Zaburi132

Ni indirimbo yo mw’iduga.

1Uhoraho, niwibuke Dawidin’amarushwa yiwe yose.
2Yarahiye Uhoraho indahiro,yasezeraniye Inyenkomezi ya Yakobo ati:3“Sinzokwinjira mu nzu yanjecanke ngo nurire uburiri bwanje,4sinzokwemerera amaso yanje gusinziracanke ingohe zanje guhunyiza,5kugeza aho nzoronkera Uhoraho ikibanza,inzu y’Inyenkomezi ya Yakobo.”
6Twavyumviye muri Efurata,twabisanze mu gahinga k’i Yayari ngo:7“Nimuze tuje mu ngoro yiwe,nimuze dusengere ku ndava yiwe, tuti:8‘Haguruka, ewe Uhoraho, uze mu buruhukiro bwawe,wewe n’Isandugu ari co ki kimenyetso c’inkomezi zawe.9Abaherezi bawe nibambare ukugororoka kwawe,abizigirwa bawe bavuze impundu.’ ”
10Ku bwa Dawidi umusavyi wawe,ntushiburire kure uwo warobanuje amavuta.
11Uhoraho yarahiye Dawidi indahiro,ni iy’ukuri ntazokwisubirako ngo:“Umwe wo mu ruvyaro rwawenzomwimika ku ntebe yawe y’ubwami.12Abana bawe nibagumya isezerano ryanjen’ivyo nashinze nkabibigisha,nuko abana babo bazokwicaraku ntebe yawe y’ubwami ibihe vyose.”
13Kuko Uhoraho yatoranije Siyoni,yavyipfuje ari iwe avuga ati:14“Aha ni ahantu hanje ho kuruhukira ibihe n’ibihe;aha ni ho nzovyagira nganze, kuko navyipfuje;15Nzohaha umugisha w’ibintu,abakene baho bazohazwa ivyokurya.16Nzokwambika abaherezi baho agakiza,n’abizigirwa baho bazokwama bavuza impundu!
17Aha ni ho nzotuma ihembe rya Dawidi rikurakandi nzodomeka itara ry’uwo narobanuje amavuta.18Nzotuma abansi biwe bamaramara,ariko umutwe wiwe uzosharizwa n’urugori rukayangana.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e