Zaburi25
Ni iya Dawidi.
1Muri wewe, Uhoraho Mana yanje,ni ho nshira ivyizigiro vyanje.2Ndakwizigiye;ntundeke ngo maramare,ntureke ngo abansi banje baneshe.3Nta wukwizigiyeazokwigera amaramara,ariko abahemuka ata nyandurukoni bo bazomaramara.4Nyereka inzira zawe, ewe Uhoraho,unyigishe kubaho uko ugomba.5Ndongorera mu kuri kwawe unyigishe,kuko uri Imana Umukiza wanje,kandi ni wewe nizigira bukarinda bwira.6Niwibuke, Uhoraho, imbabazi zawe nyinshi n’urukundo rwawe,kuko biriho uhereye kera hose.7Ntiwibuke ivyaha vyo mu buto bwanjen’inzira zanje z’ubugarariji;nyibuka ku bw’urukundo rwawe,kuko wewe, Uhoraho, uri mwiza.8Uhoraho ni mwiza aragororotse;ni co gituma azokwigisha abanyavyaha inzira ziwe.9Arongorera abaciye bugufi mu nzira itunganyeakabigisha ivy’inzira yiwe.10Inzira zose z’Uhoraho zerekana urukundo n’ubwizigirwaku bitondera ivyo yihanikirije mw’isezerano ryiwe.11Uhoraho, ku bw’izina ryawe,mparira ukugabitanya kwanje, naho ari ugukomeye.12None, ni ba nde bubaha Uhoraho?Azobereka inzira bakwiye kujana.13Bazomara imisi yabo bari mu buhirwe,kandi uruvyaro rwabo ruzoragwa igihugu.14Uhoraho abwira ibanga ryiwe abamwubaha;akabamenyesha isezerano ryiwe.15Amaso yanje ndayahanga Uhoraho ibihe vyose,kuko ari we wenyene azokura ibirenge vyanje mu mutego.16Hindukira ungirire ubuntu,kuko ndi inyakamwe nkaba ndi mu mubabaro.17Kuraho amarushwa yo mu mutima wanje,unkure mu mubabaro.18Raba umubabaro wanje n’amarushwa yanjekandi unkureko ivyaha vyanje vyose.19Raba ingene abansi banje ari benshin’ukuntu banyanka urunuka!20Zigama ubugingo bwanje unkize;ntundeke ngo maramare,kuko nguhungiyeko.21Ugutungana n’ubugororotsi nibinzigame,kuko ivyizigiro vyanje biri muri wewe, Uhoraho.22Rokora Isirayeli, ewe Mana,ubakure mu marushwa yabo yose!Biblica, Inc.