Yosuwa23

Amajambo ya nyuma ya Yosuwa

1Inyuma y’igihe kirekire Uhoraho ahaye amahoro Abisirayeli akabakiza abansi babo bose bari babakikuje, Yosuwa yari ageze mu zabukuru.2Nuko akoranya Abisirayeli bose; abatware bose, abarongozi n’abacamanza arababwira ati: “Ehe raba ndageze mu zabukuru.3Mwese mwarabonye ivyo Uhoraho yakoreye aya mahanga yose ku bwanyu; Uhoraho Imana yanyu ni yo yabagwaniye.4Mwibuke ingene nagaburiye imiryango yanyu intara mwahawe nk’imigabane, igihugu cose twafashe n’ico tutarafata, kuva kuri Yorodani gushika ku Kiyaga Mediterane mu burengero.5Iki gihugu kizoba icanyu, kuko Uhoraho Imana yanyu we nyene azokwiyirukanira ayo mahanga abahunge. Azobirukana imbere yanyu namwe mufate igihugu cabo, nk’uko Uhoraho Imana yanyu yabibasezeraniye.
6None rero mushire imitima yanyu ku vyanditswe muri iki gitabu c’ivyagezwe vya Mose, ntimuzohengamire i buryo canke i bubamfu.7Ntimuzokwifatanye n’ayandi mahanga akiri muri mwebwe, ntimuzokwambaze amazina y’imana zabo canke ngo murahire mu mazina yazo. Ntimuzozikorere canke ngo munazunamire.8Ariko mwumire k’Uhoraho Imana yanyu nk’uko mwayumiyeko gushika ubu.
9Uhoraho yirukanye amahanga akomakomeye imbere yanyu, gushika ubu nta na rimwe rirabahagarara imbere.10Umwe muri mwebwe yirukana igihumbi, kuko Uhoraho Imana yanyu ari we abagwanira nk’uko yabibasezeraniye.11None rero mushire imitima yanyu ku gukunda Uhoraho Imana yanyu.
12Ariko nimwahindukira mukifatanya n’abacitse kw’icumu bo muri aya mahanga basigaye muri mwebwe canke mugahana abageni mukivanga na bo,13mumenye ko Uhoraho atazokwirukana ayo mahanga imbere yanyu. Ariko bazobabera imitego muzogwamwo, bababere inkoni zo kubakubita mu migongo n’amahwa abazibura mu maso, gushika mutikiriye muri iki gihugu ciza Uhoraho Imana yanyu abahaye.
14Ehe ndi mu kwitaba Imana nk’uko bigendera abandi bose. Murazi n’imitima yanyu yose n’imishaha yanyu yose ko ata ciza na kimwe Uhoraho Imana yanyu yasezeranye kitashitse. Ivyo yasezeranye vyose yarabishikije, nta na kimwe cavuyemwo.15Ariko nk’uko iciza cose Uhoraho Imana yanyu yasezeranye cashitse, ni ko n’ibibi vyose Uhoraho yavuze bizoshika nimwamugarariza. Azobatikiza gushika muhonere muri iki gihugu ciza yabahaye.16Nimwaca kubiri n’isezerano Uhoraho Imana yanyu yabahaye, mukunamira izindi mana mukazisenga, uburake bw’Uhoraho buzobaziriringira, muhonere bidatevye muri ico gihugu ciza yabahaye.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e