Hoseya6
Isirayeli isabwa kwihana
1“Nimuze, dusubire k’Uhoraho.Yaradutabaguyeariko ni we azodukiza;yaradukomerekejeariko ni we azotenga ibikomere vyacu.2Inyuma y’imisi ibiri azoduhembura;ku musi ugira gatatu azotunagura,kugira ngo tube mu nyonga ziwe.3Nimuze tumenye Uhoraho;tugire umwete wo kumumenya.Nk’uko izuba ata coribuza guseruka,ni ko azoseruka;azotuzako kurya imvura y’urushana igwa,kurya imvura y’agatasi ivomera isi.”4Mbega Efurayimu ndakugire nte?Nokugira gute ga Yuda?Urukundo rwawe rumeze nk’igipfungu co mu gatondo,kurya kw’ikime co mu gitondo gikamangana mu kanya gatoya izuba riserutse.5Ni co gituma nagutemaguje abavugishwa banje,nkakwicisha amajambo yo mu kanwa kanje;imanza zanje zarasiye kuri wewe nk’izuba.6Kuko nshaka ko mugira imbabazi, kuruta kumpa ibimazi,n’ukumenya Imana kuruta ibimazi vyoshejwe.7Ariko, mwarenze kw’isezerano nka Adamu,ntimwambera abizigirwa.8Gileyadi ni igisagara c’inkozi z’ibibi,candujwe n’ibirenge vyakandagiye mu maraso.9Nk’uko ibisuma bibundira uwo bigomba kwiba,ni ko n’utugwi tw’abaherezi tumeze;bagandagurira abantu ku nzira ija i Shekemu,bagakora ibibi biteye isoni.10Narabonye ikintu giteye ubwoba muri Isirayeli,aho Efurayimu yitanze ngo ahinduke maraya,Isirayeli akihumanya.11Kandi nawe Yuda,hari iyimbura rikurindiriye.Igihe nzogarukana abantu banje bajanywe ari imbohe.Biblica, Inc.