abari bafise ifeza n’umwakaka barabishikanira Uhoraho, n’abari bafise imbaho z’igiti c’ikasiya barazishikana kugira ngo zizokoreshwe.25Umugore wese yari afise ubuhinga bwo gutegura inyuzi yarazana inyuzi yateguye: iz’ubururu, izitukura, n’izera.26Kandi n’abagore bose bari bafise umutima ubikunze n’ubuhinga barategura ubwoya bw’impene bakabukoramwo inyuzi.27Abatware na bo bazana utubuye tw’agaciro twitwa onigisi n’utundi two gutera kuri efodi no ku mpuzu yo mu gikiriza.28Bazana n’ibitamirana hamwe n’amavuta ya elayo yo gucana amatara, ayo kurobanura abaherezi hamwe n’ayo kuvanga n’ibitamirana.29Abisirayeli bose, abagore n’abagabo, bashikanira Uhoraho bavyishakiye, bagatanga batumbereye ibikorwa Uhoraho yabategetse aciye kuri Mose.Mose avuga ivya Bezaleli na Oholiyabu
30Maze Mose abarira Abisirayeli ati: “Uhoraho yatoranije Bezaleli mwene Uri, umwuzukuru wa Huri, wo mu muryango wa Yuda,31amwuzuza Mpwemu w’Imana, ubwenge, ugutahura, ubumenyi n’ubuhinga bw’uburyo bwose,32kugira ngo ashobore gukora ibikorwa vy’ubuhinga mu nzahabu, mw’ifeza, no mu mwakaka.33Afise ubuhinga bwo gukorogoshora amabuye n’ibiti, n’ubwo gukora ibintu bitandukanye.34Kandi Uhoraho yamuhaye ingabire yo kwigisha abandi ubwo buhinga afatanije na Oholiyabu, mwene Ahisamaki, wo mu muryango wa Dani.35Uhoraho yabujuje ubuhinga bwose bwo gukora ibikorwa vyo gucura, gukorongoshora ku mabuye, no gushira udusharizo ku mpuzu bakoresheje inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere, kujisha, hamwe n’ubundi buhinga bwose bijanye, n’ubuhinga bwo kwishushaniriza ivyo bakora.Biblica, Inc.