Kuvayo36
1None rero Bezaleli na Oholiyabu hamwe n’abandi bahinga bose Uhoraho yahaye ubuhinga n’ubushobozi bwo kumenya ingene igikorwa c’ukwubaka ihema cogenda bagikore nk’uko Uhoraho yabigeze.”2Maze Mose aca atumako Bezaleli na Oholiyabu, n’abandi bose Uhoraho yahaye ubuhinga, baza babikunze, baja kuri ico gikorwa.3Mose abaha amashikanwa yose Abisirayeli batanze ngo yubake ihema, abantu na bo babandanya batanga uko bukeye uko bwije, bivuye ku mutima.4Maze ba bahinga bahagarika kwubaka,5baja kubwira Mose bati: “Abantu bagumye bazana ibikoresho birenze ibikenewe kuri iki gikorwa Uhoraho yatugeze gukora.”6Maze Mose aca ashinga ko bakwiragira mu makambi yose babwira abantu bati: “Ntihagire umugabo canke umugore asubira kugira ico atanze nk’ishikanwa ryo kwubaka ihema.” Maze abantu ntibaba bagisubira gutangira iryo hema.7Ivyo bari bamaze gutanga vyari birengeye ivyari bikenewe ku bw’ico gikorwa.
Ihema ry’ibonaniro ryubakwa
8Abantu bose b’abahinga bakora ico gikorwa, bubaka ihema, barisakaza ibitambara icumi vyera derere bikozwe mu nyuzi zihinze neza, iz’ubururu, izitukura n’izitukura cane, bijishweko n’ibishushanyo vy’abakerubi, bikozwe n’abahinga karuhariwe.9Ivyo bitambara vyose vyarareha: bifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri n’umunani z’uburebure, n’ingero z’igice c’ukuboko zine z’ubwaguke.10Bafata ibitambara bitanu barabifatanya ukwavyo, n’ibindi bitanu babifatanya ukwavyo, gutyo biba bibiri binini.11Batera utugombo dusa n’ubururu ku ruhande rumwe rw’igitambara kinini, utundi mirongo itanu badutera ku ruhande rw’ikindi.12Utugombo mirongo itanu duteye ku ruhande rw’igitambara kimwe twari dutumberanye na mirongo itanu duteye ku ruhande rw’ikindi.13Bongera bacura ibikwashu mirongo itanu mu nzahabu babikoresha mu gufatanya vya bitambara kugira ngo Ihema ribe inyubakwa imwe.14Bakora n’ibitambara icumi na kimwe mu mpuzu zikozwe mu bwoya bw’impene, biba ivyo gupfuka Ihema.15Igitambara cose cari gifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itatu z’uburebure n’ingero z’igice c’ukuboko zine z’ubwaguke.16Bafatanya ibitambara bitanu biba kimwe, bafatanya n’ibindi bitandatu na vyo nyene biba igitambara kimwe.17Bajisha utugombo mirongo itanu badutera ku mpera ya vya bindi bitandatu vyafatanijwe, biba igitambara kimwe.18Baca bacura n’ibikwashu mirongo itanu mu butare bw’umwakaka vyo gufatanya ivyo bitambara vyompi, kugira ngo Ihema ribe rimwe.19Bongera bajisha ikindi co gupfuka Ihema gikozwe mu nsato z’intama zisize irangi ritukura, bakirenzako izindi nsato z’agaciro.20Bongera babaza imbaho mu giti c’ikasiya zo guhagarika ihema.21Urubaho rumwerumwe rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko icumi z’uburebure n’ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’ubwaguke.22Urubaho rwose rwari rufise inkago zibiri zibangabanganywe. Uko ni ko bubatse iryo hema.23Babaza imbaho mirongo ibiri zo gushigikira uruhande rwo mu bumanuko,24bacura n’ivyo kuzihagarikako mirongo ine mw’ifeza, bibiribibiri ku rubaho rumwerumwe, kimwe cose mu nkago imwe.25Ku ruhande rwo mu buraruko na ho bahashize imbaho mirongo ibiri26n’ivyo kuziterekako mirongo ine bicuzwe mw’ifeza, bibiribibiri musi y’urubaho rumwe.27Babaza n’imbaho zitandatu zo ku ruhande rw’inyuma y’ihema, ari ho mu burengero bwaryo,28kandi mu mfuruka zo hirya bafatanya imbaho zibirizibiri.29Muri izi mfuruka zibiri, hashirwayo imbaho zibiri zifatanye kuva hasi gushika hejuru, zishinze mu muringa umwe; hose bigenda uko.30Rero hari imbaho umunani n’ivyo zishingwako icumi na bitandatu, bibiribibiri musi y’urubaho rumwerumwe.31Babaza mu giti c’ikasiya ibiti bitanu vyo gushira ku mbaho zo ku ruhande rumwe rw’iryo hema32n’ibindi bitanu vyo ku rundi ruhande, hamwe n’ibindi bitanu vyo ku ruhande rwo mu burengero, ari rwo ruhande rwo hirya y’ihema.33Bakora n’igiti gica hagati y’ibindi kiva ku ntango kigashika ku mpera, kigaca hagati na hagati ku mbaho.34Izo mbaho zose bazometseko inzahabu, bacura n’ibigombo mu nzahabu vyo gufata ivyo biti vyo hagati. Ivyo biti na vyo nyene bavyomekako inzahabu.35Bajisha n’igitambara mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza, kiriko n’ibishushanyo vy’abakerubi, bishizweko n’abahinga karuhariwe.36Babaje n’inkingi zine mu giti c’ikasiya, bazomekako inzahabu, baziterako imisumari yacuzwe mu nzahabu, bazicurira n’ibitereko bine bikozwe mw’ifeza.37Bongera bajisha igitambara co gukingira urwinjiriro rw’Ihema, bakijisha mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza, maze giterwako utugenegene n’abahinga karuhariwe.38Ico gitambara cari gifashwe n’imisumari icuzwe mu nzahabu. Amaja ku mutwe w’izo nkingi bometseko inzahabu, bazikorera n’ivyo kuziterekako bitanu, babicura mu butare bw’umwakaka.Biblica, Inc.