Zaburi120

Indirimbo yo mw’iduga.

1Mu magorwa yanje nambaza Uhoraho,na we akanyishura.2Nkiza, ewe Uhoraho,iminwa ibeshan’indimi z’ibinyoma.
3Ewe wa rurimi rw’ibinyoma,mbega azogukorera iki,canke azoguhanisha ikindi nyabaki?4Azoguhanisha imyampi isongoye y’umuhizi,n’amakara y’umurotemu yaka.
5Jewe ndagowe kuko mba i Mesheki,nkaba hagati mu mahema y’i Kedari!6Kuva kera cane nabayehagati y’abanka amahoro.7Jewe nshaka amahoro;ariko iyo mvuze, bo bashaka intambara.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e