Hoseya10

1Isirayeli yari uruzabibu rumeze neza;yamye ivyamwa vyiwe vyiza.Ariko, uko ivyamwa vyiwe vyagwira,ni ko yarushaho kwubaka ibicaniro vy’ibigirwamana;uko igihugu ciwe catera imbere,ni ko yarushaho gushariza inkingi z’amabuye yo gusengwa.2Imitima yabo iriyorobeka,kandi bagira biremeke ibigabitanyo vyabo.Uhoraho azosambura ibicaniro vyabokandi azosangangura izo nkingi zabo.
3Maze bazovuga bati: “Nta mwami tugirakuko tutubashe Uhoraho.Ariko kandi naho twari kuba dufise umwami,yari kutumarira iki?”4Basezerana amasezerano menshi,bakarahira indahiro z’ibinyomakandi bakiyemeza vyinshi;ni co gituma urubanza rwabo rutanguye gukurank’igiterwa gifise ubumara cadutse mu ndimiro.5Abantu baba i Samariya baratinyaivyoshikira ikigirwamana c’imasa c’i Beti-Aveni.Abantu baho bazokigandarira,kandi n’abaherezi baco ni uko,abari bahimbawe n’ugukayangana kwaco,kuko kizojanwa kw’inyagano kive muri bo.6Kizojanwa muri Ashurikibe ingabire ihawe umwami mukuru.Efurayimu azoteterwa;Isirayeli amaramare ku bw’amasezerano yagize n’abanyamahanga.7Samariya n’umwami waho bazotikizwa,bakamangane nk’ifuro rireremba ku mazi.8Ibibanza vyo ku misozi miremire aho basengera ibigirwamana bizosamburwa,ni co caha ca Isirayeli.Amahwa n’imikere bizomera bikurebirenge ku bicaniro vyaho.Maze bazobwira imisozi bati: “Duhambe!”n’imitumba bati: “Tugweko!”
9Kuva mu misi ya Gibeya, wakoze ivyaha, yewe Isirayeli,kandi aho ni ho wagumye.Mbega intambara ntizosubira guhitanaabanyakibi i Gibeya?10Aho bizompimbarira, nzobahana;amahanga azokoranywa no kubagwanyango abashire mu minyororo kubera ivyaha vyabo vyinshi.11Efurayimu ameze nk’ishashi yigishijweigakunda gusekura ingano;none rero nzomwambika ingogoku kazosi kiwe kagororotse.Nzokwega Efurayimu,Yuda azomena umushike,Yakobo na we azokangaza.12Nimwibibire ubugororotsi,kugira ngo muze mwimbure ivyamwa vy’urukundo rudashira,kandi mumene imishike ari yo mitima yanyu;kuko iki ari igihe co kurondera Uhoraho,kugeza aho azoziraakabacuncuburirako imvura y’ubugororotsi.13Ariko mwabivye ubugarariji,mwimbura ibibi,mwariye ivyamwa vy’ibinyoma.Kuko mwizigiye inkomezi zanyu gusan’inkomezi z’ingabo zanyu nyinshi,14ni co gituma akaruru k’intambara kazovyuka ku bw’abantu banyu,kugira ngo inzitiro zanyu zose zize zisangangurwe,nk’uko Shalumani yasanganguye Beti-Arubeli ku musi w’intambara,aho abagore bamenagurirwa hasi hamwe n’abana babo.15Ni ko bizoba kuri wewe, yewe Beteli,kuko ibibi vyawe ari vyinshi.Aho umutwenzi wo guhanwa uzotambikira,umwami wa Isirayeli azosangangurwa rwose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e