Intimba1

1Ese ukuntu igisagara gisigaye ari umusaka,kera cahora cuzuye abantu!Ese ukuntu kimeze nk’umupfakazi,kandi kera cahora gihambaye mu mahanga!Cahora kimeze nk’umwamikazi mu zindi ntaraariko ubu cabaye nk’umugurano.
2Mw’ijoro gicunduguta amosozi,akagitemba ku matama.Mu bahora bagikunda bosenta n’umwe wo kugihoza.Abagenzi baco bose baragihemukiye;bahindutse abansi baco.
3Amaze kugira amarushwa menshi n’ugucumukura,Yuda yajanywe ari inyagano.Ubu aba hagati mu mahanga,nta buragamo afise na mba.Abamuhiga bose baramushikiriyebamusanze mu mubabaro mwinshi.
4Amayira aja i Siyoni aragandaye,kuko ata muntu n’umwe akija mu misi mikuru yashinzwe.Amarembo yaho yose aripfumbereje,abaherezi baho baraniha,abagore baho bakiri bato barababayekandi hari ukwihebura kurenze urugero.
5Abamugwanya basigaye ari bo bamuganza;abansi biwe baguwe neza.Uhoraho yamuzanyeko imibabarokubera ivyaha vyiwe vyinshi.Abana biwe bose batwawe nk’inyagano,bacitse imbohe imbere y’abansi babo.
6Ubwiza bwose bwarahezeubwahora ku mukobwa w’i Siyoni.Abaganwa baho bameze nk’impongokaziyabuze aho irisha;kubera intege nke zabo bakuye hasi barahungaimbere y’uwabahiga.
7Mu misi y’umubabaro waho no kuburanirwaYerusalemu hibutse ubutunzi bwosehari hafise mu misi ya kera.Igihe abantu baho bagwa mu maboko y’umwansi,ntihabonetse n’umwe wo kubatabara.Abansi baho ubu baraharababakitwengera babonye uburyo hasambuwe.
8Yerusalemu hakoze ivyaha vyinshini co catumye hahumana.Abahora bahubaha ubu barahakengera,kuko babonye ubwambure bwaho;ubwaho haranihahihindukiza.
9Ubuhumane bwaho buhomye ku vyambarwa hambaye;ntihiyumviriye kuri kazoza kaho.Ukugwa kwaho kwabaye ugukomeye;kandi nta n’umwe wo kuhagarukirako.“Yewe Uhoraho, raba umubabaro wanje,kuko umwansi yanesheje.”
10Umwansi yasahuyeubutunzi bwaho bwose;habonye abanyamahanga batubaha Imanabinjira mu Ngoro,abo wari warihanije ngontibaze binjire mw’ikoraniro ryawe.
11Abantu baho bose baranihakuko barondera ico barya;batanga ubutunzi bwabo ngo baronke ivyokuryabashobore kuzigama ubuzima.“Ewe Uhoraho, raba kandi wongere witegereze,ukuntu nkengerewe.”
12“Mbega mwebwe murengana nta co bibabwiye?Nimuhindukire hirya no hino murabe.Mbega hari ukubabazwa guhwanye n’uku kwanjeukwo nahawe n’Uhoraho,ku musi w’uburake bwiwe bw’inkazi?
13Yarungitse umuriro ari iyo hejuru,awurungika mu magufa yanje.Yagaranzuye urusenga rufata amaguru yanjemaze ansubiza inyuma.Yansize ndi umusaka,kandi nguma mu mubabaro rikarinda rirenga.
14Ivyaha vyanje yabiboheye hamwe bicika ingogo,yavyegeranishije ukuboko kwiwe.Vyaraje bishika no kw’izosi ryanjekandi Imana yatumye inkomezi zanje zisambuka.Yandekuriye mu mabokoy’abo ntashobora no guhagarara imbere.
15Imana yaranseabagwanyi banje bose bari kumwe nanje;yahamagariye ingabo zose kungwanyakugira ngo bamene umutwe abasore banje.Imana yahonyanze Umukobwa w’i Buyuda,nka kurya baganira umuvinyu mu bwato.
16Ni co gituma ndiraamaso yanje akaba yuzuye amosozi.Kandi nta n’umwe ari hafi wo kumpozanta n’umwe wo kuremesha impwemu yanje.Abana banje bakuwehokuko umwansi yaturushije inkomezi.”
17I Siyoni hamanitse amaboko,ariko nta n’umwe yabonetse wo kuhahoza.Kw’itegeko ry’Uhoraho,ababanyi ba Yakobo bamuhindukiye abansi;i Yerusalemu habahindukiyenk’ikintu gihumanye hagati muri bo.
18“Uhoraho aragororotse,ariko nagararije ivyo yategetse.Nimwumve, yemwe mahanga mwese;nimurabe umubabaro wanje.Abasore banje n’inkumi zanjebajanywe nk’inyagano.
19Natumyeko abakunzi banjeariko barampemukiye.Abaherezi banje n’inararibonye zanjebahoneye mu gisagaramu gihe bariko bararondera indyango barabe ko boba barabayeho.
20Raba, yewe Uhoraho, ingene ndi mu magorwa!Muri jewe nuzuye uruhagarara,kandi mu mutima ndahungabanye,kuko nabaye umugarariji arushirije.Hanze, inkota yampekuye abana banje;mu nzu na ho ni urupfu gusa.
21Abantu bumvise ukuniha kwanje,ariko nta n’umwe wo kumpoza.Abansi banje bose bumvise amagorwa yanje;banezererwa ivyo wakoze.Ndakwinginze ngo ubashitseko wa musi wavugango na bo bamere nkanje.
22Ivyo bagabitanije vyose nibije imbere yawe;ubakorerenk’ivyo wankoreyekubera ivyaha vyanje.Ukuniha kwanje ni kwinshikandi umutima wanje ucitse intege.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e