Zaburi119

1Hahiriwe abatunganye mu nzira zabo,bagenda bisunga Ivyagezwe vy’Uhoraho.2Hahiriwe abitondera ivyo yihanikirije,bakamuronderana umutima wabo wose;3ntibakora ibibi,ariko bagakurikira inzira ziwe.4Washizeho ivyo wihanikirijekugira ngo abantu bavyitondere.5Icompa inzira zanje zigatumberamu kwitondera ivyo washinze!6Aho ni ho ntazomaramaraninashira umutima ku mabwirizwa yawe.7Nzogutazira n’umutima utunganyeuko nzokwiga ivyagezwe vyawe bigororotse.8Nzokwumvira amategeko yawe;ntumpebe rwose!9Ni gute umusore yoshobora kuguma mu nzira y’ugutungana?Ni mu kubaho nk’uko ijambo ryawe rivuga.10Nzokuronderana umutima wanje wose;ntuze undeke ngo mve mu mabwirizwa yawe.11Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanjekugira ngo sindagucumureko.12Uhimbazwe, Uhoraho;unyigishe ivyo wihanikirije.13Iminwa yanje isubiramwoivyagezwe vyose biva mu kanwa kawe.14Jewe nezererwa kwitondera ivyo washinzenk’uko umuntu anezererwa ubutunzi bwinshi.15Jewe ndimbura ivyo wihanikirijekandi nshira umutima ku nzira zawe.16Jewe mpimbarwa n’ivyo washinze;sinzokengera ijambo ryawe.17Girira neza umusavyi wawe umwanya nkiriho,kugira ngo numvire ijambo ryawe.18Humura amaso yanje kugira ngo mboneibitangaza vyo mu Vyagezwe vyawe.19Ndi inyambukira kw’isi;ntumpishe amabwirizwa yawe.20Umutima wanje umazwe no kwipfuzaivyagezwe vyawe ibihe vyose.21Ukankamira abibone, bariko umuvumo,abazimira bakava mu mabwirizwa yawe.22Unkureko agacokoro n’agakengerwe,kuko nitondera ivyo wihanikirije.23Naho abatware bicara hamwe ngo bamvuge nabi,umusavyi wawe nzorimbura amategeko yawe.24Ivyo wihanikirije ni vyo bimpimbara;ni vyo bingira inama.25Ndyamye hasi mu mukungugu;zigama ubugingo bwanje nk’uko ijambo ryawe ryavuze.26Nakwiganiye ivy’inzira zanje, nawe uranyishura;nyigisha amategeko yawe.27Mpa gutahura inzira y’ivyo wihanikirije,kugira ngo ndimbure ku vyo wakoze bihambaye.28Umutima wanje uremerewe n’umubabaro;nkomeza nk’uko ijambo ryawe ryavuze.29Nshira kure y’inzira z’ubugunge,ngirira ubuntu unyigishe Ivyagezwe vyawe.30Nahisemwo inzira z’ukwizigirwa;umutima wanje nawushize ku vyagezwe vyawe.31Jewe numira ku vyo wihanikirije, ewe Uhoraho;ntuze undeke ngo maramare.32Niruka mu nzira y’amabwirizwa yawe,kuko waguye ugutahura kwanje.33Uhoraho, nyigisha inzira z’ivyo wihanikirije,kugira ngo ndazikurikire gushika kw’iherezo.34Numpe ugutahura, kugira ngo nitondere Ivyagezwe vyawekandi ngo ndavyitondere n’umutima wanje wose.35Ntumbereza mu nzira y’amabwirizwa yawe,kuko aho ari ho mpimbarirwa.36Hindukiriza umutima wanje ku vyo wihanikirijendawukure ku vy’inyungu mbi.37Hindukiriza amaso yanje kure y’ibitagira ikimazi;uzigame ubugingo bwanje nk’uko ijambo ryawe rivuga.38Shitsa isezerano ryawe ku musavyi wawe,kugira ngo wubahwe.39Shira kure ibiteterwe ntinya,kuko ivyagezwe vyawe ari vyiza.40Mbega ukuntu nipfuza ivyo washinze!Uzigamire ubugingo bwanje mu kugororoka kwawe.41Icompa urukundo rwawe rudashira rukanzako, ewe Uhoraho,n’agakiza kawe, nk’uko isezerano ryawe rivuga;42ni ho nzoshobora kwishura uwunkengereye wese,kuko nizigira ijambo ryawe.43Ntuze wigere ukura ijambo ryawe ry’ukuri mu kanwa kanje,kuko ivyizigiro vyanje nabishize mu vyagezwe vyawe.44Nzokwama nitondera Ivyagezwe vyawe,ibihe n’ibihe.45Nzogendera mu mwidegemvyo,kuko nize ivyo wihanikirije.46Nzovuga ivyo wigishije