Gusubiramwo15

Umwaka wo kurekurira abaheranye

1Uko imyaka indwi irangiye, uze uhebere imyenda abayigufitiye.2Uku ni ko bikwiye kugenda: Uwaguranye mugenziwe w’Umwisirayeli azomuhebere umwenda wiwe. Ntihazogire uwishuza umubanyi wiwe canke incuti yiwe y’Umwisirayeli, kuko igihe c’Uhoraho co guheberanira imyenda kizoba cageze.3Uzokwishuze abanyamahanga, ariko benewanyu b’Abisirayeli uzobahebere imyenda bagufitiye.4Kandi, ntihaze hagire umukene aba muri mwebwe, kuko Uhoraho Imana yanyu azobahezagiza ubutunzi mu gihugu abahaye ngo kibe iragi ryanyu,5nimwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu rwose, mugakurikiza amabwirizwa yose ndabahaye uno musi.6Uhoraho Imana yanyu azobahezagira nk’uko yabisezeranye, muzoha ingurane amahanga menshi, ariko mwebwe nta we muzoyisaba. Muzoganza amahanga menshi ariko mwebwe nta hangana na rimwe rizobaganza.
7Nimwashika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abajanyemwo, hanyuma hakagira umukene aba muri mwebwe, ntimuzokomantaze imitima ngo mureke kumusangiza ku vyo muzoba mufise.8Ariko muzopfumbaturure ibiganza, mumugurane ivyo akeneye vyose n’umutima ubikunze kandi mutagoberewe.9Ntihaze hagire ivyiyumviro bibi biba mu mitima yanyu, mwibwira muti: “Umwaka w’indwi, ari wo mwaka wo guheberanira imyenda urageze,” hanyuma ngo mureke kugurana benewanyu bari mu bukene, mukareka kubafasha. Azoririra Uhoraho, na we azobona ko mwakoze icaha.10Muzobagurane n’umutima ubikunze, ni ho Uhoraho Imana yanyu azohezagira ibikorwa vy’amaboko yanyu.11Hazokwama hariho abakene mu gihugu. Ni co gituma ndababwiye ngo muze mupfumbatururire ibiganza vyanyu benewanyu n’abakene bazoba bari muri mwebwe.

Ukwidegemvya kw’abagurano

12Nihagira Umuheburayo canke Umuheburayokazi yigurisha kuri mwebwe nk’umugurano akabakorera imyaka itandatu, ku mwaka ugira indwi muzomurekure yidegemvye.13Kandi nimwamurekura, ntimuzomurungike iminwe misa.14Muzomutekerere bimwe mu bitungwa vyanyu, ku vyimburwa bivuye ku mbuga zo gukubitirako ingano no ku mivinyu yanyu. Muzomutekerere bivanye n’uko Uhoraho Imana yanyu azoba yarabahezagiye.15Muze mwibuke ko namwe mwabaye abagurano muri Egiputa, Uhoraho Imana yanyu akabacungura. Ni co gutuma nanje ndabahaye iri bwirizwa uwu musi.
16Ariko umugurano wawe niyakubwira ati: “Singomba kuvana nawe,” kuko agukunda wewe n’umuryango wawe, kandi akaba amererewe neza iwawe,17uzofate icuma umutobore ugutwi ahagaze mu muryango w’inzu, hanyuma abe umugurano wawe ubuzima bwiwe bwose. Uzobikore gutyo no ku mugurano w’umukobwa.
18Kurekura umugurano wanyu ntuze ubifate nk’amananiza, kuko ibikorwa azoba yagukoreye muri iyo myaka itandatu bizoba bisumba kabiri ivyo umukozi uhemba yogukorera, kandi Uhoraho Imana yawe azohezagira ibikorwa vy’amaboko yawe.

Ibitungwa vy’uburiza

19Muzokwegurire Uhoraho Imana yanyu amashuri y’uburiza azovuka ku bitungwa n’imikuku vyanyu. Ntimuze mwigere murimisha ishuri nk’iyo kandi ntimuze mumwe impfizi z’intama zanyu.20Uko umwaka utashe umuntu wese hamwe n’umuryango wiwe muzoje murayarira imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mu kibanza azoba yaratoranije.21Hamwe igitungwa coba gifise agasembwa, gihumye canke gicumbagira, ntimuzogitangeko ikimazi c’Uhoraho Imana yanyu.22Ahubwo muzokirire mu bisagara vyanyu, abahumanye n’abadahumanye barashobora kukirya, nk’aho yoba ari ingeregere canke impongo.23Ariko ntimuze murye amaraso yaco. Amaraso yaco muzoyasese nk’amazi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e