Zaburi142

Ni masikili ya Dawidi. Aho yari mu kinogo. Ni isengesho.

1Ndatakambira Uhoraho n’ijwi rirenga;nzoshira ijwi hejuru ntakambira Uhoraho.2Ndasuka amajojwa yanje imbere yiwe;ndavuga ivyago vyanje imbere yiwe.
3Iyo impwemu yanje icikiye intege muri jewe,ni wewe urinda inzira yanje.Mu nzira ngenderamwoabantu banteze umutego.4Birabe ubibone, nta n’umwe ari i buryo bwanje;nta n’umwe anyitayeho.Singira ubuhungiro;nta n’umwe yitayeho ubugingo bwanje.
5Ndagutakambiye, Uhoraho;ndavuga nti: “Uri ubuhungiro bwanje,umugabane wanje mw’isi y’abazima.”
6Niwumve ugutakamba kwanje,kuko ngowe cane;ntabara unkize abampiga,kuko bandusha inkomezi.7Umbohore unkure mw’ibohero ndimwo,kugira ngo mpimbaze izina ryawe.Maze abagororotsi bazokoranira aho ndi,kuko unyeretse ukugira neza kwawe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e