Zaburi17
Ni isengesho rya Dawidi.
1Nyumviriza, ewe Uhoraho, kuko ukwinginga kwanje ari ukw’ukuri;niwumve ukurira kwanje.Niwumve ugusenga kwanje;ntikuva mu minwa y’ibinyoma.2Intsinzi yanje nive iwawe;inyonga zawe nizirabe ibibereye.3Naho worondera mu mutima wanje,naho wonsesa mw’ijoro ukangeza,uzosanga ata kibi nateguye gukora;n’akanwa kanje katagabitanije.4Ku bijanye n’ibikorwa vy’abantu,ku bw’ijambo ryo mu kanwa kawe,naririnze inzira z’abahohotera abandi.5Intambuko zanje zagumye mu nzira zawe;ibirenge vyanje ntivyatirimutse.6Ndakwambaje, Mana yanje, kuko uzonyishura;ntega ugutwi wumve ugusenga kwanje.7Unyereke ibitangaza vy’urukundo rwawe rwinshi,wewe ukirisha ukuboko kwawe kw’i buryoabahungira abansi babo muri wewe.8Undinde nk’imbone y’ijisho ryawe;umpishe mu gitutu c’amababa yawe.9Undinde abanyakibi barondera kunyica,abansi banje b’abicanyi bankikuje.10Bugaye imitima yabo itagira ikigongwe,n’iminwa yabo ivugana ubwibone.11Barampize, none ehe raba barankikuje,barangenza ngo bantsinde hasi.12Bameze nk’intambwe ishonje irondera ico yica,nk’intambwe ikiri nto iteze ahantu hihishije.13Va hasi, Uhoraho, ubagwanye, ubatsinde hasi;unkirishe inkota yawe ababisha.14Nkirisha ukuboko kwawe abameze batyo, ewe Uhoraho,nkiza abantu bo mw’isi baziga impera muri ubu bugingo.Ivyo wabikiye abanyakibi nivyuzure inda zabo;n’abana babo babiryeko bahage,kandi hasigare vyinshi bazoraga abuzukuru babo.15Ariko jeho, uzontsindira kandi nzobona mu nyonga hawe;ninikangura, nzohazwa no kukubona imbonankubone.Biblica, Inc.