Guharura8

Gutunganya amatara

1Uhoraho abarira Mose ati:2“Bwira Aroni, uti: ‘Igihe muzoshiraho ya matara indwi, muze muyashire ahantu ashobora kumurika ku ruhande rw’imbere rw’igiterekwako amatara.’ ”
3Aroni aca akora uko; ashira amatara aho ashobora kubonesha imbere y’igiterekwako amatara, nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose.4Uku ni ko ico giterekwako amatara cakozwe: cari gikozwe mu nzahabu yahondeshejwe inyundo; kuva musi gushika hejuru. Ico giterekwako amatara cari gikozwe nka ca kigereranyo Uhoraho yari yeretse Mose.

Ukurobanurwa kw’Abalewi

5Uhoraho abarira Mose ati:6“Toranya Abalewi ubakure mu bandi Bisirayeli ubahumanure.7Mu kubahumanura, uze ukore gutya: uze ubamijagire ya mazi yo guhumanura; hanyuma bamobwe umushatsi aho uri hose ku mibiri yabo kandi bamesure impuzu zabo; uko ni ko bazoba bahumanuwe.8Baze bazane ishuri ikiri nto n’ishikanwa ryayo ry’ifu rigizwe n’ifu inoze neza ivanzwe n’amavuta; uzane n’iyindi shuri ya kabiri y’ikimazi c’ivyaha.9Uze uzane Abalewi imbere y’Ihema ry’Ibonaniro ukoranye n’Abisirayeli bose.10Uze uzane Abalewi imbere y’Uhoraho, hanyuma Abisirayeli baze babarambikeko ibiganza.11Aroni aze azane ba Balewi imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza rivuye mu Bisirayeli, kugira ngo bitegurire igikorwa c’Uhoraho.
12Hanyuma Abalewi barambike ibiganza ku mitwe ya ya mashuri, imwe uheze uyitange nk’ikimazi c’ivyaha gishikaniwe Uhoraho, iyindi na yo uyitange nk’ikimazi co guturirwa, kugira ngo Abalewi batangirwe ikimazi co kwikurako icaha.13Uze uzane Abalewi bahagarare imbere ya Aroni n’abahungu biwe hanyuma uce ubatanga nk’ishikanwa ryo kuzungagiza rishikaniwe Uhoraho.14Uko ni ko uzorobanura Abalewi ubakuye mu bandi Bisirayeli, hanyuma Abalewi bazoba abanje.
15Niwaheza guhumanura Abalewi no kubashikana nk’ishikanwa ryo kuzungagiza, bazoce baza gukora igikorwa cabo kw’ihema ry’ibonaniro.16Ni Abisirayeli banyeguriwe. Nabagize abanje mu gishingo c’imfura, abana b’imfura b’abahungu b’Umwisirayelikazi wese.17Imfura zose mu Bisirayeli, baba abantu canke ibitungwa, ni ivyanje. Igihe nahonya imfura zose muri Egiputa, naciye nirobanurira abo kuba abanje.18Natoranije Abalewi mu gishingo c’abahungu bose b’imfura muri Isirayeli.19Kandi mpaye Aroni n’abahungu biwe Abalewi mbakuye mu Bisirayeli bose ngo bakore igikorwa co mw’ihema ry’ibonaniro bagikorera Abisirayeli ngo babatangire impongano kugira ngo ntihagire ikiza gitera Abisirayeli igihe bazokwegera ahera.”
20Mose, Aroni n’Abisirayeli bose baca bakora ivyo Uhoraho yategetse Mose vyose ku Balewi.21Nuko Abalewi bariyeza bamesura n’impuzu zabo. Maze Aroni aca abazana nk’ishikanwa rizungagizwa imbere y’Uhoraho aca abatangira impongano kugira ngo abeze.22Inyuma y’ivyo, Abalewi baza gukora igikorwa cabo kw’ihema ry’ibonaniro barongowe na Aroni n’abahungu biwe. Uko Uhoraho yari yategetse Mose, ni ko bakoze ku Balewi.
23Uhoraho abarira Mose ati:24“Ibi ni vyo bizokorwa ku Balewi: abagabo bamaze imyaka mirongo ibiri n’itanu n’iyirenga baze baze gukora kw’ihema ry’ibonaniro,25ariko bamaze imyaka mirongo itanu, baze bakukuruke bave mu gikorwa cabo bahora bakora ntibasubire kugikora.26Bashobora gufasha abavukanyi babo mu gukora ibikorwa vyabo mw’ihema ry’ibonaniro, ariko bo ntibaze bakore ico gikorwa. Ng’uko rero uko uzotunganya ibikorwa vy’Abalewi.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e