Abalewi18

Ibizira ku babirana

1Uhoraho abwira Mose ati:2“Vugana n’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Ndi Uhoraho Imana yanyu.3Ntimuze mukore nk’uko mwahora mukora muri Egiputa, aho mwahora muba, kandi ntimuze mukore nk’uko bakora mu gihugu c’i Kanani, aho ngiye kubinjiza. Ntimuze mwigane ivyo bakora.4Muze mwumvire ivyagezwe vyanje, mwitondere ivyo ndabategetse. Ndi Uhoraho Imana yanyu.5Muze mwitondere ivyo nashinze n’ivyagezwe vyanje, kuko umuntu wese azovyitondera azobeshwaho na vyo. Ndi Uhoraho.
6Ntihaze hagire umuntu yegera incuti yiwe ya hafi ngo barangurane amabanga mpuzabitsina. Ndi Uhoraho.
7Ntuze umaramaze so mu kuryamana na nyoko. Ni umuvyeyi wawe; ntuze uryamane na we.
8Ntuze uryamane n’umugore wa so; kuko ni ukumaramaza so.
9Ntuze uryamane na mushikawe, yaba uwo musangiye so gusa canke uwo musangiye nyoko gusa, yaba ari uwavukiye muri iyo nzu canke uwavukiye ahandi.
10Ntuze uryamane n’umwuzukuru wawe, yaba uwo ku muhungu canke uwo ku mukobwa; ivyo ni ibiterasoni.
11Ntuze uryamane n’umukobwa w’umugore wa so, uwo so yavyaranye na we; kuko ni mushikawe.
12Ntuze uryamane na mushiki wa so, kuko ari incuti ya so ya hafi.
13Ntuze uryamane n’umuvukanyi wa nyoko, kuko ari incuti ya nyoko ya hafi.
14Ntuze umaramaze sowanyu mu kuryamana n’umugore wiwe; kuko ari nyogosenge kuri wewe.
15Ntuze uryamane n’umukazana wawe, kuko ari umugore w’umuhungu wawe; ntuze uryamane na we.
16Ntuze uryamane na muramwawe; kuko kwoba ari ukumaramaza umuvukanyi wawe.
17Ntuze uryamane n’umugore ngo wongere uryamane n’umukobwa wiwe. Kandi, ntuze uryamane n’umwuzukuru wiwe wo ku muhungu canke wo ku mukobwa; kuko ari incuti ziwe za hafi. Ico ni ikizira.
18Ntuze uharike umugore wawe, umuharikishije uwo bavukana, ngo uryamane na we umugore wawe akiriho.
19Ntuze uryamane n’umugore ari mu miziro yiwe.
20Ntuze uryamane n’umugore wa mugenzawe ngo umwihumanishe.
21Ntuze utange umwana wawe ngo atangwe kw’ikimazi c’ikigirwamana Moleki, kuko ukwiye kwirinda ngo ntukengere izina ry’Imana yawe. Ndi Uhoraho.
22Ntuze uryamane n’umugabo nk’uko baryamana n’umugore. Ico ni ikintu co kwankwa urunuka.
23Ntuze uryamane n’igikoko ngo uciyandurishe. Ntihaze hagire umugore yitega igikoko ngo kiryamane na we; ni ubuhumane butavugwa.
24Ntimuze mwiyanduze mu buryo na bumwe muri ubwo bwose, kuko uko ari ko amahanga ngiye gusohora mu gihugu ngiye kubinjiza biyanduje.25Igihugu ubwaco caranduye; ni co gituma nagihanye kubera icaha caco, hanyuma na co gica kidahwa abakibamwo bose.26Ariko mwebwe muze mwitondere ivyo nabategetse vyose n’ivyo nashinze. Yaba imvukira canke umunyamahanga aba muri mwebwe, ntimuze mukore ibintu nk’ivyo vyo kwankwa urunuka,27kuko ivyo vyose vyakorwa n’amahanga yaba muri ico gihugu imbere yanyu, bituma ico gihugu gihumana.28Nimwahumanya ico gihugu, kizobadahwa nk’uko cadashwe amahanga yariho imbere yanyu.
29Umuntu wese azokora na kimwe muri ivyo bintu vyo kwankwa urunuka aze akurwe mw’ihanga ryiwe.30Muze mwitondere ivyo ndabasaba ntimuze mukurikire ingeso mbi n’ivyo bakora imbere y’uko muza, kugira ngo ntimwihumanishe izo ngeso. Ndi Uhoraho Imana yanyu.’ ”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e