Galatiya5

Umwidegemvyo wo muri Kristo

1Kristo yatubohoye kugira ngo aduhe umwidegemvyo. Hagarara mushikamye rero, ntimwongere kwemera umuntu n’umwe asubira kubaremereza imitwaro y’ubuja bw’ivyagezwe.
2Muvyumve neza! Jewe Pawulo, ndababwiye nti: Nimba mwizeye ko ugukebwa kwanyu kubaha ukugororoka imbere y’Imana, kuri mwebwe Kristo nta co azoba amaze na gatoya.3Ndongeye kandi ndabibabwiye. Nimba mugomba gukebwa kugira ngo mwemerwe n’Imana, mutegerezwa kwitondera no gukurikiza ivyagezwe vya Mose vyose ata na kimwe kivuyemwo.4Kuko iyo mugerageza kurondera kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mu kwitondera ivyagezwe, muba mutandukanijwe na Kristo, muba mutakariye kure y’ubuntu bw’Imana.5Ariko twebwe turi muri Mpwemu twiteganye igishika kwakira mu kwizera ukugororoka Imana yadusezeraniye.6Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.
7Mwariko mugenda neza mu rugendo rwanyu. None ni nde yabatangiriye akababuza kwumvira ukuri?8Ivyo mwemejwe, ntivyavuye kuri umwe yabahamagara.9Izo nyigisho, ni “umwambiro mukeya ariko ukakamisha irobe ryose.”10Nizeye ko Imana izobarinda kwakira inyigisho zitari zo. Abariko babatera ukwo kuzazanirwa uko bari kwose bazobihanirwa.11Bene Data, nimba ngishishikara kwigisha ivyo gukebwa nk’uko bamwe babivuga, kubera iki noba nkiriko ndahamwa? Iyo mba ntacigisha agakiza kava ku musaraba wa Kristo, nta n’umwe biba bitsitaza.12Icompa abo babateramwo imivurungano, ngo mukebwe, bakagera aho bonyene bikona ubwabo.

Ubugingo bwo mu Mpwemu

13Bene Data, mwebwe mwahamagariwe kwidegemvya. Ariko uwo mwidegemvyo ntubatere kurondera guhaza ivyipfuzo vya kamere k’icaha. Ahubwo urukundo rukwiye gutuma mukorera bagenzi banyu.14Ivyagezwe vyose bikoraniye muri iri bwirizwa rimwe rivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.” 15Ariko nimba mwama mufise ivyo mupfa, mukama muryana, mwirinde ntimumarane.
16Ndababwira nti: Murongorwe na Mpwemu Yera ni ho mutazoshitsa ivyo kamere k’icaha kanyu kipfuza.17Kuko kamere k’icaha kipfuza ibinyuranye n’ivyo Mpwemu agomba, kandi ivyo Mpwemu yipfuza binyuranye n’ivyo kamere k’icaha kipfuza. Vyompi bigwanira muri mwebwe mugasanga ntimushobora gukora ivyo mushaka.18Ariko nimwarongorwa na Mpwemu Yera ntimuzoba mukiganzwa n’ivyagezwe vya Mose.
19Ibikorwa vya kamere muntu biragaragara, ni ibi: ubusambanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke,20Gusenga ibigirwamana, uburozi, urwanko, amatati, ishari, uburake, ukwikunda, ukwicamwo ibice, kwitandukanya,21ukwipfuza kubi, akaborerwe, kurya birenze urugero n’ibindi bene ivyo. Ndababuriye ubugira kabiri, ko abakora ibintu nk’ivyo batazoragwa Ubwami bw’Imana.
22Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa,23ubugwaneza, n’ukwirinda. Ibi nta cagezwe kibibuza.24Aba Kristo Yesu baba barabamvye kamere muntu kabo hamwe n’ivyo gahahamiye n’ivyo kipfuza.25None rero, ko tubayeho ku bwa Mpwemu, reka turongorwe na we mu buzima bwacu bwose.26Twoye kwikakisha, twirinde kwandurutsanya no kugiriranira ishari.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e