Zaburi28
Ni iya Dawidi.
1Ni wewe, Uhoraho ntakambiye;ni wewe Gitandara canje,ntiwime amatwi ugusenga kwanje.Kuko niwihoza,nzomera nk’abamanuka baja mu cobo.2Niwumve ugutakamba kwanjeigihe cose ngutabaje,uko ntarika ibiganza vyanjendabirabisha Ahera Cane.3Ntunjaniranye n’abanyakibi,hamwe n’abakora ibibi,bavugana ivyiza na bagenzi baboariko bafise imigambi mibi mu mitima yabo.4Ubahe ingero ikwiranye n’ibikorwa vyabo,n’ibikorwa bibi vyabo;ubishure ku vyo amaboko yabo yakoze,ubasubirize mu nkoko ibikwiranye na bo.5Kubera batababaye ibikorwa vy’Uhorahon’ivyakozwe n’ukuboko kwiwe,azobatsinda hasintiyongere kububaka.6Uhoraho ashimwe,kuko yumvise ugutakamba kwanje.7Uhoraho ni we nkomezi zanje n’inkinzo yanje;umutima wanje uramwizigira, na we akantabara.Umutima wanje witerera hejuru kubera umunezero,nanje nzomushimisha indirimbo yanje.8Uhoraho ni inkomezi z’abantu biwe,igihome c’agakiza ku wo yarobanuje amavuta.9Tabara ubwoko bwawe uhe umugisha umugabane wawe;ubabere umwungere, ubaheke ibihe bidashira.Biblica, Inc.