Guharura7
Ibimazi vyatanzwe mu gushikiriza Uhoraho ihema
1Ku musi Mose yaherejeko gutunganya rya hema, yaciye arirobanuza amavuta arishikiriza Imana hamwe n’ibikoresho vyose biri muri ryo. Yarobanuye kandi igicaniro n’ibikoresho vyaco.2Hanyuma abakuru b’Abisirayeli, abakuru b’amazu aserukira imiryango bari bashinzwe guharura abasoda, baraza batanga ibimazi vyabo.3Bazana ingabire k’Uhoraho igizwe n’imikogote itandatu ikwegwa n’impfizi zibiri, bazana n’impfizi z’inka icumi na zibiri, abakuru babiri basangira umukogote kandi umukuru wese atanga impfizi imwimwe. Ivyo vyose babizana imbere y’ihema.4Uhoraho abarira Mose ati:5“Ubakirire ivyo batanze, kugira ngo bikoreshwe mu gikorwa co mw’Ihema ry’Ibonaniro. Ubihereze Abalewi nk’uko igikorwa c’umuntu wese kiri.”6Nuko Mose yakira ya mikogote na za mpfizi z’inka abiha Abalewi.7Abagerishoni abaha imikogote ibiri n’impfizi z’inka zine, nk’uko igikorwa cabo cabisaba,8Abamerari abaha imikogote ine n’impfizi umunani nk’uko igikorwa cabo cabisaba. Bose bari barongowe na Itamari mwene Aroni, umuherezi.9Ariko Mose ntiyaha na kimwe Abakohati, kuko bari bajejwe ivyerejwe Uhoraho, bakaba bategerezwa kubirerura ku bitugu vyabo.10Igihe igicaniro carobanuzwa amavuta, ba bakuru bazanye ibimazi vyabo vyo kukirobanura barabizana babishira imbere y’igicaniro.11Uhoraho yari yabwiye Mose ati: “Ku musi ku musi umukuru umwe wese aze atange ikimazi ciwe co guhereza Imana ico gicaniro.”12Uwazanye ishikanwa ryiwe ku musi wa mbere yari Nahashoni mwene Aminadabu wo mu muryango wa Yuda.13Ishikanwa ryiwe ryari: isiniya ikozwe mw’ifeza ipima shekeli ijana na mirongo itatu , n’igikombe c’ifeza gipima shekeli mirongo indwi , vyompi vyapimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, kimwe cose cuzuye ifu inoze neza ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’ifu;14isahani imwe y’inzahabu ipima shekeli icumi , yuzuye ibimota neza;15ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka, ngo bibe ikimazi co guturirwa;16isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha;17n’impfizi zibiri z’inka, impfizi z’intama zitanu, amasuguru atanu y’impene n’imyagazi itanu y’intama imaze umwaka umwe, vyo gutangwa kw’ikimazi c’ishimwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Nahashoni mwene Aminadabu.18Ku musi ugira kabiri Netaneli mwene Zuwari, Umukuru w’umuryango w’Abisakari, azana ishikanwa ryiwe.19Ishikanwa ryiwe ryari: isiniya ikozwe mw’ifeza ipima shekeli ijana na mirongo itatu, n’igikombe c’ifeza gipima shekeli mirongo indwi, vyose vyapimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, kimwe cose cuzuye ifu inoze neza ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’ifu;20isahani imwe y’inzahabu ipima shekeli icumi, yuzuye ibimota neza;21ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka, ngo bibe ikimazi co guturirwa;22isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha;23n’impfizi zibiri z’inka, impfizi zitanu z’intama, amasuguru atanu y’impene n’imyagazi itanu y’intama imaze umwaka, vyo gutangwa kw’ikimazi c’ishimwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Netaneli mwene Zuwari.24Ku musi ugira gatatu, Eliyabu mwene Heloni, umukuru w’umuryango w’Abazebuloni, azana ishikanwa ryiwe.25Ishikanwa ryiwe ryari iri: isiniya y’ifeza ipima shekeli ijana na mirongo itatu, n’igikombe c’ifeza gipima shekeli mirongo indwi, vyompi vyapimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, kimwe cose cuzuye ifu inoze neza ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’ifu;26isahani imwe y’inzahabu ipima shekeli icumi, yuzuye ibimota neza;27ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka, ngo bibe ikimazi co guturirwa;28isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha;29n’impfizi zibiri z’inka, impfizi zitanu z’intama, impfizi zitanu z’impene n’amasuguru atanu y’intama amaze umwaka umwe, vyo gutangwa kw’ikimazi c’ishimwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Eliyabu mwene Heloni.30Ku musi ugira kane Elisuri mwene Shedewuri, umukuru w’umuryango w’Abareyubeni, azana ishikanwa ryiwe.31Ishikanwa ryiwe ryari iri: isiniya y’ifeza ipima shekeli ijana na mirongo itatu, n’igikombe c’ifeza gipima shekeli mirongo indwi, vyompi vyapimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, kimwe cose cuzuye ifu inoze neza ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’ifu;32isahani imwe y’inzahabu ipima shekeli