Umusiguzi5
Ntiwihute gusezerana
1Urinde intambuko zawe niwaja mu nzu y’Imana. Utege amatwi wumvirize kuko ivyo ari vyiza kuruta ugutanga ibimazi kw’ibipfu, kuko ntibimenya ko bikora nabi.2Ntiwihute kuvuga usezerana,ntiwihute mu mutima wawe,ngo wihutire gusezerana imbere y’Imana.Kuko Imana iri mw’ijurunawe uri kw’isi,nuko rero amajambo yawe abe make.3Nk’uko inzozi ziza ku muntu yiganyira cane,ni ko bigenda kw’ijambo ry’igipfu kivuga menshi.4Niwasezerana isezerano imbere y’Imana, ntutebe kurishitsa. Ntinezerwa n’ibipfu; uze ushitse indahiro yawe.5Ni vyiza kutagira ico usezerana hako usezerana ntushitse ico wasezeranye.6Akanwa kawe ntikakujane mu caha. Kandi ntuze wivuguruze imbere y’intumwa yo mu Ngoro ngo: “Narihenze.” Ni kubera iki Imana yokurakira ku vyo wavuze igasambura igikorwa c’intoke zawe?7Inzozi nyinshi n’amajambo menshi ni ubusa. Nuko rero tinya Imana.Ubutunzi ni ubusa
8Niwabona umukene acinyizwa mu ntara, kandi uguca imanza zibereye n’agateka k’abantu bikibagirwa, ntibize bigutangaze; kuko umutware ashinzwe ijisho n’uwumutwara na we, kandi hejuru yabo bompi hari abandi babatwara, ubutungane bukanyikira hagati y’abafata ingingo.9Inyungu zo mu vyimburwa zitwarwa na bose; n’umwami ubwiwe aronka ku bivuye mu mirima.10Inkunzi y’amahera ntiyigera iyahaga;n’uwukunda ubutunzi ntiyigera ahazwa n’ivyo aronka.N’iki na co ni ubusa.11Ubutunzi nibwagwira,ni ko n’ababurya bazogwira.Kandi nyenebwo yunguka iki muri bwoatari ukunezereza amaso yiwe aburaba?12Agatiro k’umukozi kararyoshe,arya bike canke vyinshi,ariko ibihinda vy’umutunzintibimwemerera gusinzira.13Nabonye ikibi gikomeye musi y’izuba:Ni umuntu yazigamye itunga, na ryo rikamutera amagorwa,14canke agatakaza ubwo butunzi mu rudandazwa rubi,maze umuhungu wiwentagire ico asigarana.15Umuntu ava mu nda ya nyina yambaye ubusa,kandi uko yaje ni ko agenda.Nta co ajana mu vyo yaruhiyenta co atwara mu ntoke.16N’iki na co ni ikibi kirenze urugero:uko umuntu aza, ni ko agenda,none yunguka iki,kuko acumukurira umuyaga?17Arira imisi yiwe yose mu mwiza,no mu mubabaro mwinshi, amarushwa n’uburake.18Maze nsanga ari vyiza kandi bibereye ko umuntu arya akanywa, akinezereza mu butame bwiwe bwose agirira musi y’izuba mu misi mike y’ubuzima bwiwe Imana yamuhaye, kuko ari wo mugabane wiwe.19Vyongeye, mu gihe Imana ihaye umuntu itunga n’ibintu vyinshi, ikamwemerera kubinezererwamwo, ngo yakire umugabane wiwe yongere anezererwe igikorwa ciwe, iyo ni ingabire y’Imana.20Ni gake umuntu yiyumvira ku misi y’ubuzima bwiwe ingene ari mike, igihe Imana yujuje umutima wiwe umunezero.Biblica, Inc.