Yesaya46

Imana z’i Babiloni

1Beli harapfukamye; Nebo harubamye hasi,ibigirwamana vyaho bihekwa n’ibikoko.Ibigirwamana vyahindutse umutwaro uremereye,umutwaro uvuna ibikoko biremerewe.2Ivyo bigirwamana birunama bikunamira hamwe,uretse ko izo mana zidashobora kwikingira,ahubwo zijanywe nk’iminyago.
3Nimunyumve yemwe abakomoka kuri Yakobo,namwe masigarira y’abantu ba Isirayeli,abo nahetse kuva mukivuka,nkabaterura kuva mukiva mu nda.4Mbere no gushika mu myaka yanyu y’ubusaza mukamera imvi,nguma ndi wa wundi, kandi nzoguma ndabashigikiye.Ni jewe nabaremye, no kubaterura nzobaterura,nzobashigikira kandi nzobarokora.
5Mbega mwongereranya na nde canke uwo mwovuga ko tungana ni nde?Ni nde mwibaza ko dusa ku buryo mwotugereranya?6Bamwe bakura inzahabu mu masaho yabo,abandi bagapima ifeza zabo ku minzane;bagaca bahamagara umucuzi w’inzahabu agacuramwo imana,hanyuma bakayunamira bongera bayisenga.7Bakayiterura bakayishira ku bitugu, bakayijana,bakayihagarika mu kibanza bayiteguriye, ikaguma aho nyene.Aho bayiteretse ntihava.Naho umuntu yosemerera gute, ntiyitaba,ntimukiza amagorwa.
8Nimwibuke ivyo, mubigumize mu mitwe,nimubishireko umutima mwa bagarariji mwe.9Nimwibuke ibintu vya mbere; ivyabaye hakaba haciye igihe kirekire;ndi Imana, kandi nta yindi iriho.Ni jewe Mana, kandi nta yindi ingana nanje.10Ibintu bikiri mu ntango menyesha iherezo ryavyo,mpereye mu bihe vya kera, menyesha ibizoba.Nkavuga nti: imigambi yanje izokomera,kandi nzokora ico nzoshaka cose.11Nzohamagara igisiga c’amerwe co mu buseruko;ari we mugabo azoza gushitsa imigambi yanje;ivyo navuze ko nzoshitsa,n’ivyo nateguye ko nzokora.12Nimunyumve yemwe abafise imitima ikomantaye,yemwe abagerereye kure y’ukugororoka kwanje.13Negereje hafi ukugororoka kwanje,ntikuri kure na gatoya;kandi agakiza kanje ntikazoteba kuza.Nzoha agakiza Siyoni,Isirayeli ndayihe ubwiza bwanje.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e