icumi, yuzuye ibimota neza;33ishuri imwe, impfizi y’intama ikuze imwe n’impfizi y’intama imaze umwaka, ngo bibe ikimazi co guturirwa;34isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha;35n’impfizi zibiri z’inka, impfizi zitanu z’intama, impfizi zitanu z’impene n’amasuguru atanu y’intama amaze umwaka umwe, vyo gutangwa kw’ikimazi c’ishimwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Elisuri mwene Shedewuri.36Ku musi ugira gatanu Shelumiyeli mwene Zurishadayi, umukuru w’umuryango w’Abasimeyoni, azana ishikanwa ryiwe.37Ishikanwa ryiwe ryari iri: isiniya y’ifeza ipima shekeli ijana na mirongo itatu, n’igikombe c’ifeza gipima shekeli mirongo indwi, vyompi vyapimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, kimwe cose cuzuye ifu inoze neza ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’ifu;38isahani imwe y’inzahabu ipima shekeli icumi, yuzuye ibimota neza;39ishuri imwe, impfizi y’intama ikuze imwe n’impfizi y’intama imaze umwaka, ngo bibe ikimazi co guturirwa;40isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha;41n’impfizi zibiri z’inka, impfizi zitanu z’intama, impfizi zitanu z’impene n’amasuguru atanu y’intama amaze umwaka umwe, vyo gutangwa kw’ikimazi c’ishimwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Shelumiyeli mwene Zurishadayi.42Ku musi ugira gatandatu Eliyasafu mwene Dewuyeli, umukuru w’umuryango w’Abagadi, azana ishikanwa ryiwe.43Ishikanwa ryiwe ryari iri: isiniya y’ifeza ipima shekeli ijana na mirongo itatu, n’igikombe c’ifeza gipima shekeli mirongo indwi, vyompi vyapimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, kimwe cose cuzuye ifu inoze neza ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’ifu;44isahani imwe y’inzahabu ipima shekeli icumi, yuzuye ibimota neza;45ishuri imwe, impfizi y’intama ikuze imwe n’impfizi y’intama imaze umwaka, ngo bibe ikimazi co guturirwa;46isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha;47n’impfizi zibiri z’inka, impfizi zitanu z’intama, impfizi zitanu z’impene n’amasuguru atanu y’intama amaze umwaka umwe, vyo gutangwa kw’ikimazi c’ishimwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Eliyasafu mwene Dewuyeli.48Ku musi ugira indwi Elishama mwene Amihudi, umukuru w’umuryango w’Abefurayimu, azana ishikanwa ryiwe.49Ishikanwa ryiwe ryari iri: isiniya y’ifeza ipima shekeli ijana na mirongo itatu, n’igikombe c’ifeza gipima shekeli mirongo indwi, vyompi vyapimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, kimwe cose cuzuye ifu inoze neza ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’ifu;50isahani imwe y’inzahabu ipima shekeli icumi, yuzuye ibimota neza;51ishuri imwe, impfizi y’intama ikuze imwe n’impfizi y’intama imaze umwaka, ngo bibe ikimazi co guturirwa;52isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha;53n’impfizi zibiri z’inka, impfizi zitanu z’intama, impfizi zitanu z’impene n’amasuguru atanu y’intama amaze umwaka umwe, vyo gutangwa kw’ikimazi c’ishimwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Elishama mwene Amihudi.54Ku musi ugira umunani Gamaliyeli mwene Pedasuri, umukuru w’umuryango w’Abamanase, azana ishikanwa ryiwe.55Ishikanwa ryiwe ryari iri: isiniya y’ifeza ipima shekeli ijana na mirongo itatu, n’igikombe c’ifeza gipima shekeli mirongo indwi, vyompi vyapimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, kimwe cose cuzuye ifu inoze neza ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’ifu;56isahani imwe y’inzahabu ipima shekeli icumi, yuzuye ibimota neza;57ishuri imwe, impfizi y’intama ikuze imwe n’impfizi y’intama imaze umwaka, ngo bibe ikimazi co guturirwa;58isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha;59n’impfizi zibiri z’inka, impfizi zitanu z’intama, amasuguru atanu y’impene n’impfizi z’intama zitanu zimaze umwaka, vyo gutangwa kw’ikimazi c’ishimwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Gamaliyeli mwene Pedasuri.60Ku musi ugira icenda Abidani mwene Gidiyoni, umukuru w’umuryango w’Ababenyamini, azana ishikanwa ryiwe.61Ishikanwa ryiwe ryari iri: isiniya y’ifeza ipima shekeli ijana na mirongo itatu, n’igikombe c’ifeza gipima shekeli mirongo indwi, vyompi vyapimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, kimwe cose cuzuye ifu inoze neza ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’ifu;62isahani imwe y’inzahabu ipima shekeli icumi, yuzuye ibimota neza;63ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka, ngo