Ezekiyeli16
Yerusalemu, umugore w’umusambayikazi
1Ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri jewe riti:2“Mwana w’umuntu, hangana n’ababa i Yerusalemu, ubamenyeshe ibizira bakora,3ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji abwiye Yerusalemu: Inkomoko yawe n’amavukiro yawe ni mu gihugu c’i Kanani; so wawe yari Umumori, nyoko wawe na we yari Umuhetikazi.4Umusi uvuka, uruzogi rwawe ntirwaciwe, kandi nta wakwogeje n’amazi ngo use neza, nta n’uwagusize umunyu canke ngo akwambike impuzu nziza.5Nta wakurabanye imbabazi, canke ngo akugirire impuhwe maze ngo agukorere na kimwe muri ivyo. Ahubwo watawe mu gahinga, kuko umusi uvuka wari ugayitse.6Maze nguciye i ruhande, ndakubona wigaragura mu maraso yawe, ukibiryamyemwo ndakubwira nti: Baho!7Naragukujije nk’igiterwa co mu murima, urakura, ugira ubwiza bw’agatangaza. Amabere yawe arasonga, umushatsi wawe urakura, naho wari ukiri gusa, ugenda amenya.8Mu nyuma naguciye i ruhande, ndakuravye nsaga urageze kuronka uwugukunda, nzingurura umutamana wanje ndagupfuka, mpisha ubwambure bwawe. Maze ndakurahira indahiro ku mugaragaro, ngirana isezerano ry’ubugeni nawe, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze, uba ubaye uwanje.9Nca ndakwoza, nguhanagura amaraso, mpejeje ndagusiga amavuta atamirana.10Hanyuma nkwambika impuzu zera derere z’agaciro kanini, zisharije neza, nkwambika n’ibirato bikozwe mu nsato z’impene ziremvye.11Nakwambitse utugenegene twiza: ibisharizo vyo ku maboko, ibirezi vyo mw’izosi,12impeta yo ku zuru, amahereni ku matwi, n’urugori rw’ubwamikazi ku mutwe.13Wari usharijwe n’inzahabu n’ifeza, imyambaro yawe yari yera derere kandi y’agaciro kanini, isharije cane. Ivyokurya vyawe vyari vyizavyiza, ubuki, amavuta ya elayo hamwe n’ifu inoze neza. Wari mwiza cane, kandi wari ubereye kuba umwamikazi.14Ubwiza bwawe bwatumye uba rurangiranwa mu mahanga, kuko icubahiro naguhaye catumye ubwiza bwawe buba agahebuza, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.15Ariko wahavuye wishimira ubwiza bwawe, ukumenyekana kwawe gutuma uba maraya. Wihaye uwurengana wese, ubwiza bwawe buba ubw’uwo wese ahita.16Wafashe umwe mu myambaro yawe, wiyubakiramwo ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana mu mataba y’imisozi, aho ukorera ubumaraya. Ibintu nk’ivyo ntivyari bwigere biba! Mbega ivyo vyashitse gute?17Warongeye ufata ibisharizo vyose vy’agaciro naguhaye, vyari vyakozwe mu nzahabu no mw’ifeza, wicuriramwo ibishushanyo vy’abagabo, ugirana ubumaraya na vyo.18Ufata imyambaro isharije naguhaye uravyambika, ubishikanira amavuta yanje hamwe n’ibiturirwa bikamota neza vyose naguhaye.19Ivyokurya nari naguhaye ngo abe ari vyo urya: ifu inoze neza, amavuta ya elayo hamwe n’ubuki, wabibishikaniye nk’ibiturirwa bikamota neza. Ng’ivyo ivyo wakoze, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.20Wageretseko, ufata abahungu n’abakobwa wari wamvyariye, ubashikanira ibigirwamana nk’infungurwa zavyo. Mbega ubumaraya