Ezekiyeli21

Imana izokoresha Babiloni nk’inkota y’urubanza

1Ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri jewe riti:2“Mwana w’umuntu, hanga amaso yawe Yerusalemu, uvugishwe werekeza ku rusengero, hamwe n’igihugu ca Isirayeli,3uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Ehe ngiye kukugwanya. Nzokura inkota yanje mu rwubati ndandure abanyakibi n’abagororotsi bose hamwe.4Ko nzokwica abanyakibi n’abagororotsi, inkota yanje izova mu rwubati, izokwica idasize n’umwe uhereye mu bumanuko ugashitsa mu buraruko.5Maze abantu bose bazomenya ko ari jewe Uhoraho nakuye inkota mu rwubati; kandi sinzoyisubizayo itarangije igikorwa.’
6None rero, mwana w’umuntu, boroga! Borogera imbere yabo, wuzuye intimba n’agahinda.7Nibakubaza bati: ‘Ni kubera iki uboroga?’ Ubishure uti: ‘Ni kubera inkuru numvise z’ibigiye gushika. Umutima wose uzoshongeshwa n’ubwoba, n’amaboko yose adendebukirwe; imitima izocika ivutu, amavi yose azoregarega, acike amazi. Bigiye kuza! Nta kabuza bizoshika, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.’ ”
8Ijambo ry’Uhoraho rimbwira riti:9“Mwana w’umuntu, vugishwa, uvuge uti: ‘Uku ni ko Imana ivuze:Inkota, inkotaikarishe cane kandi ikayangana,10yakarihirijwe gusogotaihanagurwa ngo ice ibibatsi nk’imiravyo!Mbega hari uwotwenga? N’ababasumvya inkomezi barahindikiranye musi y’ububasha bwayo.11Inkota yateguwe ngo ihanagurwe,ishirwe mu kuboko;iriko irakarishwa yongera ihanagurwango ishirwe mu kuboko kw’uwuririka.12Mwana w’umuntu, koma induru uboroge;kuko iteguriwe abantu banje,n’abaganwa bose ba Isirayeli.Bashitsweko n’inkotabari kumwe n’abantu banje.None rero niwikubite mu gikiriza.
13Ico gipimo ntikizobura kuza. Ariko bizomera gute kuri iyo nkoni y’ubwami, inkota niyayikengera, maze ikayibuza kubandanya? Ni ko Uhoraho Nyeninganji abaza.14None rero mwana w’umuntu, vugishwaukubita amashi ku yandi.Reka iyo nkota ikubite kabiri,ndetse na gatatu.Ni inkota yo gusogota,kandi ni iyo kuririka cane,ibakikuje impande zose.15Imitima yabo nishongeshwe n’ubwoba,n’abahindikirana babe benshi.Nayiteguriye gutikiza,kandi iri ku marembo yabo yose.Raba! Yakozwe ngo ikubite kurya kw’umuravyo,yakiriwe ngo itikize.16Wa nkota we, rabagiza i buryo,hanyuma ubangurirwe i bubamfu,uhindukirire iyo ubugi bwawe buraba hose.17Nanje nzokubita amashi ku yandi,ishavu ryanje rigabanuke,ni jewe Uhoraho ndabivuze.’ ”
18Uhoraho antumako ijambo ati:19Mwana w’umuntu, shiraho inzira zibiri, izo inkota y’umwami w’i Babiloni izocamwo. Ushire ikimenyetso ku nzira izanana mu gisagara c’i Babiloni, aho yigaburiramwo kabiri.20Ushire ikimenyetso ku nzira inkota izocamwo, kimwe ku nzira ija i Raba h’Abamoni, ikindi ku yija i Buyuda mu gisagara kizitiye ari co Yerusalemu.21Kuko umwami w’i Babiloni azohagarara ku mayirabiri, aho izo nzira zompi zishamikira, kugira ngo araguze. Azozungagiza imyampi, abaze ibigirwamana, asuzume ibitigu vy’ibikoko vyatanzweko ibimazi.22Maze ikigirwamana kiri i buryo kimwereke Yerusalemu, amarembo yaho azoyasenyaguze ibiti bininibinini, atange itegeko ryo gutikiza, bakome akaruru k’intambara, bubake ibigigira vyo gutera amarembo, arunde ibirundo vy’ivu vyo kwuririrako, ahakikuze kugira ngo ahatere.23Ariko ab’i Yerusalemu bazobifata nk’aho ari indagu y’ikinyoma, kuko bafise isezerano bagiranye na Babiloni. Ariko umwami w’i Babiloni we azobibutsa ivyaha vyabo, aheze abatere, abatware nk’inyagano.
24None rero uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: “Kubera yuko, mwatumye ivyaha vyanyu vyibukwa mu kwerekana ubugarariji bwanyu, mukagaragaza ivyaha mu vyo mukora vyose, ni co gitumye mutwarwa nk’inyagano.
25Nawe wa munyakibi we, wa muganwa wa Isirayeli, washikiwe n’umusi mubi, igihe co guhanwa kwawe kigiye cashika,26ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: ‘Ikureko umwitwikiro, wambure n’urugori rw’ubwami. Ntibizosubira kuba uko vyahoze: abaciye bugufi bazoshirwa hejuru, abashizwe hejuru na bo bazocishwa bugufi.27Umusaka! Umusaka! Nta kabuza nzohahindura umusaka! Urugori rw’ubwami ntiruzosubira kwambarwa, gushika aho nyenerwo azozira, uwo ni we nzoruha.’
28Nawe mwana w’umuntu, vugishwa uvuge uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji abwiye Abamoni, ku bw’ibitutsi vyabo:Inkota, inkota,isokowe ngo isogote.Ihanaguwe ngo itikize,ikayangana nk’umuravyo!29Naho mufise indoto zibesha zivuga ibiberekeyen’indagu z’ibinyoma babaraguriye,izoshirwa ku mazosi yanyuabanyakibi bategerezwa gusogotwa,abo igihe cabo cashitse,kandi abo igihe cabo co guhanwa cabaye ntarengwa.
30Ubu subiza inkota mu rwubati,kuko mu kibanza waremewemwo,mu gihugu ca ba sekuruza,ni ho nzogucira urubanza.31Nzogusukako uburake bwanje,ndakwimarireko ishavu.Nzokurekurira mu maboko y’inkozi z’ikibibamenyereye kwica rubi.32Uzoba ibitoro vyo gucanwa,amaraso yawe aseseke mu gihugu cawe.Ntuzosubira kwibukwa;ni jewe Uhoraho ndabivuze.’ ”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e