Amosi3

Ivyabona vyo kwagiriza Isirayeli

1Nimwumve iri jambo, yemwe Bisirayeli, ijambo Uhoraho yavuze abagiriza, yagiriza umuryango wose yaduganye akuye muri Egiputa. Yavuze ati:2“Ni mwebwe mwenyene natoranijemu miryango yose yo mw’isi;ni co gituma nzobahaniraivyaha vyanyu vyose.
3Mbega babiri bojanabatabanje kubisezerana?4Mbega intambwe yokwivugira mw’ishambaata co yishe?Mbega yokwivugira mu kibundo cayoata co yafashe?5Mbega inyoni yofatwa mu mutego ugaragaraata co kurya kirimwo ngo kiyikwege?Mbega umutego woshibukaata co wafashe?6Iyo inzamba ivuze mu gisagara,mbega abantu ntibahinda agashitsi?Mbega icago coza ku gisagara,atari Uhoraho akirungitse?
7Ni ukuri, Uhoraho Nyeninganji nta co akoraatabanje kugihishuriraabasavyi biwe b’abavugishwa.
8Intambwe yivuzeni nde atotinya?Uhoraho Nyeninganji avuze,ni nde yokwanka kumenyesha ivyo avuze?
9Nimumenyeshe abari mu bihome bikomeye vy’i Ashidodin’abo mu ngoro zikomeye zo muri Egiputa muti:‘Nimukoranire ku misozi y’i Samariya;mwirabire umuryano waho,n’agacinyizo kari mu bantu baho.’
10Ntibazi gukora ivyiza,” ni ko Uhoraho avuze,“bujuje mu mazu yabo akomeyeivyo banyaze, n’ivyo bakuye mu bwicanyi.”
11Nuko rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:“Umwansi azokwifatira igihugu canyu,asenyurire hasi iminara yaweanyage ibiri mu ngoro zawe vyose.”
12Uku ni ko Uhoraho avuze:“Nk’uko umwungere agerageza kurokora intama mu kanwa k’intambweakayaka amagufa y’amaguru gusa canke agace k’ugutwi,ni ko Abisirayeli baba i Samariya bazorokoka,bazokiza umutwe w’uburiri gusan’igice c’impuzu bisasiye.
13Nimwumve ibi kandi mubimenyeshe aba Yakobo,” ni ko Uhoraho Imana Mushoboravyose, avuze.14“Ku musi nzohanirako Abisirayeli kubera ivyaha vyabo,nzosambura ibicaniro vy’i Beteli;amahembe y’igicaniro azocibwaakorokere hasi.15Nzosenyurira hasi inzu yo mu gihe c’imbeho nyinshihamwe n’inzu yo mu gihe c’ubushuhe;amazu asharijwe n’amahembe y’inzovu azosamburwan’inyubakwa zagutse zizosamburirwa hasi,”ni ko Uhoraho avuze.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e