Galatiya6

Ico ubiba ni co wimbura

1Bene Data, nihagira uwufatwa ariko akora icaha, mwebwe muhagaze neza muri Mpwemu, mwategerezwa kumufasha gusubira mu nzira nziza mu bugwaneza. Ariko namwe nyene mwirinde cane kugira ngo ntumugeragezwe nka we.2Mwikoreranire imitwaro, ni ho muzoba mushikije icagezwe ca Kristo.3Iyo wibaza ko uhambaye kandi ata co uri, uba wihenze wewe nyene.4Umwe wese yari akwiye kwisuzuma mu bikorwa vyiwe, kugira ngo asanze yakoze neza bimushimishe, ariko ntabanze kwigereranya n’abandi,5kuko umuntu wese akwiye kwikorera umutwaro wiwe.6Uwigishijwe Ijambo ry’Imana, akwiye gusangira ivyiza vyose afise n’uwarimwigishije.
7Ntimuhendwe: Imana nticokorwa. Ico umuntu abiba ni co azokwimbura.8Uwubiba kugira ngo anezereze kamere muntu kiwe, azokwimbura ukubora muri ako kamere nyene. Ariko uwubiba kigira ngo ahimbare Mpwemu, azokwimbura ubugingo budashira muri Mpwemu.9Dukore ivyiza tudacika intege, kuko igihe gikwiye kigeze tuzokwimbura, nitutava ku gikorwa.10None rero, uko akaryo kose kabonetse, tugirire neza bose, na canecane abo mu nzu y’abizera.

Kuba icaremwe gisha biruta gukebwa

11Nimurabe ingene ndabandikiye mu ndome nkuru n’ukuboko kwanje!
12Abagomba kwiyerekana ku bantu mu vy’umubiri, ni bo babagoberera gukebwa, kandi ikintu conyene gituma bakora ivyo ni ukwanka guhamwa bahorwa umusaraba wa Kristo.13Mbere n’abakebwe ntibashobora gukurikiza neza ivyagezwe vyose, ariko bagomba ko mukebwa kugira ngo bishimire ugukebwa kwanyu mu mibiri yabo.14Ariko jewe sinkagire ikindi nishimira atari umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo. Ku bw’uwo, kuri jewe isi irabambwe, kandi nanje kuri yo ndabambwe.15Ugukebwa canke ukudakebwa, nta na kimwe gifise ikimazi, igihambaye ni ukuba icaremwe gishasha.16Amahoro n’imbabazi bibane n’abagendera iyo ngingo, kandi bibe no kuri Isirayeli y’Imana.
17Uhereye ubu, ntihakagire umuntu yongera kungora, kuko mfise inkovu za Yesu ku mubiri wanje.
18Bene Data nkunda, ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane n’impwemu yanyu. Amen.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e