Abacamanza1

Abisirayeli bagwanya Abanyakanani basigaye

1Yosuwa amaze gupfa, Abisirayeli babaza Uhoraho bati: “Ni uwuhe muryango uzotangura kuduga gutera Abanyakanani?”
2Uhoraho arabishura ati: “Umuryango wa Yuda uzobe ari wo ugenda ubwa mbere, kuko ndabahaye intsinzi kuri iyo ntara.”
3Abo mu muryango wa Yuda babarira abo mu muryango wa Simeyoni bati: “Nimuze tudugane mu ntara twahawe, tugwanye Abanyakanani. Natwe tuzoheza tubafashe gufata intara yanyu.” Nuko abo mu muryango wa Simeyoni bajana na bo.
4Abo mu muryango wa Yuda bateye, Uhoraho abaha intsinzi ku Banyakanani n’Abaperizi, bicamwo abasoda ibihumbi cumi muri bo mu gisagara ca Bezeki.5Aho ni ho basanze umwami Adoni-Bezeki, bamugwanirizaho, bahaneshereza Abanyakanani n’Abaperizi.6Adoni-Bezeki arahunga, ariko baramukurikira baramufata, bamuca intoke z’inkumu n’amano makuru.
7Maze Adoni-Bezeki aravuga ati: “Igihe kimwe nafashe abami mirongo indwi, bacibwa inkumu n’amano makuru, bakarya ibikorotse ku meza yanje. None Imana inyishuye ivyo nabakoreye.” Baca bamutwara i Yerusalemu apfirayo.
8Abo mu muryango wa Yuda bongera batera Yerusalemu, barahafata. Bicisha inkota abahaba, baca barahaturira.
9Hanyuma y’aho abo mu muryango wa Yuda baca bamanuka gutera Abanyakanani baba mu karere k’imisozi, i Negebu, no mu biyaya vyo mu ntango z’imisozi yo mu burengero.10Barabandanya batera Abanyakanani baba i Heburoni, ahahoze hitwa Kiriyati-Araba, banesha ab’i Sheshayi, Ahimani n’i Talumayi.11Bavuye aho baca barabandanya baja gutera abantu baba i Debiri, ahahora hitwa Kiriyati-Seferi.
12Maze Kalebu aravuga ati: “Uwuzotera i Kiriyati-Seferi akahafata, nzomuha umukobwa wanje Akisa abe umugore wiwe.”13Otiniyeli mwene Kenazi, murumuna wa Kalebu arahafata; Kalebu aca amushingira umukobwa wiwe Akisa.
14Akisa amaze kuba umugore wa Otiniyeli, aca amubwira ngo asabe se itongo. Akisa yururutse indogoba yiwe, Kalebu aramubaza ati: “Wipfuza iki?”
15Akisa amwishura ati: “Ngirira ubuntu. Ko wampaye itongo i Negebu, mpa n’amariba y’amazi.” Nuko Kalebu amuha amariba yo hepfo n’ayo haruguru.
16Abakomoka kuri sebukwe wa Mose, ari bo Bakayini, badugana n’abo mu muryango wa Yuda bava i Yeriko, ari co gisagara c’ibigazi, babana n’ababa mu bugaragwa bw’i Buyuda, hafi y’igisagara ca Aradi i Negebu.
17Hanyuma abo mu muryango wa Yuda bifatanya n’abo mu muryango wa Simeyoni, batera Abanyakanani baba i Zefati, basambura igisagara cabo cose. Ico gisagara baca bacita Horuma.18Abo mu muryango wa Yuda bongera bafata Gaza, Ashikeloni na Ekuroni, hamwe n’uturere tuhakikuje.
19Uhoraho abana n’abo mu muryango wa Yuda, maze bafata igice co mu misozi, ariko ntibashobora kwirukana ababa mu biyaya, kuko bari bafise imikogote y’ivyuma.20Igisagara ca Heburoni gihabwa Kalebu nk’uko Mose yari yarabisezeranye, Kalebu na we aca yirukana abahaba, ari bo ruvyaro rw’abahungu batatu ba Anaki.21Ariko abo mu muryango wa Benyamini ntibashobora kwirukana Abayebusi baba i Yerusalemu, ari co gituma gushika n’ubu Abayebusi babana n’abo mu muryango wa Benyamini.
22Imiryango ikomoka kuri Yosefu na yo itera igisagara ca Beteli, kandi Uhoraho abana na bo.23Nuko barungika abantu baja gutata igisagara ca Beteli, cahoze citwa Luzi.24Abo batasi babonye umuntu ava muri ico gisagara, baramubwira bati: “Twereke ingene twokwinjira muri iki gisagara, tuzokugirira neza.”25Nuko aca arabereka, baca barinjira bicisha inkota abo muri ico gisagara bose, kiretse uwo yaberetse ingene boshika muri ico gisagara hamwe n’umuryango wiwe.26Maze uwo muntu aca aja mu ntara y’Abaheti, ahubaka igisagara, acita Luzi, kandi ni ko kicitwa gushika n’ubu.
27Umuryango wa Manase na wo ntiwashoboye kwirukana abantu b’i Beti-Shani, canke ab’i Tanaki, canke ab’i Dori, canke ab’i Ibileyamu, canke ab’i Megido, canke abari bahakikuje, kuko Abanyakanani bari barahiye ko bazoguma baba muri iyo ntara.28Abisirayeli bamaze gukomera, baca bagira Abanyakanani abagurano, ariko ntibigeze babirukana bose muri iyo ntara.29N’abo mu muryango wa Efurayimu ntibashoboye kwirukana Abanyakanani baba i Gezeri, bagumye babana na bo.30Ndetse n’abo mu muryango wa Zebuloni na bo nyene ntibashoboye kwirukana Abanyakanani baba i Kitironi n’i Nahaloli, bagumye babana na bo, ariko ntibabagize abagurano.31N’abo mu muryango wa Asheri ntibashoboye kwirukana ababa muri Ako, canke ab’i Sidoni, canke ab’i Ahalabu, canke abo muri Akizibu, canke ab’i Helubaho canke abo muri Afiki, canke ab’i Rehobu.32Ahubwo abo mu muryango wa Asheri bagiye kubana n’Abanyakanani baganza iyo ntara, kuko bananiwe kubirukana.33Abo mu muryango wa Nafutali na bo nyene ntibashoboye kwirukana ababa i Beti-Shemeshi canke i Beti-Anati. Na bo nyene babanye n’Abanyakanani baba muri iyo ntara, ariko ababa i Beti-Shemeshi n’i Beti-Anati babagira abagurano babo.34Abo mu muryango wa Dani, Abamori barabirukanye baja mu karere k’imisozi, ntibabemerera ko bamanuka mu biyaya.35Abamori bari bararahiye ko bazoguma ku misozi Hari-Haresi, Ayaloni na Shayalubimu, ariko abo mu muryango wa Yosefu bamaze kugwira, baciye babagira abagurano.36Urubibe rw’Abamori rwava ku mudugo wa Akurabimu rugashika i Sela, rukabandanya ruja ruguru.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e