bwawe ntibwari buhagije?21Wakereye abana banje, ubashikanako ibimazi ku bigirwamana.22Muri ivyo bizira vyose n’ubwo bumaraya, ntiwigeze wibuka imisi y’ubuto bwawe, igihe wari gusa ugenda amenya, wigaragura mu maraso yawe.23Uragowe! Uragowe, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze. Ikigeretse kuri ivyo bibi wakoze,24wiyubakiye ikibanza co gusengeramwo nk’ic’abanyamahanga, ushira igicaniro ahantu hose hakoranira abantu.25Wubatse utunyabugoro ku mayirabiri hose, uhumanya ubwiza bwawe, wegurira umubiri wawe ubusambanyi hamwe n’uwuhita wese butagira ingene bwovugwa.26Wisutse mu bumaraya n’Abanyegiputa, ari bo babanyi bawe buzuye ukwipfuza, maze utuma ubusambanyi bwawe bwinshi bundatsa.27Ni ho nakuramvurirako ukuboko kwanje, ngabanya igihugu cawe; ndakurekurira mu maboko y’abansi bawe, ari bo Bafilisitiya, bari batewe isoni n’ingeso mbi zawe.28N’Abashuri wagiranye ubumaraya na bo, kuko usanzwe utanyurwa; kandi umaze kubana na bo mu bumaraya, ntiwanyuzwe.29Wagwije ubusambanyi bwawe na Babiloni, igihugu c’abadandaza, ariko na ho nyene ntiwanyuzwe.30Ese ukuntu umutima wawe wapfuye, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze, vyatumye ukora ibisa gutyo, ukigenza nka maraya atakigira udusoni!31Iyo wubatse ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana mu mayirabiri, ukubaka ibicaniro ahahurira abantu hose, wari ubaye maraya, mugabo atameze nk’abandi bamaraya kuko wewe nta n’amahera waka.32Ewe wa mugore we w’umusambanyikazi! Uhitamwo abagabo b’abanyamahanga ukabarutisha umugabo wawe bwite!33Abamaraya bose bahabwa ingabire, ariko weho uha ingabire abagusambanya, kugira ngo ubikwegereko ubakuye ahatandukanye, ngo baze mu busambanyi bwawe.34Mu bumaraya bwawe utandukanye n’abandi; nta wugukurikira akurondera. Utandukanye n’abandi kuko wewe, ni wewe uhemba abagusambanya kandi nta na kimwe wewe uhabwa.35None rero ewe maraya, niwumve ijambo ry’Uhoraho!36Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ko wasesaguye ubutunzi bwawe, ukiyambika ubusa mu gusambana n’abo wishakiye bose, kandi kubera ubuyobe bw’ibigirwamana vyawe, hamwe n’amaraso y’abana bawe wahaye ivyo bigirwamana,37ngiye kwegeranya abo bose wikundiye, abaguha umunezero, abo wakunze n’abo wanse. Nzobegeranya bave mu mihingo yose, ndakwamburire imbere yabo bose, babone ubwambure bwawe bwose.38Nzogucira igihano c’umugore yasambanye, akongera agasesa amaraso.39Nzoheza ndaguhereze abo wikundiye, basenyagure ibibanza vyawe vyo gusengeramwo n’ibicaniro vyawe. Bazokwambura impuzu zawe, bagutware udusharizo twawe, bagusige wambaye ubusa.40Bazokwongera bazanane n’isinzi ry’abantu bagutere amabuye, bagusogote inkota.41Bazoturira inzu yawe, baguhanire imbere y’abandi bagore benshi. Ubumaraya bwawe nzobuherengeteza, kandi ntuzoba ugisubira guha impembo abakunzi bawe.42Ni ho uburake bwanje buzohwama, ishavu n’umujinya bikakuvako; maze nzotekana, sinzosubira kukurakira.43Kuko utibutse ubuto bwawe ahubwo ukandakisha