Gusubiramwo5

Amabwirizwa icumi

1Mose Ahamagara Abisirayeli bose arabakoranya, ababwira ati: Tega amatwi yemwe Bisirayeli! Umviriza ivyagezwe n’amabwirizwa ndabahaye uwu musi, kugira ngo muyige mwongere muyakurikize.
2Uhoraho Imana yacu yagiranye isezerano natwe ku musozi Horebu.3Iryo sezerano Uhoraho ntiyarigiranye na ba sogokuruza, yarigiranye na twebwe, twebwe abakiriho uno musi.4Uhoraho yivuganiye namwe imbonankubone ari mu muriro kuri wa musozi.5Ico gihe nari nk’umuhuza hagati y’Uhoraho namwe kugira ngo ndabashikirize amajambo y’Uhoraho, kuko mwari mwatinye umuriro ntimwaduga ku musozi.
Yaravuze iti:
6“Ndi Uhoraho Imana yawe, yagukuye muri Egiputa, igihugu wabayemwo uri umugurano.7Ntukagire izindi mana umbangikanya.8Ntukibazire ikigirwamana mw’ishusho y’ikintu na kimwe, caba ico hejuru mw’ijuru canke hasi kw’isi, canke i kuzimu, canke mu biyaga.9Ntuzovyikubite imbere canke ngo ubikorere, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi Imana ipfuha, mpanira abana ivyaha vya ba sekuruza babo gushika ku runganwe rwa gatatu n’urwa kane rw’abanyanka.10Ariko abankunda bagakurikiza amabwirizwa yanje, ndabereka urukundo gushika ku runganwe rw’igihumbi.11Ntukavuge izina ry’Uhoraho Imana yawe ku busabusa. Kuko Uhoraho atazobura guhana abakoresha izina ryiwe ukutariko.12Wame uhimbaza umusi w’Isabato, uzokwame ari umusi wejejwe nk’uko Uhoraho Imana yawe yabigutegetse.13Uze ukore ibikorwa vyawe vyose mu misi itandatu,14ariko umusi w’indwi ni Isabato y’Uhoraho Imana yawe. Kuri uwo musi, ntuzogire igikorwa na kimwe uwukorako, yaba wewe, umuhungu canke umukobwa wawe, yaba umukozi wawe w’umuhungu canke w’umukobwa, impfizi, indogoba canke ikindi gitungwa cawe ico ari co cose, canke umunyamahanga aba iwawe, kugira ngo umukozi wawe w’umuhungu n’uw’umukobwa bazoruhuke nk’uko nawe uzoba uruhutse.15Mwibuke ko mwari abagurano muri Egiputa, kandi ko Uhoraho Imana yanyu yabakujeyo ikiganza gikomeye, n’ukuramvura ukuboko kwiwe kw’inkomezi. Ni co gituma Uhoraho yabategetse guhimbaza umusi w’Isabato.16Wubahe so na nyoko nk’uko Uhoraho yabigutegetse, kugira ngo uzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yawe iguhaye, kandi ivyawe bizogende neza.17Ntukice.18Ntugasambane.19Ntukibe.20Ntukarementanirize ibinyoma mugenzawe.21Ntukipfuze umugore wa mugenzawe. Ntukipfuze inzu yiwe canke itongo, umukozi wiwe w’umuhungu canke w’umukobwa, inka yiwe canke indogoba, canke ikindi kintu cose ca mugenzawe.”
22Ibi ni vyo vyagezwe Uhoraho yavuze n’ijwi rirenga abibwira ikoraniro ryanyu kuri wa musozi ari mu muriro, mu gicu no mu mwijima ukomeye; kandi nta kindi yongeyeko. Yaciye avyandika ku bisate bibiri vy’amabuye, arabimpa.
23Ariko igihe mwumva ijwi riva mu mwijima, kandi umusozi wuzuyeko imbeya z’umuriro, abatware b’imiryango yanyu bose baje aho ndi.24Barambarira bati: “Uhoraho Imana yacu yatweretse ubwiza bwiwe n’ubukuru bwiwe, kandi twiyumviye ijwi ryayo ivugira mu muriro. Uwu musi twiboneye ko Imana ishobora kuvugana n’umuntu kandi akabaho.25None rero ni kubera iki twokwishira mw’irinde ry’urupfu? Uhoraho Imana yacu niyasubira kuvugana natwe, nta kabuza tuzopfa. Urya muriro uhambaye uratuyigiza.26Mbega hari umuntu buntu ashobora kwumva ijwi ry’Imana ivugira mu muriro nk’uko twayumvise, hanyuma akabaho?27None rero nabe ari wewe ugenda wegere wumvirize ico Uhoraho Imana yacu avuga, hanyuma ugaruke utubwire ivyo yakubariye vyose, natwe tuzokwumvira tubikurikize.”
28Uhoraho yarabumvise igihe mwambarira ukwo, araheza ambarira ati: “Niyumviye ivyo abo bantu bakubwiye, kandi ivyo bavuze vyose ni vyiza.29Ese imitima yabo yokwama yicisha bugufi, bakantinya bakongera bakanyubaha, bakama bakurikiza amabwirizwa yanje, kugira ngo ivyabo bize bigende neza kuri bo no ku ruvyaro rwabo, ibihe vyose.
30Genda ubabwire basubire mu mahema yabo.31Ariko wewe uce ugaruka ugume ngaha ndaguhe ivyagezwe, amabwirizwa n’amategeko uzobigisha, kugira ngo bazobikurikize nibamara gushika mu gihugu ngira ndabahe ngo bacegukire.”
32None rero mwiyubare kugira ngo muzokore ivyo Uhoraho Imana yanyu abategeka vyose, ntihagire na kimwe muzoca i ruhande.33Muzogume mu nzira Uhoraho Imana yanyu azobereka, ni ho ivyanyu bizogenda neza, mukarambira muri ico gihugu muhawe ngo mucegukire.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e