Yesaya30

Ibara kw’ihanga ry’intagondwa

1“Muzobona ibara mwa bana badakurwa kw’ijambo,”ni ko Uhoraho avuze,“mugira imigabo ihushanye n’ugushaka kwanje,mukagirana amasezerano n’abandi bantu,mugabo atavuye kuri Mpwemu wanje,mukirundaniriza ivyaha ku bindi.2Mwebwe mumanuka muri Egiputamutangishije inama,mukarondera ubutabazi no gukingirwa kuri Farawo,mu gitutu ca Egiputa akaba ari ho murondera ubuhungiro.3Ariko kwizigira guhungira kwa Farawo bizobabera agatetereza,kandi igitutu ca Egiputa kizobamaramaza.4Naho bafise abatware bari i Zowani,intumwa zabo zikaba zigeze i Hanesi,5bose bazomaramara,kuko bazosanga bizigiye abantu b’imburakimazi,ata co babafasha kandi ata n’akarusho na kamwe,atari ukubateza isoni n’ibiteterwe gusa.”
6Imburi ku bikoko vy’i Negebu:Mu gihugu c’amakuba n’imibabaro,kibamwo intambwe z’ingabo n’iz’ingore,kikabamwo inzoka z’ubumara bukaze n’iziguruka,izo ntumwa ni ho zaciye zitwaye ubutunzi ku migongo y’indogoba,n’ivy’agaciro ku mapfupfu y’ingamiya,kandi ivyo vyose babirungitse mu gihugu ata co kizobamarira,7muri Egiputa, kidashobora kubakingira na gatoya.Ni co gituma nahahaye izinarivuga ngo Rahabu w’imburakimazi.
8Nuko nimugende muvyandike ku bisate vy’amabuyemuvyandike mu gitabu,kugira ngo mu misi izoza,bizobabere ivyabona bizokwamaho.9Kuko aba bantu ni abagarariji, abana babesha,batagomba kwumvira ivyo Uhoraho yihanikiririza.10Babwira aberekwa bati:“Ntihagire ico musubira kwerekwa!”Bakabwira abavugishwa bati:“Ntihagire ikintu na kimwe c’ukugororoka musubira kutubwira!Tubwire ibiryohera amatwi yacu,nimuvugishwe ibinyoma!11Va muri iyo nzira,iyo nzira reka kuyicamwo,hanyuma mureke kuduhangaramutubwira ivy’uwo Wera wa Isirayeli.”
12Ni co gituma Uwera wa Isirayeli avuze ati:“Ko mwanse kwumva ubwo butumwamukizera agahahazomukishimikiza n’ibinyoma,13iki caha kizobaberank’igihome kirekire, case imigaga, kandi gihengamye,kigiye gusenyuka mu kanya gato.14Kizosenyuka kivunguke kurya kw’inkono imenetse,imenaguwe ata mbabazi,gushika aho ata n’uworonka n’urujo,rwo kurahurirako amakara yakacanke urwo kudahisha amazi mw’iriba.”
15Ng’ibi ivyo Uhoraho Nyeninganji, Uwera wa Isirayeli, avuze ati:“Mu kwihana no mu gutekana ni ho hari agakiza kanyu,mu gutekana no mu kwizigira ni ho hari inkomezi zanyu.Ariko ntimwabishatse.16Mwishuye muti: ‘Oya! Tuzohunga turi ku mafarasi.’Kandi koko muzohunga!Mwavuze muti: ‘Tuzogendera ku mafarasi anyaruka.’Kubera ivyo ababahiga na bo nyene bazoba banyaruka cane!17Abantu igihumbibazokinagizwa n’umuntu umwe;abantu batanu bazobatera ubwobamuhunge mwese,gushika musigayemumeze nk’igiti c’ibendera kigaragara gishinze ku musozi,canke ibendera rishinze ku gasozi.”
18Ariko Uhoraho aripfuza kubagirira imbabazi;ku bw’ivyo azohaguruka kugira ngo abereke impuhwe,kuko Uhoraho ari Imana y’ukugororoka.Hahiriwe abamwiteze.
19Yemwe bantu b’i Siyoni, namwe ababa i Yerusalemu, ntimugisubira kurira. Azobagirira imbabazi nimwamuririra. Niyamara kubumva, azoca abishura.20Naho Imana ibagaburiye ivyokurya vy’amakuba n’amazi y’imibabaro, umwigisha wanyu ntazosubira guhishwa, muzomwibonera imbonankubone.21Naho mwohengamira i buryo canke i bubamfu, amatwi yanyu azokwumva ijwi ryiwe inyuma yanyu, ribabwira riti: “Inzira ni iyi, nibe ari yo mucamwo.”22Maze muzomenagura ibishushanyo vyanyu mwometseko ifeza, hamwe n’ibibumbano mwometseko inzahabu. Muzobishibura nk’uwushibura ibiteye ishishi, muvuga muti: “Hogi, vaho wa mwanda we!”
23Azosubira abarungikire imvura imeze ivyo mwarimye, kandi ivyo muzokwimbura bizoba vyiza, kandi vy’umusesekara. Ico gihe inka zanyu zizorisha mu matongo yagutse.24Inka n’indogoba zirima zizorya ivyatsi birunze umunyu, vyanikishijwe ikanya n’igipahu.25Ku musi w’agatikizo gahambaye, igihe iminara izosiduka, imigende y’amazi izotemba ku mitumba no ku misozi yose.26Ukwezi kuzokayangana nk’izuba, ugukayangana kw’izuba kuzokwigwiza incuro indwi, kungane n’umuco w’imisi indwi, umusi Uhoraho azopfuka ibisebe vy’abantu biwe, akabakiza inguma yabateye.27Ehe izina ry’Uhoraho rije rivuye kure,rirurumbamwo uburake bwiwe, ritwikiriwe n’umwotsi mwinshi;iminwa yiwe yuzuye uburakari,ururimi rwiwe ni umuriro utongora.28Impwemu ziwe zimeze nk’umukuba w’amazi,uduga ukagera mw’izosi.Anyiganyije amahanga ayagosoresheje agatikizo,ayambitse umujiginya,ayakwegera mu mahonero.29Namwe muzoririmbank’abigina umusi mukuru wera.Imitima yanyu izohimbarwa,nko mu gihe abantu baduga bavuza imyirongebaja ku musozi w’Uhoraho,baja ku Gitandara ca Isirayeli.30Uhoraho azotuma abantu bumva ijwi ryiwe ry’icubahiro,atume babona ukuboko kwiwe kumanuka mu burake bwinshi,kuzananye n’umuriro utongora, n’umuyaga w’igihuhusi,hamwe n’imituragaro n’urubura.31Abashuri nibumva ijwi ry’Uhoraho bazocika ivutu.Azobakubitisha inkoni yiwe.32Uhoraho niyakubita inkoni imwe nk’uko yabitegekanije,izojana n’umudiho w’ingoma n’inangamu gihe azoba ariko arabagwanya,abakubitisha ukuboko kwiwe.33Tofeti harateguye uhereye kera;hateguriwe umwami.Ikinogo co gutuririramwo caraguwe kiba kinini,n’inkwi zo gucana ziragwizwa;impwemu z’Uhoraho,zimeze nk’amazuku yaka,ni zo zizidometse.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e