imbere y’abamikandi ntibizomaramaza,47kuko nezererwa amabwirizwa yawe,kandi ndayakunda.48Ntuma amaboko yanje amabwirizwa yawe nkunda,kugira ngo ndimbure ku vyo washinze.49Wibuke ijambo wabwiye umusavyi wawe,kuko wampaye ivyizigiro.50Ikindemesha mu mubabaro wanje ni iki:Isezerano ryawe rizigama ubugingo bwanje.51Abibone barancokora ata kigongwe,ariko simva mu Vyagezwe vyawe.52Uhoraho, nibuka ivyagezwe vyawe vya kera,maze bikandemesha.53Ndababara cane kubera abanyakibi,kuko bahevye Ivyagezwe vyawe.54Ivyo washinze ni vyo shimikiro ry’indirimbo yanjeaho ndi hose nk’ingenzi.55Uhoraho we, mw’ijoro nibuka izina ryawe,kugira ngo ngumye Ivyagezwe vyawe.56Ng’iki ico nagize umwuga:ni ukwitondera ivyo wihanikirije.57Uhoraho, ni wewe mugabane wanje;nasezeranye kwumvira amajambo yawe.58Narondeye mu nyonga hawe n’umutima wanje wose;ngirira ubuntu nk’uko wasezeranye.59Niyumviriye ku nzira zanjekandi nahindukirije intambuko zanje ku vyo wihanikirije.60Nzokwihuta kandi sinzotebaganakwitondera amabwirizwa yawe.61Naho abanyakibi bombohesha ibiziriko,sinzokwibagira Ivyagezwe vyawe.62Igicugu kigeze hagati nzovyuka ndagushimireku bw’ivyagezwe vyawe bigororotse.63Ndi incuti y’abakwubaha bose,abakurikira ivyo wihanikirije bose.64Isi yuzuye urukundo rwawe, Uhoraho;nyigisha amategeko yawe.65Wagiriye neza umusavyi wawenk’uko ijambo ryawe rivuga, Uhoraho.66Nyigisha ukumenya n’uguca iziroranye,kuko nizigiye amabwirizwa yawe.67Imbere yuko mbabazwa narazimiye,ariko ubu nitondera ijambo ryawe.68Uri mwiza, kandi n’ivyo ukora ni vyiza;nyigisha amategeko yawe.69Naho abibone banyambitse ibara bambeshera,nitondera ivyo wihanikirije n’umutima wanje wose.70Imitima yabo yarakomantaye nta co yumva,ariko jeho mpimbarwa n’Ivyagezwe vyawe.71Vyabaye vyiza kuri jewe kubabazwakugira ngo nige amategeko yawe.72Ivyagezwe vyo mu kanwa kawe bindutiraibihumbi vy’ifeza n’inzahabu.73Intoke zawe ni zo zandemye zirambumba;numpe ugutahura ngo nige amabwirizwa yawe.74Abakwubaha baze banezerwe nibambona,kuko nizigiye ijambo ryawe.75Uhoraho, ndazi ko ivyagezwe vyawe bigororotse,kandi ko mu bwizigirwa bwawe wandetse ngo mbabazwe.76Icompa urukundo rwawe rukandemesha,nk’uko wasezeraniye umusavyi wawe.77Imbabazi zawe nizinzeko kugira ngo mbeho,kuko Ivyagezwe vyawe ari vyo bimpimbara.78Abibone nibamaramare kuko bangiriye nabi ata nyanduruko;ariko nzorimbura ivyo washinze.79Abakwubaha nibampindukirire,abatahura ivyo wihanikirije.80Ese icompa ngakurikira amategeko yawe n’umutima wose,kugira ngo sinze maramare.81Umutima wanje uciwe intege no kwipfuza agakiza kawe,ariko nizigiye ijambo ryawe.82Amaso yanje ararushe, ariko ararondera isezerano ryawe;ndavuga nti: “mbega uzompoza ryari?”83Naho meze nk’umukuza w’urusato mu mwotsi,sinibagira amategeko yawe.84Umusavyi wawe azogeza hehe kurindira?Uzohana abampama ryari?85Abibone bimvye ibinogo ngo bantege,binyuranye n’Ivyagezwe vyawe.86Amabwirizwa yawe yose ni ayo kwizerwa;ntabara, kuko ndiko ndahamwa ata nyanduruko.87Hari hasigaye gato bakankura kw’isi,ariko sinahevye ivyo washinze.88Mu rukundo rwawe rudashira zigama ubugingo bwanjekugira ngo nitondere ivyo wihanikirije n’akanwa kawe.89Ijambo ryawe, Uhoraho, ni iry’ibihe vyose;rihora rihamye mw’ijuru.90Ukwizigirwa kwawe guhoraho uko urunganwe rukurikirana n’urundi;washizeho isi, kandi izokwamaho.91Ivyagezwe