Yesaya60

Icubahiro ca Siyoni

1“Haguruka ukayangane, kuko umuco wawe washitse,kandi n’ubwiza bw’Uhoraho bukaba buri kuri wewe.2Ehe raba, umwijima utwikiriye isi,umwijima w’umuzitanya utwikiriye amahanga,ariko Uhoraho ahagurutse ku bwawe,kandi umuco wiwe uragukayanganiye.3Amahanga azoza akurikirana umuco wawe,abami bazoza kuraba ugukayangana kwawe.
4Unamura amaso yawe urabe hirya no hino:bose barakoranye baje aho uri,abahungu bawe baje bava kure,abakobwa bawe na bo baje bateruwe mu maboko.5Mu maso hawe hazokayangana,umutima wawe na wo udidagizwe kubera umunezero;ibidandazwa vyo ku kiyaga bizozanwa kuri wewe,ubutunzi bw’amahanga yose buzozanwa iwawe.6Ingamiya zizokwuzura igihugu cawe,inyana zazo zizozanwa zivuye i Midiyani no muri Efa.Ab’i Sheba bazoza,bazanye inzahabu n’ibiturirwa bikamota neza,baze bavuga amatazirano y’Uhoraho.7Ibitungwa vy’i Kedari bizokwegeranirizwa iwawe;intama z’i Nebayoti zizanwe ku gicaniro cawe;zizokwemerwa nk’ibimazi,nanje nzokwuzuza ubwiza Ingoro yanje.
8Mbega abo mbona baguruka nk’ibicu ni ba nde,bameze nk’inuma zitashe mu vyari vyazo?9Ni ukuri amazinga ni jewe yipfuza;n’amato y’i Tarushishi arafashe inzira,azanye abana bawe, bavuye kure,bazanye inzahabu n’ifeza zabo,gusenga Uhoraho Imana yawe,Uwera wa Isirayeli,kuko yakwambitse ugukayangana.
10Abanyamahanga bazosanura inzitiro zawe,abami bayo na bo bagukorere.Naho nagukubise kubera uburake,mu buntu bwanje nkugiriye impuhwe.11Amarembo yawe azokwama yuguruye,ntazokwigera akingwa, haba ku murango, haba mw’ijoro,kugira ngo abantu bazokwame bazana ubutunzi bw’ayandi mahanga,abami bayo bazanwe bashorewe mu birori.12Kuko ihanga canke ubwami butazogukorera buzotikizwa,buzosenyurwa burangire.
13Ubwiza bw’i Libani buzoza kuri wewe,ibiti vy’amasederi, imitidari n’amapinusi vyose hamwebizoza gushariza Ingoro yanje;nanje nzokwubahisha aho nshira ibirenge vyanje.14Abana b’abagutwaza umukazo bazoza bakwunamire,abakugaya bazoza bikubite imbere y’ibirenge vyawe,bakwite Igisagara c’Uhoraho,Siyoni h’Uwera wa Isirayeli.
15Naho wari waratawe, ukankwa,ata wukugendera,nzoguha ubwiza butazokwigera buvaho,nkugire umunezero w’urunganwe rwose.16Uzonywa amata y’amahanga,wonke amabere y’ubwami.Ni ho uzomenya ko jewe Uhoraho, ndi Umukiza wawe,Umucunguzi wawe, Umunyenkomezi wa Yakobo.17Mu gishingo c’umwakaka nzokuzanira inzahabu,nkuzanire ifeza mu gishingo c’ivyuma.Mu gishingo c’imbaho nzokuzanira imyakaka,nkuzanire n’ivyuma mu gishingo c’amabuye.Abategetsi bawe bazoba abanyamahoro,co kimwe n’abatware bawe.18Nta muryano uzosubira kwumvikana mu gihugu cawe,nta gusenyura n’ugutikiza bizovugwa aho imbibe zawe zigera,ariko inzitiro zawe uzozita Gakiza,amarembo yawe na yo uyite Mashimwe.19Ku murango ntuzoba ukibonesherezwa n’izuba,kandi ugukayangana kw’ukwezi si kwo kuzokumurikira mw’ijoro,kuko Uhoraho ari we azokubera umuco wamaho,Imana yawe izokubera ubwiza.20Izuba ryawe ntirizoba rikirenga,n’umuco w’ukwezi kwawe ntuzigera ugabanuka.Uhoraho azoba umuco wawe uzohoraho,kandi imisi y’umubabaro wawe izorangira.21Hanyuma abantu bawe bose bazoba abagororotsi,kandi bazoragwa igihugu ibihe vyose.Ni bo giterwa nitereye,ni bo gikorwa c’amaboko yanje,kigaragaza ubwiza bwanje.22Uwa nyuma muri mwebwe azogwira abemwo ibihumbi,umuto muri mwebwe avemwo ihanga rikomeye.Ndi Uhoraho,ivyo nzobishitsa mu kanya gato cane, igihe cavyo kigeze.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e