Yosuwa19

Intara yahawe Simeyoni

1Ubupfindo bwa kabiri bwerekana intara y’umuryango wa Simeyoni, n’abakuru b’inzu zigize uwo muryango. Iragi ryabo ryari hagati mu ntara ya Yuda.2Ryari rigizwe n’ibisagara: Berisheba ari co Sheba, Molada,3Hazari-Shuwali, Bala, Ezemu,4Elitoladi, Betuli, Horuma,5Zikulagi, Beti-Marukaboti, Hazari-Susa,6Beti-Lebayoti na Sharuheni. Vyose hamwe vyari ibisagara icumi na bitatu n’imihana yari ibikikuje.7Harimwo Ayini, Rimoni, Eteri na Ashani. Vyose hamwe vyari ibisagara bine biri kumwe n’imihana yari ibikikuje,8hakabamwo kandi n’imihana yose yari ikikuje ivyo bisagara, gushika i Bayalati-Beyeri, ari ho Rama h’i Negebu. Iyo ntara ni yo yari umugabane w’umuryango wa Simeyoni.9Umugabane wa Simeyoni wagabanijwe ku mugabane wa Yuda kubera yuko intara ya Yuda yari nini kurenza iyo bakeneye. Uko ni ko umuryango wa Simeyoni waronse iragi ryawo hagati mu ntara ya Yuda.

Intara yahawe Zebuloni

10Ubupfindo bwa gatatu bwerekana intara y’umuryango wa Zebuloni, n’abakuru b’inzu zigize uwo muryango. Urubibe rw’uwo mugabane rwashika i Saridi.11Rwava aho rukagenda rutumbereye mu burengero, rukarengana Marala rugashika kuri Dabesheti, rukabandanya gushika ku mugezi wo mu buseruko bwa Yokineyamu.12Ku rundi ruhande, rwava i Saridi rukaja mu buseruko mu ntara ya Kisiloti Tabori, rukabandanya gushika i Daberati rugashika i Yafiya.13Rwaca rubandanya ruja mu buseruko rugashika i Gati-Heferi no muri Eti-Kazini; rukava i Rimoni rugaca ruhindukira rukaraba i Neya.14Ruvuye aho rwaca rubandanya rukazunguruka mu buraruko ruja i Hanatoni rugashika mu kiyaya ca Ifutahi-Eli.15Ibisagara vyari muri iyo ntara vyari ibi: Kata, Nahalali, Shimuroni, Idala na Betelehemu. Vyari ibisagara icumi na bibiri biri kumwe n’imihana yari ibikikuje.16Ivyo bisagara n’iyo mihana ni vyo vyari iragi ry’umuryango wa Zebuloni, ukurikije abakuru b’inzu zigize uwo muryango.

Intara yahawe Isakari

17Ubupfindo bwa kane bwerekanye intara y’umuryango wa Isakari, n’abakuru b’inzu zigize uwo muryango.18Iyo ntara yari ifise: Yezireyeli, Kesuloti, Shunemu,19Hafarayimu, Shiyoni, Anaharati,20Rabiti, kishiyoni, Ebezi,21Remeti, Eni-Ganimu, Eni-Hada, na Beti-Pazezi.22Urwo rubibe rwarashika no kuri Tabori, Shahazuma na Beti-Shemeshi, rukagarukira kuri Yorodani. Vyari ibisagara icumi na bitandatu n’imihana yari ibikikuje.23Ivyo bisagara n’imihana ibikikuje ni vyo vyari umugabane w’umuryango wa Isakari.

