Ivyahishuwe13
Igikoko cavuye mu kiyaga
1Ca gisato gica gihagarara ku musenyi wo ku nkengera y’ikiyaga. Hanyuma nca mbona igikoko gisokorotse kiva mu kiyaga. Cari gifise amahembe cumi n’imitwe indwi; ihembe ryose ryariko urugori, kandi ku mutwe wose hari handitseko izina ricokora Imana.2Ico gikoko casa n’ingwe, ariko kikagira ibinono nk’ivy’idubu n’umunwa nk’uw’intambwe. Ca gisato gica giha ububasha bwaco ico gikoko, kigiha n’intebe y’inganji n’ubutware buhambaye.3Ku mutwe umwe w’ico gikoko hari igikomere giteye ubwoba, cashobora kucica, ariko ico gikomere gica kirakira. Maze isi yose itangarira cane ico gikoko, iranagikurikira.4Abantu bose basenga ca gisato kuko cahaye ububasha ico gikoko, basenga na ca gikoko bavuga bati: “Ni nde ahwanye n’ico gikoko? Ni nde yokigwanya akakinesha?”5Ca gikoko gica cemererwa kuvuga amajambo y’ubwibone yo gucokora Imana, congera gihabwa n’uburenganzira bwo kumara amezi mirongo ine n’abiri gikora ivyo kigomba vyose.6Nuko gica gitangura kuvuga amajambo mabi yo gucokora Imana, no gutuka izina ryayo, n’aho iba, n’ababa mw’ijuru.7Gica gihabwa ububasha bwo kugwanya abera b’Imana no kubanesha. Congera gihabwa n’ububasha bwo kuganza imiryango yose, amoko yose, indimi zose n’amahanga yose.8Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.9Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.10“Uwagenewe kujanwa nk’inyagano,azojanwa nk’inyagano.Uwagenewe kwicishwa inkotaazokwicwa n’inkota.” Ibi bisigura ko abera b’Imana bategerezwa kwihangana cane bakagumana ukwizera.Igikoko gisokoroka kiva mw’isi
11Hanyuma nca mbona ikindi gikoko gisokorotse kiva mw’isi. Cari gifise amahembe abiri ameze nk’ay’intama, ariko cavuga nk’igisato.12Cari gifise ububasha bwa ca gikoko ca mbere, maze kiganza mu gishingo caco. Gica gitegeka isi yose n’abantu bose bayibako gusenga ca gikoko ca mbere, kimwe cakira igikomere giteye ubwoba.13Gica gikora ibimenyetso n’ibitangaza bihambaye, mbere kimanura n’umuriro uva kw’ijuru ugakorokera kw’isi abantu bose barorera.14Kubera ubwo bubasha cahawe bwo gukora ibimenyetso n’ibitangaza ku bwa ca gikoko ca mbere, kizimiza ababa kw’isi. Gitegeka ababa kw’isi gukora igishushanyo ca ca gikoko ca mbere cari carakomerekejwe cane n’inkota, ariko kigakira.15Gica gihabwa ububasha bwo guha ubuzima ca gishushanyo ca ca gikoko ca mbere, kugira ngo gishobore kuvuga no kwica abo bose bazoba banse kugisenga.16Congera gitegeka ko abantu bose, abakuru n’abato, abatunzi n’abakene, abagurano n’abidegemvya, bashirwako ikimenyetso mu kiganza canke mu ruhanga,17kugira ngo ntihagire n’umwe ashobora gusuma canke kudandaza atagifise. Ico kimenyetso ni izina rya ca gikoko canke igiharuro gihagarariye izina ryaco.18Gutahura ibi bisaba ubwenge. Uwufise ubwenge arashobora gutahura ivy’ico giharuro c’ico gikoko, kuko ni igiharuro gihagarariye izina ry’umuntu. Ico giharuro ni 666.Biblica, Inc.