Gusubiramwo14
Indya zihumanye n’izidahumanye
1Muri abana b’Uhoraho Imana yanyu. Nimwagandarira uwapfuye, ntimuzokwimoshe umushatsi wo mu ruhanga,2kuko muri ubwoko bwatoranijwe n’Uhoraho Imana yanyu. Mu yandi mahanga yose yo kw’isi, Uhoraho yatoranije mwebwe ngo mube ubutunzi bwiwe.3None rero ntimuzorye ikintu na kimwe kizira.4Ibi ni vyo bikoko mwemerewe kurya: inka, intama, impene,5impongo, ingeregere, ifumberi, impene y’inyeshamba, inzobe, imbogo, hamwe n’intama y’inyeshamba.6Muremerewe kandi kurya igikoko cose gifise ikinono gisatuye kandi cuza ivyo cariye;7ariko ibidafise ibinono bisatuye kandi bituza, ntimuzobirye. None rero ntimuze murye ingamiya, agakwavu, canke inkezi, naho vyuza, ibinono vyavyo ntibisatuye; ivyo birahumanye kuri mwebwe.8Ingurube na yo nyene irahumanye, kuko naho ifise ibinono bisatuye, ntiyuza. Ntimuzorye inyama zavyo, ntimuzokore no ku mivyimba yavyo.9Mu biba mu mazi vyose, mwemerewe kurya ibifise amababa n’ibigaragamba.10Ibidafise amababa n’ibigaragamba ntimuze mubirye, birahumanye kuri mwebwe.11Murashobora kurya ibiguruka vyose bidahumanye.12Ariko ibi bikurikira ntimuzobirye: inkona, ikinyakabaka, inkukuma,13ikinyamwanira, icaruzanyoni nk’uko amoko yavyo ari,14ubwoko bwose bw’ibikona,15ikigendabunyovu, sarumfune, inguriguri, n’amoko yose y’ubuca;16igihuna, ikirovyi, inyanana,17ikinyamwanira, inkongori, ikiryamivyimba,18agasoza, ubwoko bwose bw’inyange, samunsure, n’agahungarema.19Udukoko twose dufise amababa tukagendera ku maguru ane, turahumanye kuri mwebwe, ntimuze muturye.20Ariko ibindi bikoko vyose bifise amababa bidahumanye muzobirye.21Ntimuzorye ikintu na kimwe muzosanga capfuye. Muzobihe abanyamahanga bazoba bari muri mwebwe, canke muzokigurishe ku banyamahanga. Ariko mwebwe ntimuzokirye kuko muri ubwoko bwejejwe kubera Uhoraho Imana yanyu.Ntimuzotekeshe umwagazi w’impene amata ya nyina wayo.
Ibigiracumi
22Muzokwame mwegeranya ikigiracumi c’ivyo mwimbuye mu mirima yanyu ku mwaka ku mwaka.23Muzorire ibigiracumi vyanyu vy’ingano, imivinyu misha, n’amavuta ya elayo, hamwe n’imfura z’ibitungwa n’imikuku vyanyu, mubirire imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mu kibanza azokwitoraniriza ngo citirirwe izina ryiwe, kugira ngo mumenye kwama mumutinya bifatanije no kumwubaha ibihe vyose.24Ariko ico kibanza kibaye kure yanyu, hanyuma Uhoraho Imana yanyu akaba yarabahezagiye mutoshobora gushikanayo ibigiracumi vyanyu,25muzokabe ibigiracumi vyanyu n’ifeza, muzijane mu kibanza Uhoraho Imana yanyu azoba yaratoranije.26Muzokoreshe izo feza mu kugura ivyo mukeneye, ari inka, intama, impene, imivinyu ihiye n’ibindi binyobwa vyose mwipfuza. Mwe n’imiryango yanyu muheze mubirire imbere y’Uhoraho Imana yanyu, munezerwe.27Kandi ntimuze mwibagire Abalewi baba mu bisagara vyanyu, kuko ata matongo canke iragi bafise mu bisagara vyabo.28Ku mpera y’umwaka ugira gatatu, muzozane ibigiracumi vy’ivyimburwa vy’uwo mwaka, mubishingure mu bubiko bw’ibisagara vyanyu,29kugira ngo Abalewi, bo badafise ishamvu yabo bwite barazwe, hamwe n’abanyamahanga, impfuvyi n’abapfakazi baba mu bisagara vyanyu baronke ico barya bahage, ni ho Uhoraho Imana yanyu azohezagira ibikorwa vy’amaboko yanyu.Biblica, Inc.