Ezekiyeli34
Uhoraho azoba umwungere wa Isirayeli
1Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti:2“Mwana w’umuntu, burira abungere ba Isirayeli, ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Muragowe mwa bungere ba Isirayeli, mwebwe mwitaho ubuzima bwanyu gusa! Mbega umwungere ntiyari akwiye kwitwararika ibitungwa vyiwe?3Murya ibinure vyavyo, mukambara ubwoya bwavyo, mukabaga vyizavyiza gusumba ibindi, ariko mutavyitaho.4Ntimwafashije izifise intege nke gukomera, ngo muvure izigwaye canke ngo mwunge izavunitse. Ntimwagaruye izashwiragiye, canke ngo murondere izazimiye.5Zarashwiragiye kuko zabuze umwungere, hanyuma zicika ivyokurya vy’ibikoko.6Intama zanje zayerereye ku misozi no ku mitumba miremire. Zashwiragiriye kw’isi hose, kandi nta wagiye kuzirondera.7None rero, yemwe bungere, nimwumve ijambo ry’Uhoraho:8Ni ukuri nk’ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze, ko intama zanje zabuze umwungere, zikaba iminyago n’ivyokurya vy’ibikoko, kandi ko abungere batazirondeye ariko bakitaho ubuzima bwabo aho kwitwararika intama zanje,9nimwumve yemwe bungere ijambo ryanje jewe Uhoraho:10Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Nzogwanya abo bungere kandi nzobaharurako intama zanje. Nzobakura mw’ibango ryo kuragira intama zanje babure ico barya. Nzokiza intama zanje akanwa kabo, ntizizoba zikiba ivyokurya vyabo.11Kuko uku ari ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Nzokwironderera intama zanje ndaziragirire.12Nzozirondera nk’uko umwungere arondera intama zamuzimiranye. Nzozikiza ndazikuye ahantu hose zashwiragiriye ku musi w’ibipfungu n’umwijima.13Nzozizana ndazikuye mu mahanga, ndazegeranye ndazikuye mu bindi bihugu, ndazizane mu gihugu cazo. Nzoziragira ku misozi ya Isirayeli, ku nzuzi no mu mihana yose yo mu gihugu.14Nzoziragira mu bwatsi bwiza, n’imitumba miremire ya Isirayeli izoba uburagiro bwazo. Zizovyagira mu gihugu gitotahaye, zirishe ubwatsi bwiza bwo mu mitumba ya Isirayeli.15Jewe ubwanje ni jewe nzokwiragirira intama zanje, nongere ndazivyagize, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.16Nzorondera izatakaye, ngarure izazimiye.17Namwe busho bwanje, Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: nzoca urubanza hagati y’igitungwa n’ikindi, hagati y’impfizi y’intama n’impfizi y’impene.18Mbega ntimuhagijwe no kurisha mu buragiro bwiza? None muca muhonyanga n’ubwatsi busigaye? Mbega kunywa amazi meza ntibihagije? None ni ngombwa ngo mutobe ayasigaye?19None ubusho bwanje buzorya ubwatsi mwahonyanze, bunywe amazi mwatovye n’ibirenge vyanyu?’ ”20None rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji azibwiye: “Nzoca urubanza hagati y’izinamvye n’izivyibushe.21Kuko izivyubushe zasunuje ibitugu izinamvye, zikazisekesha amahembe yazo gushika zizisohoye hanze.22Nzorokora intama zanje, kandi ntizizosubira kunyagwa. Kandi nzocira urubanza intama n’iyindi.23Nzoziha umumwungere umwe, umusavyi wanje Dawidi, na we azoziragira; azoziragira abe umwungere wazo.24Jewe Uhoraho nzoba Imana yazo, umusavyi wanje Dawidi na we azoba umuganwa muri zo. Ni jewe ndabivuze.25Nzogirana isezerano ry’amahoro na zo, nirukane ibikoko mu gihugu, kugira ngo zishobore kuba mu bugaragwa kandi ziryame mu mashamba zitekanye.26Nzozihezagira, mpezagire n’imitumba izikikuje. Nzozirungikira imvura mu gihe kibereye, imvura y’umugisha.27Ibiti vyo mu mirima bizokwama ivyamwa, isi na yo yeze ibiterwa; abantu bazoba amahoro mu gihugu cabo. Kandi bazomenya ko ndi Uhoraho, ninamara kuvunagura ivyuma vy’ingogo zabo, nkabakiza mu maboko y’ababagize abagurano.28Ntibazosubira kunyagwa n’amahanga, kandi n’ibikoko ntibizosubira kubarya. Bazoba amahoro, kandi nta n’umwe azosubira kubatera ubwoba.29Nzobaha igihugu kizwi ko cimbuka cane, ntibazosubira kwicwa n’ikigoyi muri ico gihugu kandi nta gitutsi c’ayandi mahanga kizongera kubabako.30Ni ho bazomenyera ko jewe ndi Uhoraho Imana yabo, ko ndi kumwe na bo, kandi ko Abisirayeli ari abantu banje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.31Yemwe busho bwanje, ntama zo mu buragiro bwanje, muri abantu banje, nanje ndi Imana yanyu, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.”Biblica, Inc.