Gusubiramwo6

Mukundishe Uhoraho Imitima yanyu yose

1Aya ni yo mategeko, amabwirizwa n’ivyagezwe Uhoraho Imana yanyu yampaye ngo ndabibigishe, kugira ngo muzobikurikize nimwamara gushika mu gihugu, ico mugira mwinjiremwo mujabutse Yorodani mukacegukira,2kugira ngo mwe n’abana banyu n’abuzukuru banyu muze mwame mutinya bifatanije n’ukwubaha Uhoraho Imana yanyu, ukubaho kwanyu kwose, mukurikiza aya mabwirizwa n’ivyagezwe ndabaha uwu musi, kugira ngo muzonezerererwe kurambira muri ico gihugu.3Tega amatwi yewe Isirayeli, kandi witeho cane kwumvira kugira ngo ivyawe bizogende neza, ugwirire cane mu gihugu gitemba amata n’ubuki, nk’uko Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabigusezeraniye.
4Tega amatwi, yewe Isirayeli: Uhoraho Imana yacu, ni yo Mana imwe rudende.5Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, umushaha wawe wose, n’inkomezi zawe zose.6Aya mabwirizwa ndabahaye uwu musi azokwame mu mitima yanyu.7Muzokwame muyigisha abana banyu. Muzohore muyaganirako mwicaye i muhira canke muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse.8Muzoyabohere ku maboko, muyambare no mu ruhanga nk’ivyibutso.9Muzovyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu, no ku nzugi z’amarembo yanyu.
10Uhoraho Imana yanyu niyabashikana mu gihugu yasezeraniye ba sogokuruza Aburahamu, Isaka na Yakobo ko azokibaha, igihugu cuzuye ibisagara bininibinini mutubatse,11amazu yuzuye ivyiza vyinshi mutarondeye, amariba mutimvye, inzabibu n’imyelayo mutateye maze mukabirya mugahaga,12muze mwirinde, ntimuze mwibagire Uhoraho yabakuye muri Egiputa, mu gihugu c’ubuja.
13Wubahe Uhoraho Imana yawe, abe ari yo yonyene ukorera. Niwagira indahiro, uze urahire mw’izina ryayo gusa.14Ntimuzosenge imana z’amahanga azoba abakikuje;15kuko Uhoraho Imana yanyu iba muri mwebwe ari Imana ipfuha. Uburake bwayo bwobaziriringira ikabarandura, ikabakura kw’isi.16Ntimukagerageze Uhoraho Imana yanyu nk’uko mwabigize i Masa.17Ariko muzokurikize amabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, hamwe n’ivyagezwe n’amategeko yose yabahaye.18Muzokore ibiroranye mu nyonga z’Imana, kugira ngo ivyanyu bizogende neza. Ni ho muzokwinjira mukegukira ico gihugu ciza cane Uhoraho yasezeraniye ba sogokuruza ko azokibaha, mukakibamwo.19Muze mwirukane abansi banyu bose baba muri ico gihugu, nk’uko Uhoraho yabivuze.
20Mu myaka iri imbere abana banyu bazobabaza bati: “Mbega ivyagezwe, amabwirizwa n’amategeko Uhoraho Imana yacu yabahaye bisigura iki?”21Muzobishure muti: “Twari abagurano ba Farawo muri Egiputa, ariko Uhoraho yadukujeyo ukuboko kwiwe kw’inkomezi.22Uhoraho yakoze ibimenyetso n’ibitangaza biteye ubwoba, bishika kuri Egiputa no kuri Farawo n’abantu biwe amaso yacu avyibonera.23Kandi, yadukuye muri Egiputa kugira ngo aduhe igihugu yari yarasezeraniye ba sogokuruza bacu.24Uhoraho yadutegetse gukurikiza aya mategeko no gutinya Uhoraho Imana yacu bifatanije no kumwubaha, kugira ngo ivyacu bizogende neza, twongere turambe nk’uko biri uno musi.25Kuko nitwakurikiza neza ibi vyagezwe vy’Uhoraho Imana yacu vyose nk’uko yabidutegetse, ni vyo bizoba ukugororoka kwacu.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e