1 Ngoma1
Kuva kuri Adamu gushika kuri Nowa
1Abakomoka kuri Adamu ni Seti, Enoshi,2Kenani, Mahalaleli, Yaredi,3Enoki, Metusela, Lameki, Nowa.4Abahungu ba Nowa ni: Shemu, Hamu na Yafeti.Bene Yafeti
5Bene Yafeti ni: Gomeri, Magogi, Madayi, Yavani, Tubali, Mesheki na Tirasi.6Bene Gomeri ni: Ashikenazi, Difati na Togaruma.7Bene Yavani ni: Elisa, Tarushishi, Kitimu na Rodanimu.Bene Hamu
8Bene Hamu ni: Kushi, Egiputa, Puti na Kanani.9Bene Kushi ni: Seba, Havila, Sabuta, Rama na Sabuteka. Abahungu ba Rama ni: Sheba na Dedani.10Kushi yavyaye Nimurodi, uwo ni we yatanguye kuba umuhizi mu ntambara kw’isi.11Abakomotse kuri Egiputa ni Abaludi, Abanami, Abalehabi, Abanafutuhi,12Abapatirusi n’Abakasiluni (ari bo bakomotsweko n’Abafilisitiya) hamwe n’Abakafutori.13Kanani yavyaye Sidoni, ari we mfura yiwe, hamwe na Heti.14Kandi yakomotsweko n’Abayebusi, Abamori, Abagirugashi,15Abahiwi, Abaruki, Abasini,16Abaruvadi, Abazemari n’Abahamati.Aba Shemu
17Bene Shemu ni: Elamu, Ashuri, Arupakisade, Ludi na Aramu. Abahungu ba Aramu ni: Uzi, Huli, Geteri na Mesheki.18Arupakisade yavyaye Shela, Shela na we avyara Eberi.19Eberi yavyaye abahungu babiri: umwe yitwa Pelegi, kuko igihe yavuka abantu bari kw’isi bari bigabuyemwo ibice; uwundi bavukana yitwa Yokitani.20Yokitani yavyaye Alumodadi, Shelefu, Hazarumaveti, Yera,21Hadoramu, Uzali, Dikula,22Ebali, Abimayeli, Sheba,23Ofiru, Havila na Yobabu. Abo bose bari abahungu ba Yokitani.24Shemu, Arupakisade, Shela,25Eberi, Pelegi, Rewu,26Serugi, Nahori, Tera,27na Aburamu (ari we Aburahamu).Umuryango wa Aburahamu
28Bene Aburahamu ni: Isaka na Ishimayeli.Abakomoka kuri Hagari
29Uru ni rwo ruvyaro rwabo: Nebayoti imfura ya Ishimayeli, Kedari, Adibeyeli, Mibusamu,30Mishima, Duma, Masa, Hadadi, Tema,31Yeturi, Nafishi na Kedema. Abo ni bo bari bene Ishimayeli.Abakomoka kuri Ketura
32Abo Aburahamu yavyaranye na Ketura incoreke yiwe, ni Zimurani, Yokishani, Medani, Midiyani, Ishibaki na Shuwa. Bene Yokishani ni Sheba na Dedani.33Bene Midiyani ni Efa, Eferi, Hanoki, Abida na Eludaya. Urwo ni rwo ruvyaro Aburahamu yavyaranye na Ketura.Abakomoka kuri Sara
34Aburahamu yavyaye Isaka. Bene Isaka ni: Esawu na Isirayeli.Bene Esawu
35Bene Esawu, ni Elifazi, Reyuweli, Yewushi, Yalamu na Kora.36Bene Elifazi, ni Temani, Omari, Zefo, Gatamu na Kenazi; Timuna na Amaleki.37Bene Reyuweli, ni Nahati, Zera, Shama na Miza.Abantu b’i Seyiri muri Edomu
38Bene Seyiri, ni Lotani, Shobali, Zibeyoni, Ana, Dishoni, Ezeri na Dishani.39Bene Lotani, ni Hori na Homamu. Timuna yari mushiki wa Lotani.40Bene Shobali, ni Alivani, Manahati, Ebali, Shefo na Onamu. Bene Zibeyoni, ni Ayiya na Ana.41Mwene Ana, ni Dishoni. Bene Dishoni, ni Hemudani, Eshibani, Itirani na Kerani.42Bene Ezeri ni Bilihani, Zayavani na Akani. Bene Dishani, ni Uzi na Arani.Abatware ba Edomu
43Uru ni rwo rukurikirane rw’abami batwaye mu gihugu ca Edomu, imbere y’uko Isirayeli yimika umwami n’umwe: Bela mwene Beyori, igisagara ciwe citwa Dinihaba.44Bela apfuye, asubirirwa ku ngoma na Yobabu mwene Zera yava i Bozira.45Yobabu apfuye, asubirirwa ku ngoma na Hushamu yava mu gihugu c’Abatemani.46Hushamu apfuye, asubirirwa ku ngoma na Hadadi mwene Bedadi, ari we yanesheje Abamidiyani mu gihugu ca Mowabu. Igisagara ciwe citwa Aviti.47Hadadi apfuye, asubirirwa ku ngoma na Samula yava i Masireka.48Samula apfuye, asubirirwa ku ngoma na Shawuli yava i Rehoboti hafi y’uruzi.49Shawuli apfuye, asubirirwa ku ngoma na Bayali-Hanani mwene Akibori.50Bayali-Hanani apfuye, asubirirwa ku ngoma na Hadadi. Igisagara ciwe citwa Pawu, umugore wiwe yitwa Mehetabeli, umukobwa wa Materedi, akaba n’umwuzukuru wa Mezahabu.51Hadadi na we nyene arapfa.Abakuru b’imiryango y’Abanyedomu bari aba: Timuna, Aluva, Yeteti,52Oholibama, Ela, Pinoni,53Kenazi, Temani, Mibuzari,54Magidiyeli na Iramu. Abo ni bo bari abakuru b’imiryango ya Edomu.
Biblica, Inc.