Ezekiyeli35

Imburi kuri Edomu

1Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti:2“Mwana w’umuntu, hindukira urabishe amaso ku musozi Seyiri, uvugishwe ibibi biherekeye,3uvuga uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nzokugwanya yewe wa musozi Seyiri, kandi nzokuramvurirako ukuboko kwanje, ndakurandure ndaguherengeteze.4Ibisagara vyawe nzobisiga ari imisaka, nawe usigare uri agahinga. Ni ho uzomenya ko ndi Uhoraho.
5Ko mwagiriye urwanko rudashira Abisirayeli mu kabatanga ngo bamarwe n’inkota igihe bari bageze kugesezwa, uguhanwa kwabo kwuzuye,6ndabarahiye ukuri nk’ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze, amaraso yawe azoseseka, kandi uguseseka kwayo kuzokwomako. Ko utagwanije ugusesa amaraso, uguseseka kw’ayawe kuzokwomako.7Umusozi Seyiri nzowusiga ugaragara, nice abagerageza guhunga hamwe n’abagaruka.8Imitumba yaho nzoyuzuza imivyimba; abishwe n’inkota bazogwa ku dusozi, mu biyaya no mu nzuzi.9Nzohagira umusaka ibihe vyose; ibisagara vyaho ntibizosubira kwubakwa. Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho.
10Ko muvuga muti: Ibihugu vya Isirayeli na Yuda bizoba ivyacu kandi tuzovyegukira, naho Uhoraho ari ho ari,11none rero ndahiye ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze, nzobasubiriza mu nkoko ibihwanye n’ishavu n’akazikira mwerekanye mu rwanko mubanka, kandi nzokwimenyekanisha muri bo ninaguhana.12Ni ho muzomenyera ko jewe Uhoraho numvise ibitutsi mwatutse imisozi ya Isirayeli. Kuko mwibwiye muti: Yahindutse agahinga none twayihawe nk’indya ngo tuyishihagure.13Mwarampagurukiye mu majambo yanyu muntuka ubudahumeka, maze nanje ndavyumva.14Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Isi yose izonezerwa ninakurandura nkaguherengeteza.15Ko wahimbawe igihe amatongo ya Isirayeli yacika agahinga, uko ni ko nawe nzokugira. Uzosigara uri agahinga, yewe wa musozi Seyiri, hamwe na Edomu hose. Maze muzomenya ko jewe ndi Uhoraho.’

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e