Abalewi19

Ivyagezwe bitandukanye

1Uhoraho abwira Mose ati:2“Vugana n’ishengero ryose ry’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Mube abera kuko jewe, Uhoraho Imana yanyu, ndi uwera.
3Umuntu wese aze yubahe se na nyina, kandi aze yubahirize amasabato yanje. Ndi Uhoraho Imana yanyu.
4Ntimuze muhindukirire ibigirwamana canke ngo mwikorere ibigirwamana mu butare buvugutiwe mu muriro. Ndi Uhoraho Imana yanyu.
5Nimwashikanira Uhoraho ikimazi c’ishimwe, muze mugitange neza ku buryo butuma mwemerwa.6Kize kiribwe ku musi mwagitangiyeko canke ku musi ukurikira; ibizoba bisigaye vyose gushika ku musi wa gatatu bize biturirwe.7Nihagira ikintu na kimwe kiribwa ku musi wa gatatu, kizoba gihumanye kandi ntikizokwemerwa.8Umuntu wese azokiryako azotsindwa n’urubanza rw’uko yahumanije ivyera vy’Uhoraho; uwo muntu aze acibwe mu bwoko bwiwe.
9Nimwimbura ibivuye mu ndimiro zanyu, ntimuze mutware ivyamereye inyuma y’urubibe rwanyu canke ngo musubire inyuma gutora ivyo mwibagiriye mu mirima.10Ntimuze musubire mu ruzabibu rwanyu ubugira kabiri canke ngo mutore imbuto z’imizabibu zakorokeye hasi. Muze mubisigarize umukene n’inyambukira. Ndi Uhoraho Imana yanyu.
11Ntimukibe.
Ntimukabeshe.
Ntimugahendane.
12Ntimuze murahire ibinyoma, kugira ngo mwoye guhumanya izina ryanje; ndi Uhoraho Imana yanyu.
13Ntuze urenganye canke ngo wibe muganzawe.
Ntuze urare udahemvye umukozi wakoresheje.
14Ntuze uvume igipfamatwi canke ngo ushire igitsitaza imbere y’impumyi: wubahe Imana yawe. Ndi Uhoraho.
15Ntimuze muce imanza zigoramye mu guhengamira ku muntu ngo ni uko ari umugorwa canke ari umukuru, ahubwo mucire bagenzi banyu imanza z’ukuri.
16Ntimuze mugende muravuga nabi bagenzi banyu.
Ntimuze mukore ikintu gishobora gushira mu kaga k’urupfu bagenzi banyu. Ndi Uhoraho.
17Ntuze ugirire urwanko mu mutima wawe abo mu bwoko bwanyu. Ariko uze wihanize mugenzawe ariko arakora ikibi kugira ngo ntuhave usangira na we icaha ciwe.
18Ntuze wihore canke ngo ugumanire inzigo uwo mu bwoko bwanyu, ariko uze ukunde mugenzawe nk’uko wikunda. Ndi Uhoraho.
19Muze mwitondere ivyo nategetse.
Ntimuze mubangurire ibikoko ku bindi bidahuje ubwoko.
Ntimuze mutere mu mirima yanyu imbuto z’ubwoko bubiri.
Ntimuze mwambare impuzu zijishwe mu nyuzi z’ubwoko bubiri.
20Umugabo niyaryamana n’umwigeme w’umugurano arehejwe n’uwundi ariko ataracungurwa canke ngo aronke ukwidegemvya, aze ahanwe bikwiye. Ariko ntibaze bicwe, kuko uwo mwigeme atari bwaronke umwidegemvyo.21Ariko uwo mugabo we, aze ashikanire Uhoraho impfizi y’intama imbere y’Ihema ry’Ibonaniro, impfizi y’intama y’ikimazi c’indishi gishikanirwa Uhoraho.22Umuherezi aze amutangire ikimazi imbere y’Uhoraho akoresheje ico kimazi co kwikurako icaha, kubera icaha yakoze, na we azoharirwa icaha ciwe.
23Nimwashika mu gihugu mugatera igiti c’icamwa ico ari co cose, muze mumare imyaka itatu mufata ko ivyamwa vyaco ari ibizira; ntibize biribwe.24Umwaka ugira kane, ivyamwa vyaco bizoba ari ivyera, ishikanwa ryo guhimbaza Uhoraho.25Ariko mu mwaka ugira gatanu muremerewe kurya ivyamwa vyaco. Nimwakora uko, ni ho umwimbu wanyu uzogwira. Ndi Uhoraho Imana yanyu.
26Ntimuze murye inyama zikirimwo amaraso.
Ntimuze mukoreshe ivy’ubupfumu no guhamagara imizimu.
27Ntimuze mumwe umushatsi wo mu misaya yanyu canke ubwanwa bwanyu.
28Ntimuze mwikebagure ku mibiri yanyu kubera abapfuye canke ngo mwishushanyeko ibintu ku mibiri. Ndi Uhoraho.
29Ntimuze mutetereze umukobwa wanyu mu kumushorera mu bumaraya, kuko vyohava bikwegera igihugu kwuzura ubumaraya n’ubundi bubi.
30Muze mwitondere amasabato yanje kandi mwubahe ahera hanje. Ndi Uhoraho.
31Ntimuze muhindukirire abahamagara imizimu canke abanyamareba, kuko bobanduza. Ndi Uhoraho Imana yanyu.
32Uze uhaguruke kubera icubahiro c’umutama, wubahe abakuruta kandi uhe icubahiro Imana yawe. Ndi Uhoraho.
33Umuntu w’umunyamahanga niyaba muri mwebwe, ntimuze mumufate nabi.34Umunyamahanga aba muri mwebwe aze afatwe nk’imvukira. Mumukunde nk’uko mwikunda, kuko mwari inyambukira muri Egiputa. Ndi Uhoraho Imana yanyu.
35Ntimuze mukoreshe ingero zidakwiye iyo muriko murapima uburebure, uburemere canke ubwinshi.36Muze mukoreshe iminzane itabesha, ingero efa ikwiye n’ingero hini y’ukuri. Ndi Uhoraho Imana yanyu, nabakuye mu gihugu ca Egiputa.
37Muze muzigame amategeko n’amabwirizwa yanje yose mwongere muyitondere. Ndi Uhoraho.’ ”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e