Yesaya29
Ivyago ku gisagara ca Dawidi
1Uzobona ibara yewe Ariyeli, Ariyeli,igisagara Dawidi yabayemwo!Ku mwaka ku mwakanimwigirire imisi mikuru y’urutavanako,2Ariko nzoza nugarize Ariyeli;hazoba amarira no gucura intimba.Kuko Yerusalemu hazoba ico izina Ariyeli risigura,ni igicaniro cuzuyeko amaraso.3Nzokwugariza impande zose,nkuziguze ibirindiro,nkurundire ibirundo vyo kwuririrako kugira ngo ndakugwanye.4Nzokumanura hasi, usigare uvugira mw’ivu,amajambo yawe uyadebagure ava mu mukungugu.Ijwi ryawe rizokwumvikana nk’iry’umuzimu riva mw’ivu,ryongorere riva mu mukungugu.5Ariko mu kanya isase, abansi banyu naho ari benshi,bazocika umukungugu,n’ingabo zabo ziteye ubwoba,zizoba nk’umuguruka ugururwa n’umuyaga.Buno nyene, mu kanya isase,6Uhoraho Mushoboravyose azoza kugutabaraazanye inkuba na nyamugigima hamwe n’ukwasana gukomeye,n’agashururu, n’igihuhusi hamwe n’imbeya z’umuriro utongora.7Ingabo z’amahanga yose agwanya igisagara Ariyeli,zikagiterana n’inzitiro zaho zikagikikuza,zizokamangana nk’indoto,canke ukwerekwa kwo mw’ijoro.8Kurya uwushonje arota ariko ararya,ariko yavyuka agasanga agishonje.Kurya uwunyotewe arota ariko aranywa,ariko yavyuka agasanga akinyotewe.Uko ni ko bizomera ku ngabo z’amahangazigwanya umusozi Siyoni.9Banza muhagarare mutangare!Muhumirize amaso, mube impumyi.Muborerwe mutanyoye umuvinyu,mudandabagirane mutanyoye ibiboreza.10Kuko Uhoraho abasutseko uruhumyi,ahumishije amaso yanyu ari bo bavugishwa,atwikiriye imitwe yanyu ari bo ba kamenyi banyu.11Kuko uku kwerekwa kwose kwababereye nk’amajambo yo mu gitabu kimatanishijwe ishashara. Mugihaye uwushobora gusoma mukamubwira muti: “Turakwinginze udusomere,” yobabwira ati: “Sinoshobora gusoma kuko kiramatanije.”12Mugihaye uwutazi gusoma na we mukamubwira muti: “Turakwinginze udusomere,” yobishura ati: “Sinzi gusoma.”13Imana ivuze ati:“Aba bantu baza aho ndi,banyubahisha iminwa yabo,ariko imitima yabo iri kure yanje.Ugusenga kwabo nta kindi kurimwo,atari ivyo bigishijwe n’amategeko y’abana b’abantu.14None rero ngomba nsubire ntangaze aba bantu,nkore ibitangaza bidasanzwe;ubwenge bw’abanyabwenge buzokamangana,n’ubumenyi bw’abiyita ko bazi vyinshi buzohindurwa ubusa.”15Bazobona ibara abamanuka kure i kuzimungo banyegeze imigambi yabo Uhoraho,bagakora ibikorwa vyabo bikinze umwijima kandi bibwira bati:“Hari uwutubona? Ni nde azomenya ivyo dukora?”16Ibintu murabicurikank’aho womenga umubumvyi mwamunganishije n’ibumba!Mbega icabumbwe cobwira uwakibumvye kiti:“Ntiwambumvye?”Canke inkono yobwira umubumvyi iti:“Ntuzi kubumba?”17Hasigaye igihe gito, Libani hagacika itongo rimera cane,ahahora hamera cane na ho hagiye kuba ishamba.18Kuri uwo musi ibipfamatwi bizokwumva amajambo yo muri ca gitabu,amaso y’impumyi azobonaave mu muzitanya no mu mwijima.19Abaciye bugufi bazosubira kandi kunezererwa mw’izina ry’Uhoraho;aboro bazonezerererwa Uwera wa Isirayeli.20Abateye ubwoba bazokamangana,abashinyagura bazonyika,kandi abashinze ijisho ivyo kugira nabi bazorandurwa,21bakoresha amajambo ngo batsindishe abantu mu manza,bagatega imitego abacamanza,kandi mu gukoresha ivyabona vy’ibinyoma uwari gutsinda mu rubanza ntatsinda.22None rero, Uhoraho, uwacunguye Aburahamu, abwiye abakomoka kuri Yakobo ati:“Bene Yakobo ntibazokwongera kumaramara,kandi mu maso habo ntihazosubira kwijirirwa.23Kuko nibabona abana babo hagati muri bo,ari bo gikorwa c’amaboko yanje,bose bazomenya ko izina ryanje ari iryera.Bazokwemera ukwera kw’Uwera wa Yakobo,batamarirwe batangarira Imana ya Isirayeli.24Abo imitima yazimiye bazomenya ukuri,n’abidodomba bazokwemera kwigishwa.”Biblica, Inc.