Yesaya45
1Uku ni ko Uhoraho abwiye uwo yitoranirije,Kuro, uwo afashe ukuboko kw’i buryokugira ngo aneshe amahanga ari imbere yiwe,ateko anyage abami ibigwanisho vyabo;uwo yugururiye imiryango,n’amarembo ntasubire kwugarwa:2Nzokuja imbere,ndinganize imitumba;menagure inzugi z’imyakaka,ncagagure n’ivyugazo vy’ivyuma.3Nzoguha ubutunzi buri mu mwijima,hamwe n’ubuhishijwe ahinyegeje,kugira ngo umenye ko ndi Uhoraho,Imana ya Isirayeli, uwaguhamagaye mw’izina.4Ku bw’umusavyi wanje Yakobo,na Isirayeli uwo natoranije,naguhamagaye mw’izina,ndaguha izina ry’icubahiro,naho kugeza ubu utanzi.5Ni jewe Uhoraho, nta wundi;nta yindi Mana ihari atari jewe.Nzogukomezanaho utaramenya,6kugira ngo kuva iyo izuba riserukirakugeza n’iyo rirengera,abantu bose bamenye ko ata yindi Mana atari jewe.Ni jewe Uhoraho, nta wundi ariho atari jewe.7Ni jewe ndema umuco n’umwijima,nkazana amahoro n’ivyago;ni jewe Uhoraho nkora ivyo vyose.8Mwa majuru mwe, cuncubura imvura y’ukugororoka kwanje,ibicu nibiyirekure ishike hasi.Isi na yo niyugurukeagakiza gatutuze,ukugororoka kuyimereko;ni jewe Uhoraho naremye ivyo.9Bazobona ibara abaharira bagatongana n’Umuremyi,kandi ari injo gusamu zindi njo zo kw’isi.Mbega ibumba ryobaza umubumvyi riti:‘Ugomba kubumba iki?’Canke icabumbwe covuga kiti:‘Umubumvyi nta maboko agira?’10Azobona ibara uwubaza se ati:‘Ni igiki wavyaye?’canke akabaza nyina ati:‘Ni igiki wibarutse?’11Uku ni ko Uhoraho avuze,Uwera wa Isirayeli akaba n’Umuremyi wawe:Ku bijanye n’ibizoba hanyuma,mbega murambaza ivyerekeye abana banje,canke murampa amategeko ku bikorwa vy’amaboko yanje?12Ni jewe naremye isi,ndema n’abantu bo kuyibako.Amaboko yanje ni yo yabamvye ijuru,kandi ni jewe ntegeka ingabo z’inyenyeri.13Nzohagurutsa Kuro mu kugororoka kwanje:nzogorora inzira ziwe.Azonsanurira igisagara,arekure abantu banje banyazwe bidegemvye.Ivyo ntazobikora ngo ahabwe impera canke agashimwe,ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.”14Uku ni ko Uhoraho avuze:“Ivyimburwa vyo muri Egiputa n’ibidandazwa vyo muri Etiyopiya,hamwe n’abagabo barebare b’Abasabeya,bazoza iwawe;kandi bazoba abawe,bazogendera inyuma yawe,bagukurikira baboshwe n’iminyororo.Bazokwikubita imbere yawe,bagutakambire bavuga bati:‘Ni ukuri Uhoraho ari kumwe nawe,ni we Mana wenyene,nta yindi mana iriho.’ ”15Ni ukuri, uri Imana yamye yihisha,Imana, mukiza wa Isirayeli.16Abakora ibigirwamana bose bazokwicwa n’isoni,bazomaramarira hamwe.17Ariko Isirayeli azorokorwa n’Uhoraho,amuhe agakiza katazovaho;ntazosubira kumaramara canke ngo ateterwe,gushika ibihe bitazoshira.18Kuko uku ni ko Uhoraho avuze,uwaremye isi n’ijuru,akaba ari we Mana;ni we yaremye isi arayibumba,arayikomeza,ntiyayiremeye kuba iyigaragara,ahubwo ni ukugira ngo abantu bayibeko;uwo ni we avuze ati:“Ndi Uhoraho,atari jewe nta wundi.19Sinavugiye mw’ibanga,nihishije mw’isi y’umwijima;sinabwiye uruvyaro rwa Yakobonti: ‘Nimundondere ariko ntimuzombona.’Jewe Uhoraho mvuga ukuri;nabamenyesheje ibigororotse.20Nimukorane mwese muze,egerana, yemwe abacitse kw’icumu bo mu mahanga.Ibipfu, ni abarerura ibigirwamana bibajwe mu biti,bagasenga imana zidashobora kubakiza.21Nimuvyamamaze mubishikirize,nimwegerane mugire inama.Ni nde yamenyekanishije ivyo kuva kera,akabivuga muri kahise ka kera?Mbega si jewe Uhoraho?Kandi nta yindi Mana iriho atari jewe,Imana igororotse kandi ikiza;nta yindi atari jewe.22Nimungarukeko ndabakize,yemwe mpera z’isi,kuko ari jewe Mana, kandi akaba ata yindi mana ibaho.23Indahiro ni jewe nyene,akanwa kanje kabivuganye ubwizigirwa bwose,kavuga ijambo ritazovaho.Amavi yose azompfukamira,kandi indimi zose zizorahira izina ryanje.24Abantu bazokwatura bati: ‘Ni k’Uhoraho wenyeneturonka gutabarwa n’inkomezi.’ ”Abari bamufitiye uburake bose,bazomwegera maze bamaramare.25Ariko abakomoka kuri Isirayeli bosebazoronka ugutabarwa k’Uhorahokandi bazokwirata kuba muri we.
Biblica, Inc.