Zaburi94
1Uhoraho ni Imana ihana.Yewe Mana ihana, seruka ukayangane.2Haguruka, ucire isi amateka;subiriza mu nkoko abibone ibikwiranye na bo.3Uhoraho we, abanyakibi bazogeza ryari,bazogeza ryari kwirata?4Bavuga amajambo y’ubwibone;inkozi z’ibibi zose zuzuye ukwirata.5Bacinyiza abantu bawe, Uhoraho;bagatoteza ishamvu yawe.6Bica umupfakazi n’inyambukira;bagandagura impfuvyi.7Bakavuga bati: “Uhoraho ntabibona;Imana ya Yakobo nta co yitaho.”8Nimumenye ibi, yemwe bantu b’ibipfu;yemwe bijuju, muzoca ubwenge ryari?9Uwaremye ugutwi ntashobora kwumva?Uwaremye ijisho mbega ntabona?10Mbega uwutoza indero amahanga ntashobora guhana?Uwigisha abana b’abantu mbega nta bwenge azi?11Uhoraho arazi ivyiyumviro vy’abana b’abantu;arazi ko ari ubusa gusa.12Hahiriwe umuntu utoza indero, Uhoraho,uwo wigisha Ivyagezwe vyawe.13Ubaha ugutekanirwa mu misi y’ivyago,kugeza aho icobo kizokwimbirwa abanyakibi.14Kuko Uhoraho atazota abantu biwe;ntazokwigera ahemukira inyegu yiwe.15Uguca imanza kuzosubira kwisunga ubugororotsi,kandi abatuganye mu mitima bazogukurikira.16Ni nde azova hasi ngo angwanire kubera umunyakibi anteye?Ni nde azomburanira agahangana n’inkozi z’ibibi?17Uhoraho iyo atantabara,mba naragiye ahantu h’agacerere k’urupfu.18Aho navuga nti: “Ikirenge canje kiriko kiranyerera,”urukundo rwawe rudashira, Uhoraho, rwaranshigikiye.19Aho nari nuzuye umubabaro,uguhumurizwa kwawe kwanzaniye umunezero.20Mbega ingoma yononekaye yokwifatanya nawe;ingoma izana amagorwa kubera ivyo itegeka?21Abanyakibi baja inama yo kugirira nabi umugororotsibagacira uwutagira icaha urwo gupfa.22Ariko Uhoraho yambereye igihome kinkingira,Imana yanje yambereye igitandara nihishamwo.23Izobasubiriza mu nkoko ivyaha bakozeizobahonya kubera ibibi bakoze;Uhoraho Imana yanje izobahonya.
Biblica, Inc.