Yeremiya11

Isezerano ryarahonyanzwe

1Iri ni ryo jambo ryatumwe kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, rivuga riti:2“Nimwumve ibiri muri iri sezerano kugira ngo mubibwire abantu b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu.3Ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: Aravumwe umuntu atumvira ivyanditswe muri iryo sezerano,4ivyo nategetse ba sogokuruza banyu igihe nabakura muri Egiputa, mw’itanure rivugutira ivyuma.’ Navuze nti: ‘Munyumvire kandi mukore ivyo vyose ndabategetse, maze muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu.5Ni ho nzoshitsa indahiro narahiye ba sogokuruza banyu, ko nzobaha igihugu gitemba amata n’ubuki, ico na co ni iki gihugu mubamwo uwu musi.’ ”
Maze ndishura nti: “Amen, Uhoraho.”
6Uhoraho arambwira ati: “Menyekanisha aya majambo yose mu bisagara vy’i Buyuda no mu mabarabara y’i Yerusalemu, uti: ‘Nimwumve ibiri mu iri sezerano maze muvyitondere.7Kuva igihe nakuriye ba sogokuruza banyu muri Egiputa gushika uwu musi, narababuriye kenshi cane, mvuga nti: Nimunyumvire.8Ariko ntibanyumviye canke ngo banabibabare; ahubwo, bakurikiye ugukomantara kw’imitima yabo mibi. Ni co catumye ndabashitsako imivumo yose yari muri iryo sezerano nari nabahaye ngo baryitondere ariko bakarita.’ ”
9Maze Uhoraho arambwira ati: “Hari uguhuza inama mbi mu bantu b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu.10Basubiye mu vyaha vya ba sekuruza, banse kwumva amajambo yanje. Bakurikiye izindi mana ngo bazisabe. Baba abo mu nzu ya Isirayeli canke abo mu nzu ya Yuda bavuye mw’isezerano nagiranye na ba sekuruza.11Ni co gituma Uhoraho avuze ati: ‘Nzobateza icago badashobora kwikiza. Naho bazontakambira, sinzobumva.12Ibisagara vy’i Buyuda n’abantu b’i Yerusalemu bazogenda batakambire izo mana bazituririra ibimota neza, ariko ntizizobatabara na gatoya igihe icago kizoba kije.13Yemwe Bayuda, mufise imana zingana n’ibisagara vyanyu; kandi mwubatse ibicaniro vyo guturirirako ibimota neza iyo mana iteye isoni Bayali bingana n’amabarabara y’i Yerusalemu.’
14Ntusabire aba bantu canke ngo unyambaze ku bwabo canke ngo ubingingire, kuko ntazokwumva nibantakambira mu gihe agatengo kabo kazoba kabafashe.15Mbega umukunzi wanje ariko akora iki mu Ngoro yanjeko mbona we, n’abandi benshi bakora ibikorwa bibi?Mbega inyama zejejwe zosubiza inyuma igihano muzohanwa?Kandi iyo muri mu bibi vyanyu,muranezerwa!”
16Uhoraho yabita igiti gitotahaye ca Elayogifise ivyamwa bisa neza.Ariko ukubomborana kw’igihuhusi gihambayekuzotuma gifatwa n’umuriro,kandi amashami yaco azovunwa.
17Uhoraho Mushoboravyose, ari we yaguteye, yakugeneye ikiza, kuko abo inzu ya Isirayeli n’inzu ya Yuda bakoze ibibi bakandatsa mu guturirira ibimota neza Bayali.

Bagira inama yo kugirira nabi Yeremiya

18Kubera Uhoraho yampishuriye inama bangira, narayimenye, kuko muri ico gihe yanyeretse ivyo bariko barakora.19Nari nabaye nk’umwagazi w’intama ujanwa kubagwa; sinamenya ko bari bangiriye inama, bavuga bati:“Reka duhonye igiti n’ivyamwa vyaco,reka tumurandure tumukure mw’isi y’abazimakugira ngo izina ryiwe ntirizosubire kwibukwa.”20Yewe Uhoraho Mushoboravyose, ni wewe uca imanza zigororotse,ugasuzuma imitima y’abantu ukamenya ivyo biyumvira.Uze umpe kubona ingene uzobihora,kuko ari wewe nashikirije urubanza rwanje.
21Uku ni ko Uhoraho abwira abantu bo muri Anatoti barondera kukwica, bakavuga bati: “Reka kuvugishwa mw’izina ry’Uhoraho, bitari uko turakwica.”22Nuko uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Nzobahana. Abasore babo bazokwicwa n’inkota, abahungu babo n’abakobwa babo bicwe n’ikigoyi.23Nta n’umwe azorokoka. Nzorungikira ivyago abantu bo muri Anatoti mu mwaka wo guhanwa kwabo.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e