Guharura25

Abanyamowabu batega umutego Abisirayeli

1Abisirayeli bakiri i Shitimu, abagabo batangura gusambana n’abakobwa b’Abanyamowabukazi,2babatumirira guha ibimazi ibigirwamana vyabo.3Nuko Abisirayeli bifatanya na bo mu gusenga Bayali-Peyori. Uhoraho arabashavurira cane.
4Uhoraho abarira Mose ati: “Fata ba bakuru bose b’ubu bwoko, ubice ubanikire ku zuba imbere y’Uhoraho, kugira ngo ishavu ryanje rive ku Bisirayeli.”
5Nuko Mose abarira abacamanza b’Abisirayeli ati: “Umuntu wese wo muri mwebwe niyice abagabo bose bifatanije n’abandi mu gusenga Bayali-Peyori.”
6Nuko umugabo w’Umwisirayeli azana i muhira iwe umugore w’Umumidiyanikazi amucisha imbere ya Mose n’Abisirayeli bose aho bariko bararirira ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro.7Nuko Finehasi mwene Eliyazeri, umuhungu wa Aroni, umuherezi, abibonye, ava mw’ikoraniro, afata icumu8akurikira wa Mwisirayeli mw’ihema ryiwe. Abatobekeranya bompi na rya cumu, wa Mwisirayeli na wa mugore. Maze ikiza cari ku Bisirayeli kirahagarara;9ariko abari bamaze gupfa kubera ico kiza bashika ku bihumbi mirongo ibiri na bine.
10Uhoraho abarira Mose ati:11“Finehasi mwene Eliyazeri, umuhungu wa Aroni, umuherezi, ahwamitse ishavu ryanje riva ku Bisirayeli. Kubera ko yagize ishaka nkanje ryo kugarukana icubahiro canje, bitumye nigarura ngo sindabamare.12Nuko umubwire ko ngiranye na we isezerano ry’amahoro.13We n’uruvyaro rwiwe rwose baronse isezerano ridahera ry’ubuherezi, kuko yagize ishaka ryo guhesha icubahiro Imana yiwe agatangira Abisirayeli bose ikimazi gikuraho ivyaha.”
14Uwo Mwisirayeli yicanywe n’uwo Mumidiyanikazi yitwa Zimuri mwene Salu, umukuru w’umuryango w’Abasimeyoni.15Kandi uwo mugore w’Umumidiyanikazi yishwe yitwa Kozibi umukobwa wa Zuri, umukuru w’umuryango umwe w’Abamidiyani.
16Uhoraho abarira Mose ati:17“Mufate Abamidiyani nk’abansi banyu kandi muze mubice,18kuko babafashe nk’abansi babo igihe babahenda mu vy’i Peyori no mu vya Kozibi, umukobwa w’umukuru w’umuryango umwe mu miryango yabo, wa mugore yicwa igihe icago catera kubera inkurikizi y’i Peyori.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e