Intara yahawe umuryango wa Asheri

24Ubupfindo bwa gatanu bwerekanye intara y’umuryango wa Asheri, n’abakuru b’inzu zigize uwo muryango.25Iyo ntara yarimwo: Helikati, Hali, Beteni, Akishafu,26Alameleki, Amadi na Mishali. Mu burengero, urubibe rwaca kuri Karumeli na Shihori-Libunati.27Rwaca ruhindukira rukaraba mu buseruko amaja i Beti-Dagoni, rugashikira Zebuloni n’ikiyaya ca Ifutahi-Eli, rugaca ruja mu buraruko i Beti-Emeki n’i Neyiyeli, hanyuma rugaca i buryo bwa Kabuli.28Rwaca rubandanya ruja muri Abudoni, i Rehobu, i Hamoni n’i Kana, rugashika i Sidoni, igisagara kinini.29Rwaca ruhindukira rukaraba i Rama, rukaja ku gisagara kizitiye cane c’i Tiro, rugahindukira ruraba i Hosa, rukaja ku Kiyaga Mediterane mu ntara ya Akizibu,30Uma, na Efeki, na Rehobu. Hari ibisagara mirongo ibiri na bibiri hamwe n’imihana yari ibikikuje.31Ivyo bisagara n’iyo mihana ni vyo vyahawe umuryango wa Asheri nk’iragi, hakurikijwe abakuru b’inzu ziwugize.

Intara yahawe Nafutali

32Ubupfindo bwa gatandatu, bwerekanye intara yegukira umuryango wa Nafutali, hakurikijwe abakuru b’inzu ziwugize.33Urubibe rwawo rwava i Helefu, kuva ku giti kinini i Zayananimu, rugaca muri Adami Nekebu na Yabuneli ruja i Lakumu rukagarukira kuri Yorodani.34Mu burengero urwo rubibe rwaca kuri Azinoti Tabori rugashika kuri Hukoki. Mu bumanuko rwaca kwa Zebuloni, Asheri akaba mu burengero, nayo Yuda akaba mu buseruko kuri Yorodani.35Ibisagara vyari bizitiriwe vyari ibi: Zidimu, Zeri, Hamati, Rekati, Kinereti,36Adama, Rama, Hazori,37Kedeshi, Edireyi, Eni-Hazori,38Yironi, Migidali-Eli, Horemu, Beti-Anati na Beti-Shemeshi. Vyari ibisagara icumi n’icenda hamwe n’imihana yose yari ibikikuje.39Ivyo ni vyo bisagara vyahawe umuryango wa Nafutali nk’iragi ryabo, ukurikije inzu zawo.

Intara yahawe umuryango wa Dani

40Ubupfindo bw’indwi bwerekanye intara ibaye iy’umuryango wa Dani hakurikijwe abakuru b’inzu zigize uwo muryango.41Intara bahawe yarimwo ibisagara bikurikira: Zora, Eshitayoli, Iri-Shemashi,42Shayalabini, Ayaloni, Itahila,43Eloni, Timuna, Ekuroni,44Eliteke, Gibetoni, Bayalati,45Yehudi, Beni-Beraki, Gati-Rimoni,46Me Yarikoni na Rakoni, hamwe n’aharabana n’i Yopa.47Ariko ab’umuryango wa Dani ntivyaboroheye gufata intara yabo, ni ko kuduga bagatera Leshemu, bakahafata, bakamarisha inkota abahaba bose. Baca baba i Leshemu, bahita Dani, izina rya sekuruza wabo.48Ivyo ni vyo bisagara n’imihana ibikikuje vyahawe umuryango wa Dani nk’iragi ryabo, hakurikijwe abakuru b’inzu zigize uwo muryango.

Itongo ryahawe Yosuwa

49Iyo miryango yose ihejeje kugabangana igihugu, Abisirayeli baca baha Yosuwa mwene Nuni itongo mu yabo.50Nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse, bamuha igisagara yabasavye ari co Timunati-Sera cari mu ntara y’imisozi miremire ya Efurayimu. Aca asubiramwo kwubaka ico gisagara, aba ari ho aba.
51Izo ni zo ntara umuherezi Eliyazeri, Yosuwa mwene Nuni hamwe n’abakuru barongoye imiryango y’Abisirayeli bagaburiye imiryango yose nk’imigabane bari i Shilo hakoreshejwe ubupfindo, bari imbere y’Uhoraho mu rwinjiriro rw’Ihema ry’Ibonaniro. Igikorwa co kugabura ico gihugu kiba kirarangiye.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e