vyawe bihoraho kugeza uwu musi,kuko vyose bigukorera.92Iyo ntanezerererwa Ivyagezwe vyawe,mba narahitanywe n’umubabaro wanje.93Sinzokwigera nibagira ivyo wihanikirije,kuko ari vyo wazigamishije ubugingo bwanje.94Unkize kuko ndi uwawe;narondeye ivyo washinze.95Abanyakibi babundiye kunyica,ariko nzozigama ivyagezwe vyawe.96Ibitunganye vyose bifise aho bigarukira,ariko amabwirizwa yawe ntagira akarimbi.97Ese ukuntu nkunda Ivyagezwe vyawe!Ndabirimbura bukarinda bwira.98Amabwirizwa yawe yamana nanjeantera kuba umunyabwenge kuruta abansi banje.99Mfise ugutahura kurusha abanyigishije,kuko ndimbura ivyo washinze.100Mfise ugutahura kurengeye abahumure,kuko nubaha ivyo wihanikirije.101Narinze ibirenge vyanje ngo ntibije mu nzira mbi zosekugira ngo nitondere ijambo ryawe.102Sinavuye mu vyagezwe vyawe,kuko ubwawe ari wewe wanyigishije.103Ese ukuntu amajambo yawe ansosera mu kanwa,mu kanwa kanje asosa kurusha ubuki!104Nunguka ugutahura kuvuye mu vyo washinze;ni co gituma nanka inzira zose mbi.105Ijambo ryawe ni itara rimurikira ibirenge vyanje,ni umuco umurikira mu nzira yanje.106Nararahiye ndisiba,ko nzokurikiza ivyagezwe vyawe bigororotse.107Narababajwe bikomeye;zigama ubugingo bwanje, Uhoraho, nk’uko ijambo ryawe ryavuze.108Uhoraho, akira uguhimbaza kw’akanwa kanje kuvuye ku mutima,maze unyigishe ivyagezwe vyawe.109Naho ngendera hafi y’urupfu,sinzokwibagira Ivyagezwe vyawe.110Abanyakibi banteze umutego,ariko sinazimiye ngo mve mu vyo washinze.111Ivyo wihanikirije ni vyo mugabane wanje ibihe vyose;ni vyo binezereza umutima wanje.112Umutima wanje unezerwa no kwitondera amategeko yawegushika no kw’iherezo.113Ndanka abantu b’imitima ibiri,ariko nkunda Ivyagezwe vyawe.114Ni wewe buhungiro bwanje n’inkinzo yanje;nashize ivyizigiro vyanje mw’ijambo ryawe.115Nimumve i ruhande, mwa nkozi z’ibibi mwe,kugira ngo nitondere amabwirizwa y’Imana yanje!116Nshigikira, ewe Mana yanje, nk’uko isezerano ryawe rivuga, ni ho nzobaho;ntureke ivyizigiro vyanje ngo bibe ivy’impfagusa.117Unshigikire, ni ho nzotabarwa;nzokwama nitwararika amategeko yawe.118Abazimira bakava mu mategeko yawe uzobaheba,kuko ubuhumvyi bwabo ata co buzoshikako.119Abanyakibi bose bo kw’isi uzobashibura nk’umwavu;ni co gituma nzokunda ivyo washinze.120Umubiri wanje uhinda agashitsi ku bwo kukwubaha;ivyagezwe vyawe birantangaza.121Nakoze ibigororotse n’ibitunganye;ntuntererane abancinyiza.122Nuhe umusavyi wawe kuroranirwa;ntureke ngo abibone bancinyize.123Amaso yanje ararushe, yiteze agakiza kawe,yiteze isezerano ryawe rigororotse.124Girira umusavyi wawe nk’uko urukundo rwawe rurikandi unyigishe amategeko yawe.125Ndi umusavyi wawe; numpe ugusesangurakugira ngo ntahure ivyo washinze.126Uhoraho we, harageze ko ukorakuko ivyagezwe vyawe vyahonyanzwe.127Kuko nkunda amabwirizwa yawekurusha inzahabu, inzahabu ikuwemwo imyanda yose,128kandi kuko nshira umutima ku vyo washinze,kandi nanka inzira yose mbi.129Ivyo wihanikirije ni vyiza cane;ni co gituma ndavyitondera.130Iyo umuntu amenye ijambo ryawe, abona umuco;abadaciye ubwenge ribaha ugutahura.131Ndasamye kandi ndahuzagizwa,nipfuza amabwirizwa yawe.132Hindukira maze ungirire imbabazi,nk’uko wama ugirira abakunda izina ryawe.133Rongora intambuko zanje nk’uko ijambo ryawe ryavuze;ntureke ngo hagire ikibi kinganza.134Uncungure unkure mu gacinyizo