Ezekiyeli30
Intimba ku bwa Egiputa
1Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti:2“Mwana w’umuntu, vugishwa maze uvuge uti: Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:‘Koma induru uvuga uti:Ese umusi mubi!3Kuko uwo musi uri hafi,umusi w’Uhoraho uri hafi,umusi wuzuye ibicu n’igipfungu,umusi wo gucira imanza amahanga.4Inkota izotera Egiputa,Etiyopiya hazokwuzura imibabaro.Abasogoswe bazogwa muri Egiputa,ubutunzi bwaho buzonyagwa,imfatiro zaho zisenyurwe.5Etiyopiya, Libiya, Ludi na Arabiya hose hamwe n’ayandi mahanga yari yifatanije na yo, azomarwa n’inkota hamwe na Egiputa.6Kuko ibi ari vyo jewe Uhoraho mvuze:Amahanga yifatanije na Egiputa azotemba,n’inkomezi bishimiye zizohinduka ubusa.Kuva i Migidoli gushika muri Asuwanibazomarwa n’inkota,ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.7Hazohinduka agahinga,nk’ibindi bihugu vyahindutse agahinga,ibisagara vyaho bizotembabibe nk’ibindi bisagara vyabaye imisaka.8Maze bazomenya ko jewe ndi Uhoraho,ninamara guturira Egiputa,ngatikiza abifatanije na co.9Uwo musi intumwa zizova imbere yanje, zifate amato zije gutera ubwoba Etiyopiya bibaza ko bari mu mahoro. Bazogira agahinda kuri uwo musi w’ivyago vya Egiputa, kandi uwo musi nta nkeka urashitse.10Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze:Nzozimanganya ingabo za Egiputankoresheje ukuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babiloni.11We n’ingabo ziwe ziteye ubwoba,bazozanwa gutikiza igihugu.Bazosokora inkota zabo bagwanye Egiputa,igihugu cose bacuzuze imivyimba.12Nzokamya imigende y’uruzi Nili,igihugu na co ndakidandaze ku nkozi z’ikibi;Nkoresheje ukuboko kw’abanyamahanga,igihugu cose n’ibikirimwo nzobihindura ruhebwa,ni jewe Uhoraho ndabivuze.13Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze:Nzotikiza ibigirwamana vyabo,nkureho ibishushanyo vy’i Memfisi.Nta muganwa azosubira kurangwa muri Egiputa,kandi nzokwiragiza ugucika ivutu mu gihugu cose.14Amajaruguru ya Egiputa nzoyagira agahinga,ncane umucanwa i Zowani,ntange igihano kuri Tebesi.15Nzosuka uburake bwanje kuri Pelusiyumu,no ku nzitiro za Egiputa,n’abantu b’i Tebesi ndabakureho.16Nzoturira Egiputa,Pelusiyumu yicwe n’iminiho.Tebesi hazofatwa n’igihuhusi,Memfisi na ho hagume mu kabonge.17Imisore y’i Heliyopolisi n’i Bubasitisiizokwicwa n’inkota,kandi abanyagisagara na bo batwarwe nk’inyagano.18Umusi w’umwijima uzoshika i Tafanihesiigihe nzovuna ingogo ya Egiputa;aho ni ho inkomezi zaco zizoherera.Hazotwikirwa n’ibipfungu,imihana yaho yose itwarwe nk’inyagano.19Uko ni ko nzoshitsa igihano kuri Egiputa,kandi bazomenya ko jewe ndi Uhoraho.’ ”Amaboko ya Farawo azovunagurwa
20Mu mwaka ugira icumi na kabiri, mu kwezi kwa mbere, ku musi w’indwi umwami Yehoyakini ari mu kinyago, ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri jewe riti:21“Mwana w’umuntu, navunye ukuboko kwa Farawo umwami wa Egiputa. Kandi ukuboko kwiwe ntikwunzwe ngo gukire gushobore gufata inkota.22Ni co gituma, ibi ari vyo jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Nzogwanya Farawo Umwami wa Egiputa. Nzomuvunagura amaboko yompi, ugukomeye n’ugusanzwe kuvunitse, maze inkota yiwe ive mu kuboko kwiwe ikorokere hasi.23Nzoshwiragiriza Abanyegiputa mu mahanga, ndabasanzarize mu bindi bihugu.24Nzokomeza ukuboko kw’umwami w’i Babiloni, ndamufatishe inkota yanje mu kuboko kwiwe, ariko nzovunagura amaboko ya Farawo, maze azonihira imbere yiwe nk’uwugira yicwe n’inguma.25Nzokomeza amaboko y’umwami w’i Babiloni, ariko amaboko ya Farawo nzotuma adendebukirwa. Maze bazomenya ko jewe ndi Uhoraho, ninashira inkota yanje mu kuboko kw’umwami w’i Babiloni, maze akayibangurira kugwanya Egiputa.26Nzoshwiragiriza Abanyegiputa mu mahanga, ndabasanzaze mu bihugu. Ni ho bazomenyera ko jewe ndi Uhoraho.”Biblica, Inc.