Ezekiyeli15
Yerusalemu, igiti c’umuzabibu ata co kimaze
1Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti:2“Mwana w’umuntu, mbega ishami ry’igiti c’umuzabibu hari ico risumvya irindi shami iryo ari ryo ryose ryo mw’ishamba?3Mbega ico giti hari uwugikuramwo imbaho zo gukoramwo ibindi bintu, canke akakibazamwo ico kumanikako ibikoresho?4Mbega uko kingana iyo gicanywe, umutumba waco ugacika amakara, hari ico kiba kikimaze?5None ikintu ata co gishobora kumara kikiri kizima, comara iki kimaze guturirwa kigacika umunyota?6None rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nk’uko natanze igiti c’umuzabibu ngo kibe urukwi rwo mu bindi biti vyo mw’ishamba, ni ko nzotanga ababa i Yerusalemu.7Nzohindukiriza inyonga zanje kubagwanya. Naho bavuye mu mucanwa, ni wo nyene uzobatongora. Kandi nzohindukirira kubagwanya, bazomenya ko ndi Uhoraho.8Nzosiga igihugu ari agahinga, kuko batabaye abizigirwa, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.”Biblica, Inc.