k’abantu,kugira ngo nitondere ivyo wihanikirije.135Umurikishirize umusavyi wawe inyonga zaweunyigishe amategeko yawe.136Imigende y’amosozi itemba iva mu maso yanje,kuko abantu batumvira Ivyagezwe vyawe.137Uragororotse, ewe Uhoraho,kandi ivyagezwe vyawe biratunganye.138Ivyo washinze biragororotse;ni ivyo kwizigira rwose.139Ishaka ryanje ryaka muri jewe nk’umuriro,kuko abansi banje birengagije amajambo yawe.140Amasezerano yawe yaragejejwe rwose,ni co gituma nanje umusavyi wawe ndayakunda.141Naho ndi umunyantegenke n’inkengerwa,sinibagira ivyo wihanikirije.142Ukugororoka kwawe ni uko ibihe bidashirakandi Ivyagezwe vyawe ni ivy’ukuri.143Ivyago n’akabonge vyanjeko,ariko amabwirizwa yawe ni yo anezera.144Ivyo washinze vyama bigororotse;umpe ugutahura kugira ngo mbeho.145Ndakwambaje n’umutima wanje wose, nunyishure, ewe Uhoraho,nanje nzokwitondera amategeko yawe.146Ndagutakambiye; nkizananje nzokwitondera ivyo washinze.147Mvyuka umutwenzi utaratambika ngatakamba;nizigiye ijambo ryawe.148Nguma ndi maso ijoro ryose,kugira ngo ndimbure amasezerano yawe.149Niwumve ijwi ryanje nk’uko urukundo rwawe rungana;ukingire ubugingo bwanje, Uhoraho, nk’uko ivyagezwe vyawe biri.150Abagira imigabo mibi baranyegereye,ariko bari kure y’Ivyagezwe vyawe.151Ariko weho, Uhoraho, uri hafi yanje,kandi amabwirizwa yawe yose ni ay’ukuri.152Kuva kera nize mu vyo washinzeko wabishinze ngo bigume bihamye gushika ibihe vyose.153Raba umubabaro wanje maze untabare,kuko ntibagiye Ivyagezwe vyawe.154Mburanira kandi uncungure;uzigame ubugingo bwanje nk’uko wasezeranye.155Agakiza kari kure y’abanyakibi,kuko batarondera kumenya amategeko yawe.156Ikigongwe cawe, ewe Uhoraho, kirahambaye;zigama ubugingo bwanje nk’uko ivyagezwe vyawe bivuga.157Abampiga babaye benshi,ariko sinavuye mu vyo washinze.158Abatizera ndabarabana agakengerwe,kuko batumvira ijambo ryawe.159Raba uko nkunda ivyo wihanikirije;uzigame ubugingo bwanje, Uhoraho, ku bw’urukundo rwawe.160Amajambo yawe yose ni ay’ukuri;ivyagezwe vyawe vyose bigororotse vyamaho ibihe vyose.161Abakomeye barampiga ata nyanduruko,ariko umutima wanje uhindira agashitsi ijambo ryawe.162Jewe nezererwa isezerano ryawenk’uwironkeye iminyago myinshi.163Ndanka kandi ngakengera ibinyomaariko nkunda Ivyagezwe vyawe.164Ndaguhimbaza incuro indwi ku musiku bw’ivyagezwe vyawe bigororotse.165Abakunda Ivyagezwe vyawe bafise amahoro menshi,kandi ntagishobora kubatsitaza.166Uhoraho, niteze agakiza kawe,kandi nitondera amabwirizwa yawe.167Jewe nitondera ivyo washinze,kuko ndabikunda cane.168Jewe nitondera ivyo wihanikirije n’ivyo washinze,kuko inzira zanje zose uzizi.169Icompa ugutakamba kwanje kugashika imbere yawe, Uhoraho;umpe ugutahura nk’uko ijambo ryawe rivuga.170Ukwinginga kwanje nigushike imbere yawe;undokore nk’uko wasezeranye.171Icompa iminwa yanje ikuzura ishimwe,kuko unyigisha ivyo washinze.172Icompa ururimi rwanje rukaririmba ijambo ryawe,kuko amabwirizwa yawe yose agororotse.173Icompa ikiganza cawe kikitegurira kuntabara,kuko nahisemwo ivyo washinze.174Ndipfuza rwose agakiza kawe, ewe Uhoraho,kandi Ivyagezwe vyawe bimpa kunezerwa.175Umpe kubaho ngo ndaguhimbaze,kandi ivyagezwe vyawe binshigikire.176Nazimiye nk’intama yatakaye.Rondera umusavyi wawe,kuko ntibagiye amabwirizwa yawe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e