bibe ikimazi co guturirwa;64isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha;65n’impfizi zibiri z’inka, impfizi zitanu z’intama, amasuguru atanu y’impene n’imyagazi itanu y’intama amaze umwaka, vyo gutangwa kw’ikimazi c’ishimwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Abidani mwene Gidiyoni.66Ku musi ugira icumi Ahiyezeri mwene Amishadayi, umukuru w’umuryango w’Abadani, azana ishikanwa ryiwe.67Ishikanwa ryiwe ryari iri: isiniya y’ifeza ipima shekeli ijana na mirongo itatu, n’igikombe c’ifeza gipima shekeli mirongo indwi, vyompi vyapimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, kimwe cose cuzuye ifu inoze neza ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’ifu;68isahani imwe y’inzahabu ipima shekeli icumi, yuzuye ibimota neza;69ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka, ngo bibe ikimazi co guturirwa;70isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha;71n’impfizi zibiri z’inka, impfizi zitanu z’intama, amasuguru atanu y’impene n’imyagazi itanu y’intama imaze umwaka, vyo gutangwa kw’ikimazi c’ishimwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Ahiyezeri mwene Amishadayi.72Ku musi ugira icumi na rimwe Pagiyeli mwene Okurani, umukuru w’umuryango w’Abasheri, azana ishikanwa ryiwe.73Ishikanwa ryiwe ryari iri: isiniya y’ifeza ipima shekeli ijana na mirongo itatu, n’igikombe c’ifeza gipima shekeli mirongo indwi, vyompi vyapimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, kimwe cose cuzuye ifu inoze neza ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’ifu;74isahani imwe y’inzahabu ipima shekeli icumi, yuzuye ibimota neza;75ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka, ngo bibe ikimazi co guturirwa;76isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha;77n’impfizi zibiri z’inka, impfizi zitanu z’intama, amasuguru atanu y’impene n’imyagazi itanu y’intama imaze umwaka, vyo gutangwa kw’ikimazi c’ishimwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Pagiyeli mwene Okurani.78Ku musi ugira icumi na kabiri Ahira mwene Enani, umukuru w’umuryango w’Abanafutali, azana ishikanwa ryiwe.79Ishikanwa ryiwe ryari iri: isiniya y’ifeza ipima shekeli ijana na mirongo itatu, n’igikombe c’ifeza gipima shekeli mirongo indwi, vyompi vyapimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, kimwe cose cuzuye ifu inoze neza ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’ifu;80isahani imwe y’inzahabu ipima shekeli icumi, yuzuye ibimota neza;81ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka, ngo bibe ikimazi co guturirwa;82isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha;83n’impfizi zibiri z’inka, impfizi zitanu z’intama, amasuguru atanu y’impene n’imyagazi itanu y’intama imaze umwaka, vyo gutangwa kw’ikimazi c’ishimwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Ahira mwene Enani.84Ayo ni yo mashikanwa yatanzwe n’abakuru b’amazu y’Abisirayeli yo gushikanira Imana igicaniro igihe bakirobanuza amavuta: Amasiniya icumi n’abiri akozwe mw’ifeza, ibikombe icumi na bibiri n’amasahani icumi n’abiri akozwe mu nzahabu.85Isiniya imwimwe yapima shekeli ijana na mirongo itatu, n’igikombe kimwekimwe capima shekeli mirongo indwi. Vyose hamwe, ya masiniya n’ibikombe vy’ifeza vyapima shekeli ibihumbi bibiri n’amajana ane, hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera.86Za sahani z’inzahabu zuzuye ibimota neza imwimwe yapima shekeli icumi, ipimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera. Ayo masahani y’inzahabu yose hamwe yapima shekeli ijana na mirongo ibiri. 87Ibitungwa vyose vyari vyagenewe ibimazi vyo guturirwa vyabaye amashuri y’inka icumi n’abiri, impfizi z’intama icumi na zibiri n’imyagazi y’intama imaze umwaka icumi n’ibiri, hamwe n’ishikanwa ry’ifu ryavyo. Amasuguru y’impene icumi n’abiri ni yo yakoreshejwe nk’ikimazi c’ivyaha.88Igitigiri cose c’ibitungwa vyatangiwe gutangwa kw’ikimazi c’ishimwe vyari amashuri y’inka mirongo ibiri n’ane, impfizi z’intama mirongo itandatu, amasuguru y’impene mirongo itandatu n’imyagazi y’intama imaze umwaka mirongo itandatu.Ayo ni yo mashikanwa yose yatanzwe yo gushikiriza Imana igicaniro kimaze kurobanuzwa amavuta.89Mose amaze kwinjira mw’Ihema ry’Ibonaniro kugira ngo avugane n’Uhoraho, yumva ijwi rivugana na we rivuye hagati ya ba bakerubi babiri bari ku mupfundikizo w’impongano w’Isandugu y’Isezerano. Na we araheza avugana na we.
Biblica, Inc.