ibi vyaha vyose, nzogusubiriza mu nkoko ibihwanye n’ivyaha vyawe vyose, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. Kuko kuri ivyo vyaha wongeyeko ibikorwa bigayitse.44Abaca imigani bose bazohora bavuga bati: Umukobwa amera nka nyina.45Vy’ukuri uri umukobwa yuzuye wa nyoko, agaya umugabo n’abana; kandi uri umuvukanyi wa benewanyu koko, bagaya abagabo babo n’abana babo. Nyoko yari Umuhetikazi so na we yari Umumori.46Mukurwawe mukuru yari Samariya, yaba mu buraruko hamwe n’abakobwa biwe; kandi murumunawe mutoya na we yaba mu bumanuko, n’abakobwa biwe, yari Sodomu.47Ntiwagendeye mu ngeso zabo gusa, ahubwo wakoze ibikorwa bigayitse kurusha ivyabo, uca uba mubi kubarusha kure n’iyo.48Ni ukuri nk’ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze, mwenewanyu Sodomu n’abakobwa biwe ntibigeze bakora nk’ivyo mwe n’abakobwa bawe mwakoze.49Iki ni co caha ca mwenewanyu Sodomu: we n’abakobwa biwe bari buzuye ubwibone, bakarya cane; ntibitaho aboro n’abakene.50Barishima cane, bagakorera ibizira imbere yanje. Ni co catumye ndabakuraho nk’uko wabibonye.51Samariya ntiyakoze n’ica kabiri c’ivyaha wakoze. Wakoze ibizira vyinshi kubasumvya, noneho bituma benewanyu basa nk’aho ari abagororotsi kugusumvya kubera ibibi vyose wakoze.52Wari ukwiye kumaramara, kuko watumye benewanyu baboneka nk’aho batari bakwiye gutsindwa n’urubanza. Ivyaha vyawe vyabaye vyinshi cane gusumba ivyabo, bituma umenga ni abagororotsi kugusumvya. None rero, niwuzure ibimaramare, kuko watumye baboneka nk’abagororotsi.53Ariko umusi umwe nzosubiza ibintu vyabo mu buryo, ivya Sodomu n’ivy’abakobwa biwe, hamwe n’ivya Samariya n’ivy’abakobwa biwe, kandi n’ivyawe nzobisubizanya mu buryo n’ivyabo,54kugira ngo nawe uzogire isoni, umaramazwe no kubona benewanyu bagirirwa neza kubera ivyaha vyawe.55Abo muvukana, Sodomu n’abakobwa biwe hamwe na Samariya n’abakobwa biwe, bazosubira kuba nk’uko bahora kera; kandi nawe n’abakobwa bawe muzosubira kuba nk’uko mwahoze kera.56Mu misi y’ubwibone bwawe ntiwigera ucisha mu kanwa mwenewanyu Sodomu,57imbere y’uko ububi bwawe buja ahabona. Kandi n’aho biri uko, ubu ushinyagurizwa n’abakobwa ba Edomu bari kumwe n’ababanyi biwe, hamwe n’abakobwa b’Abafilisitiya.58Ibizira n’ivyaha vyose wakoze uzobihanirwa, ni ko Uhoraho avuze.59Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nzogusubiriza mu nkoko ibikwiranye n’ivyo wakoze, kuko wakengereye indahiro yanje, ukava mw’isezerano nakugiriye.60Ariko nzokwibuka isezerano nakugiriye mu buto bwawe, nsubizeho isezerano ritazovaho.61Ni ho uzokwibuka ingeso zawe, wongere umaramazwe no kwakira benewanyu, mukurwawe na murumunawe. Nzobaguha nk’abakobwa bawe, ariko ivyo nta ho bihuriye n’isezerano nagiranye nawe.62Nuko nzokomeza isezerano ryanje nawe, maze uzomenya ko ndi Uhoraho.63Ninamara kugutangira impongano y’ivyaha wakoze vyose, uzovyibuka umaramare, wifate ku munwa kubera isoni, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.’ ”Biblica, Inc.