Yesaya2

Umusozi w’Uhoraho

1Ibi ni ibindi Yesaya mwene Amozi yeretswe vyerekeye Ubuyuda na Yerusalemu:
2Mu misi y’iherezo,umusozi uriko ingoro y’Uhorahouzoba ushimangiwenk’umusozi usumba iyindi yose,uzoshirwa hejuru usumbe udusozi twose;kandi amahanga yose azohondogana aja kuri wo.
3Amoko menshi azoza, avuge ati:“Nimuze tuduge tuje ku musozi w’Uhoraho,mu ngoro y’Imana ya Yakobo.Izotwigisha inzira zayokugira ngo tuzigenderemwo.”Kuko i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe,ijambo ry’Uhoraho rive i Yerusalemu.4Azocira imanza amahanga,atature amatati hagati y’amoko menshi.Inkota zabo bazozicuramwo amasuka,amacumu yabo bayacuremwo imihoro.Nta hanga rizosubira gutera irindi,kandi ntibazosubira kwiga ivy’intambara.
5Nimuze, yemwe ruvyaro rwa Yakobo,ehe nimuze tugendere mu muco w’Uhoraho!

Umusi w’Uhoraho

6Uhoraho we, warahevye ubwoko bwawe,ari rwo ruvyaro rwa Yakobo.Buzuyemwo ivyo kugendereza vy’abanyamahanga bo mu buseruko,baraguza nk’Abafilisitiya,kandi bifatanya n’abanyamahanga.7Igihugu cabo cuzuye ifeza n’inzahabu;ubutunzi bwabo ntibugira iherezo.Igihugu cabo cuzuye amafarasi;imikogote yabo ntigira igitigiri.8Igihugu cabo cuzuye ibigirwamana,bunamira ibintu bakoresheje amaboko yabo,ivyo bacurishije intoke zabo.9Ni co gituma abo bantu bazocinyizwa,n’umuntu wese agacishwa bugufi.Ntuze ubaharire.
10Nimwinjire mu masenga, mwinyegeze mu kuzimuntimuhure n’Uhoraho kuko biteye ubwoba canentimuhure n’ugukayangana kw’ubwiza bwiwe!11Amaso y’ubwibone azocishwa bugufi,n’ubwibone bwose bw’abantu bunyitswe;kuri uwo musi Uhoraho wenyene ni we azoshirwa hejuru.
12Kuko Uhoraho Mushoboravyose, arafise umusi yibikiyeuwo azokwihorerako abishira hejuru n’abibonakandi n’igishizwe hejuru cosegicishwe bugufi.13Azoca amasederi maremere y’i Libani,hamwe n’imirinzi ikomakomeye y’i Bashani.14Imitumba miremire hamwe n’uturambi,bizoringanizwa.15Iminara miremire hamwe n’ibihome vyose bikomeyeazobisenyagura.16Azomenagura amato y’abadandaji,n’amato y’igiciro kinini.17Ubwibone bw’abantu buzoshirwa hasi,abishira hejuru bose bacishwe bugufi.Uwo musi Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru.18Ibigirwamana bizokurwaho vyose.
19Abantu bazohungira mu masenga y’amabuyeno mu binogo vyimbwe mu kuzimu,ngo bahunge uburake bw’Uhoraho,n’ugukayangana kw’ubwiza bwiweigihe azohagurukira gutigitisha isi.20Kuri uwo musi w’urubanza, abantu bazota kure,baterere imbeba n’ubuhungarema,ibigirwamana vyabo bicuzwe mw’ifeza no mu nzahabu,ivyo bicuriye ngo babisenge.21Bazohungira mu masenga y’amabuye,no mu binogo vyo mu kuzimu,ngo bahunge uburake bw’Uhoraho,n’ugukayangana kw’ubwiza bwiweigihe azohagurukira gutigitisha isi.
22Nimureke kwizigira abantu,kuko bameze nk’impwemu zo mu mazuru yabo.Mbega hari ico bobamarira?

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e